Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 8 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 8 NYAKANGA
Ururirimbo rwa 133 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 12 ing. 16-21, n’uruzitiro ruri ku rup. 127 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 22-25 (Imin. 10)
No. 1: Guharūra 22:36–23:10 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Kuki umugenzi yampemukiye?—yp2 rup. 92-98 (Imin. 5)
No. 3: Igituma dukeneye kwiyubara ku bijanye n’imvugo yacu—lv rup. 134 ing. 4–rup. 136 ing. 8 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: Tugaragaze imico myiza mu busuku. (2 Kor. 6:3) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye kuri ibi bibazo: (1) Kubera iki bihambaye ko tugaragaza imico myiza igihe turiko turamamaza? (2) Dushobora gute kugaragaza imico myiza igihe (a) dushitse mu cibare? (b) turiko turamamaza inzu ku nzu? (c) duhagaze imbere y’umuryango? (d) uwo turi kumwe ariko arayaga n’umunyamuhana? (e) uwo twasanze ku muhana ariko aravuga? (f) uwo twasanze ku muhana afatiriwe canke ikirere kitifashe neza? (g) uwo twasanze ku muhana adufashe nabi?
Imin. 15: “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gucira inzira isubirayo.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimushiremwo agakino ko kwivugana k’umwamamaji ariko aritegurira ubusuku. Arategura ikibazo azoca abaza umunyamuhana aramutse yemeye ibinyamakuru. Ico kibazo ategura ni ico azokwishura asubiye kugendera uwo muntu.
Ururirimbo rwa 68 n’isengesho