UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Kugira amasubirayo
IGITUMA BIHAMBAYE: Abashimishwa n’inkuru nziza kenshi baba barondera kumenya Imana. (Yes 55:6) Kugira ngo tubafashe kuyimenya intambwe ku yindi, dukwiye kwama dusubira kubagendera. Kubera ko abantu bahura n’ingorane zitandukanye, uburyo dukoresha kugira bagume bashimishwa si bumwe. Ariko rero, tuzorushiriza kuroranirwa nitwitegura neza kandi tukabagendera dufise intumbero twipfuza gushikako, mugabo umugambi nyamukuru ukaba ari ugutanguza inyigisho ya Bibiliya.
UKO TWOBIGIRA:
Gerageza gusubirayo vuba, nk’inyuma y’imisi mikeyi.—Mt 13:19
Muyagishe mu bugwaneza n’urupfasoni utekanye
Banza umuramutse n’igishika. Muhamagare mw’izina. Mwibutse igituma ugarutse kumuraba: ushobora kuba uje kwishura ikibazo kanaka, umuzaniye ikinyamakuru gishasha, kumwereka urubuga rwacu, akavidewo canke ingene twigisha abantu Bibiliya. Aramutse avuze ikindi kintu kimuraje ishinga, ba ari co uca ufatirako.—Fp 2:4
Mwereke iciyumviro co muri Bibiliya canke umusigire agatabu kugira uvomere imbuto z’ukuri wateye mu mutima wiwe. (1Kr 3:6) Gerageza kumugira umugenzi
Cira inzira ikiyago kizokurikira