Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 14 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 14 RUHUHUMA
Ururirimbo rwa 72 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl Isubiramwo ry’ibijanye n’Ububasha, ibig. 4-10 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Nehemiya 9-11 (Imin. 10)
No. 1: Nehemiya 11:1-14 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ukuri ku vyerekeye ukubaho kw’Imana—td 43B (Imin. 5)
No. 3: Ukuntu ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa—1 Pet. 4:10 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 12: Ingene woyaga n’abo utazi. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 62-64. Nubaze ibibazo muri make umwamamaji azwi ko abangukirwa no gutanguza ikiyago igihe ashinga intahe akaryo kizanye canke igihe yamamaza inzu ku nzu.
Imin. 18: “Ikiringo c’Icibutso ni akaryo ko kurushiriza gukora vyinshi!” Ibibazo n’inyishu. Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Muhejeje kurimbura ico kiganiro, nusigure indinganizo zagizwe aho iwanyu ku bw’amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama. Niwerekane intonde zitandukanye zoshobora gufasha abo ivyabo vyifashe ugutandukanye kugira ngo bakwize amasaha 50 ku kwezi mu busuku. Nubaze ibibazo umwamamaji umwe canke babiri bakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’Icibutso mu mwaka uheze naho bari bafise vyinshi bakora canke ingorane z’amagara.
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho