Ikiringo c’Icibutso ni akaryo ko kurushiriza gukora vyinshi!
1. Ni imvo izihe zotuma turimbura nimba twoshobora kuzorushiriza gukora vyinshi muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama?
1 Woba ushobora kwongereza uruhara ugira mu busuku mu kiringo c’Icibutso cimirije? Abamamaji bamwebamwe b’abanyeshure bazoba bari mu buruhuko, abakozi bamwebamwe na bo bazoba bari mw’ikonje. Uwo mwanya barashobora kuzowukoresha mu busuku. Kuva kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza, tuzogira isekeza ridasanzwe ryo gutumira abantu ngo babishimye bifatanye natwe ku Cibutso kizoba ku wa 17 Ndamukiza. Mu nyuma, tuzokwihatira gutsimbataza ugushimishwa kw’abazoba bitavye Icibutso maze tubatumire ku nsiguro idasanzwe izoshikirizwa mu ndwi itangura ku wa 25 Ndamukiza. Mu vy’ukuri, hariho imvo nyinshi zotuma turimbura nimba twoshobora kuzorushiriza gukora vyinshi muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama.
2. Uburyo bumwe bwiza cane bwo kurushiriza gukora vyinshi mu busuku ni ubuhe?
2 Ubutsimvyi bwo gufasha: Uburyo bumwe bwiza cane bwo kurushiriza gukora vyinshi ni ugukora ubutsimvyi bwo gufasha. Kubera ko twese dufise vyinshi ducurumbamwo, ivyo muri rusangi bisaba ko dutunganya ibintu imbere y’igihe tukagira n’ivyo duhinduye ku rutonde rwacu. (Imig. 21:5) Kumbure woshobora kureka ibikorwa bimwebimwe bidahambaye uhora ukora ukazobikora ikindi gihe. (Flp. 1:9-11) Ubona gute ubwiye abandi bo mw’ishengero icipfuzo ufise co gukora ubutsimvyi kugira ngo urabe ko bokwifatanya nawe mu kubukora?
3. Imiryango ishobora gute gutunganya ibintu kugira ngo izorushirize gukora vyinshi?
3 Mu kiringo ca wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango gikurikira, vyoba vyiza muganiriye imigambi yanyu uko mugize umuryango. (Imig. 15:22) Mufatanye mu mugongo, kumbure bamwebamwe mu bagize umuryango boshobora kuzokora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi kumwe canke arenga. Vyogenda gute nka hamwe mwobona ko bitazoshoboka? No muri ico gihe, umuryango urashobora gutunganya ibintu kugira ngo uzorushirize gukora vyinshi mu kugira uruhara mu busuku ku migoroba imwimwe canke mu kumara umwanya muremure mu busuku ku mpera z’imishamvu.
4. Ni imihezagiro iyihe uzokwironkera niwarushiriza gukora vyinshi mu busuku mu kiringo c’Icibutso cimirije?
4 Yehova arabona ivyo dukora vyose mu kumusukurira kandi arakenguruka ukuntu twitanga. (Heb. 6:10) Guha Yehova no guha abandi birazana umunezero. (1 Ngo. 29:9; Ivyak. 20:35) Woba ushobora kurushiriza gukora vyinshi mu kiringo c’Icibutso cimirije maze ukarushiriza kwironkera umunezero n’imihezagiro?