Nusubire kugendera abo bose baba berekanye ko hari ukuntu bashimishijwe
1 Muri iki gihe benshi muri twebwe turi mu kuri kubera ko hari umuntu yitwararitse ukuntu twakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami maze akagaruka kutugendera yihanganye, kumbure akaba yaje incuro n’izindi kugira atsimbataze ukwo gushimishwa. Muri ubwo buryo nyene, na twe turakwiye gusubira kugendera abo bose baba berekanye ko hari ukuntu bashimishijwe. Vy’ukuri, gusubira kugendera abantu biri mu bigize igikorwa twashinzwe co “[g]uhindur[a] abantu abigishwa”.—Mat. 28:19, 20.
2 Nugerageze kuraba ko yashimishijwe: Naho nyene umuntu ataba yakiriye igitabu tumuhaye, ukuntu aba ameze mu maso, ijwi akoresha canke amajambo akoresha vyoshobora kutwereka ko hari ukuntu yashimishijwe n’ubutumwa bw’Ubwami. Dufatiye kuri ivyo, twoshobora kugaruka kumugendera. Umuvukanyi umwe yarasubiye kugendera umuntu imishamvu itanu ikurikirana nya muntu ata gitabu yakira. Ku ncuro igira gatandatu, uwo muntu yarakiriye igitabu, kandi amaherezo inyigisho ya Bibiliya yaratanguye.
3 Umaze kubona ko umuntu yashimishijwe, ca umusubirira udatebaganye, kumbure inyuma y’imisi mikeyi. Ntuhe “wa Mubi” akaryo ko gusahura ivyabibwe mu mutima w’uwo muntu (Mat. 13:19). Nimba waravuze ko uzosubira kumugendera igihe kinaka, uritwararika gushitsa ivyo wasezeranye.—Mat. 5:37.
4 Igihe wamamaza mw’ibarabara canke mu tugira: Woba ukora uko ushoboye kwose kugira ukurikirane umuntu ubonye ko ashimishijwe mu gihe uba uriko uramamaza mw’ibarabara canke mu tuyira canke igihe wamamaza akaryo kizanye? Muhejeje kuyaga, woshobora kuvuga uti: “Ndahimbawe n’ikiyago tugiraniye. Nogusanga he kugira twongere tuyaga?”. Mu gihe bibereye, abamamaji bamwebamwe boshobora guha uwo muntu yashimishijwe inomero zabo za telefone canke bakamubaza ko bomuha izabo na we akabaha iziwe. Mu gihe abantu bama bakubona wamamaza ahantu hamwe mw’ibarabara, boshobora kutagonanwa kuguha inomero zabo za telefone canke aderese yabo. N’igihe nyene bokwanka kukubwira ukuntu mwobonana, urashobora kandi kugerageza gutuma barushiriza gushimishwa igihe mwongeye guhurira muri iryo barabara.
5 Igihe tubonye ibiterwa twateye tukavomera bikuze neza, biratuma tugira umunezero. Mu buryo busa n’ubwo, turashobora kugira umunezero mwinshi mu gusubira kugendera abantu tukabafasha gutera imbere mu vy’impwemu (1 Kor. 3:6). Gusubira kugendera abo bose baba berekanye ko hari ukuntu bashimishijwe, nubigire ryo hangiro ryawe.