ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/03 rup. 8
  • Nufashe abari “mu mero nziza y’umutima”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nufashe abari “mu mero nziza y’umutima”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Gusubira kugendera abantu bishikana ku nyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ukwitegura ni ntahara kugira umuntu agire amasubirayo ari n’ico avamwo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 12/03 rup. 8

Nufashe abari “mu mero nziza y’umutima”

1. Ni bande Yehova ariko aritororokaniriza muri iki gihe cacu?

1 Umuntu wese ari n’ukuntu yimereye mu mutima wiwe w’ikigereranyo (Mat. 12:35). Bibiliya iravuga ivyerekeye umuntu afise ‘umutima w’intambara’ (Zab. 55:21). Bamwebamwe usanga ari abantu b’umutima w’ubukazi. Ariko kandi hariho abo usanga bari “mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera” (Ivyak. 13:48, NW). Muri iki gihe cacu, Yehova ariko aritororokaniriza abo bantu bari mu mero nziza y’umutima (Hag. 2:7). Twobafasha gute gucika abasenga Yehova?

2. Gushitsa ibanga tujejwe ryo guhindura abantu abigishwa bisaba iki?

2 Nusubire kubagendera ubishizeko umutima: Kubona mu buryo bubereye ivyo gusubira kugendera abantu ni ikintu gihambaye kugira ngo dushitse ibanga twashinzwe ryo guhindura abantu abigishwa (Mat. 28:19, 20). Twoba twihutira kwitwararika abantu bagaragaje ugushimishwa? Twoba dusubira kugendera abo bose bakiriye ibisohokayandikiro canke aberekanye ko bashimishwa n’inkuru nziza? Twoba dushishikara kugira utwigoro mu kubafasha gukura mu vy’impwemu? Kubera yuko ubuzima bugeramiwe, dukwiye kurondera kwitwararika abantu bose bagaragaza ugushimishwa.

3. Dukwiye gukora iki mu gihe duhejeje kuyaga n’umuntu mu busuku?

3 Mu gihe ucibuka ikiganiro wagiraniye n’umuntu yashimishijwe, nufate akanya wandike izina ryiwe na aderese yiwe. Niwandike ikibazo mwaganiriyeko, ivyanditswe vyose mwasomye be n’igisohokayandikiro wamuhaye. Mu nyuma, niwibuke gusubira kumugendera vuba bishoboka.

4. Dusubiye kugendera abantu twokora iki kugira ngo havemwo ivyiza?

4 Uburyo bwo gusubira kugendera umuntu: Igihe usubiye kugendera umuntu, ni ngirakamaro ko umugirira igishika, ukamufata nk’umugenzi ukongera ukamwitwararika bivuye ku mutima. Nugume woroheje ikiganiro cawe kandi ugume ugishingiye ku Vyanditswe. Nutegure ikibazo co kuganirako gikwegera gishingiye kuri Bibiliya, maze imbere y’uko musezerana, uvyure ikibazo uzokwishura niwagaruka. Vyoba vyiza wirinze kurwanya bidakenewe ivyiyumviro bidashingiye ku Vyanditswe vyoserurwa n’uwo wasanze ku muhana. Niwihatire kwubakira ku bintu muhurizako.—Kol. 4:6.

5. Ni akigoro akahe umutsimvyi umwe yagize, kandi kavuyemwo iki?

5 Gusubira kugendera abantu bisaba akigoro, mugabo biravamwo ivyiza bishimishije. Umutsimvyi umwe wo mu Buyapani yarishingiye umugambi wo kuza arasubira kugendera abantu kenshi uko ukwezi gutashe. Yaciye atangura kuza arandika abantu bose bahuye mu gikorwa c’inzu ku nzu, maze arasubira kubagendera hatarahera imisi indwi. Yarategura neza ivyo aza kuvuga akongera akarangura umurimo wiwe yizigiye bimwe bishitse ubutumwa yashikiriza. Igihe kimwe asubiye kugendera abo bari barayaze, yarashoboye gutangura inyigisho ya Bibiliya n’umuntu yavuze ati: “Namye nirukana abantu banyu. Ubu ni bwo bwa mbere nemeye gutega ugutwi”. Ukuba uwo mutsimvyi yarakomeye kw’ibanga abigiranye urukundo vyaravuyemwo ivyiza. Mu mpera z’ukwo kwezi yatanze raporo y’inyigisho cumi za Bibiliya.

6. Ni kubera iki dutegerezwa gukomera kw’ibanga mu bijanye no gusubira kugendera abantu?

6 Ivy’abantu vyama biriko birahindagurika (1 Kor. 7:31). Akenshi bisaba ko ugerageza incuro nyinshi kugira ngo wongere gusanga ku muhana umuntu yashimishijwe. Dusubiye kugendera abantu tubishizeko umutima, turashobora gufasha abari mu mero nziza y’umutima bagatangura kugendera mu nzira ijana mu buzima budahera.—Mat. 7:13, 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika