Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gucira inzira isubirayo
Igituma bihambaye: Igihe turonse umuntu ashimishwa, duca twipfuza kuzosubira kumugendera ku gihe azoba ari muhira kugira ngo tuvomere imbuto z’ukuri tuba twateye. (1 Kor. 3:6) Akenshi ivyo bisaba ko imbere y’uko tugenda, ducira inzira isubirayo mu kumenya igihe twogarukira. Vyongeye, ni vyiza gusiga tubajije ikibazo tuzoganirako tugarutse. Ivyo bizotuma umunyamuhana aturindirana igishika, kandi nimba inyishu y’ico kibazo iboneka mu gisohokayandikiro twamusigiye, azokwipfuza cane kugisoma. Gucira inzira ikiyago kizokurikira biratuma kandi kugira isubirayo vyoroha kubera ko muba mwaramaze guhitamwo ico muganirako, kandi umunyamuhana akaba asanzwe akizi. Igihe dusubiye kubonana na we, twomusigurira ko tugarutse kumwishura ikibazo twasize ubuheruka hanyuma tugaca tuduga kw’ijambo.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Igihe utegura ivyo uvuga mu busuku bw’inzu ku nzu, nutegure kandi ikibazo uzokwishura ugarutse. Nubwire ico kibazo abamamaji mwakoranye.