ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/08 rup. 3-10
  • ‘Nushingire intahe inogangije inkuru nziza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nushingire intahe inogangije inkuru nziza’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Dukwize hose kamere nziza za Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • ‘Niwamamaze Ijambo ry’lmana mu Buryo Bushitse’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Tubandanye kuvuga ibikorwa bitangaje vya Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ikiringo c’Icibutso ni akaryo ko kurushiriza gukora vyinshi!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 1/08 rup. 3-10

‘Nushingire intahe inogangije inkuru nziza’

1. Ni inkuru nziza iyihe dutegerezwa kubwira abandi?

1 Muri iyi si aho inkuru nziza ari imbonekarimwe, turafise agateka ko “gushingira intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana” (Ibik. 20:24). Ivyo birimwo kumenyesha abantu ko “imisi ya nyuma” vuba igiye gukinjurira isi nshasha igororotse ya Yehova, aho “ibintu vya kera [bizoba] vyagiye” (2 Tim. 3:1-5; Ivyah. 21:4). Ico gihe nta ndwara zizoba zikiriho (Yes. 33:24). Abacu bapfuye bazova mu mva z’icibutso maze basubire kubonana n’imiryango yabo be n’abagenzi babo (Yoh. 5:28, 29). Isi yose izohindurwa Iparadizo y’akaroruhore (Yes. 65:21-23). Ivyo ni bimwe gusa mu bigize inkuru nziza dutegerezwa kubwira abandi.

2. Ni kubera iki ikiringo c’Icibutso kituronsa uturyo twiza cane two gushingira intahe inkuru nziza?

2 Amezi ya Ntwarante, Ndamukiza na Rusama azoturonsa uturyo twiza cane two gutangaza mwene iyo nkuru nziza. Muri ayo mezi, mu mihingo myinshi yo kw’isi usanga ukuntu ikirere kiba cifashe vyorohereza umuntu, bigatuma amara umwanya wiyongereye mu busuku. Ikigeretseko, ca kiringo c’umwaka gihambaye kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga Icibutso, kizohimbazwa ku wa gatandatu, igenekerezo rya 22 Ntwarante izuba rirenze. Ubu rero ni co gihe co gutangura kwitegura kugira ngo tuzokwagure umurimo wacu.

3. Ni igiki kizodufasha kwongereza igikorwa turangura uko tugize imiryango?

3 Ubutsimvyi bwo gufasha: Woba wotunganya urutonde rwawe kugira ngo uzokore ubutsimvyi bwo gufasha mu kwezi kumwe, abiri, canke yose uko ari atatu? Mubona gute mufashe umwanya mutoya mu gihe c’inyigisho y’umuryango muzogira ubutaha kugira ngo muganire ivy’ico kintu? Bivuye ku gusenyera ku mugozi umwe, umwe mu bagize umuryango canke abarenga yoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha (Imig. 15:22). Nimusenge ku bw’ico kintu maze mwirabire ukuntu Yehova ahezagira utwigoro twanyu (Imig. 16:3). Naho ata n’umwe mu muryango yoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha, abawugize bose barashobora kwishingira imigambi itomoye yo kwongereza umwanya bamara mu busuku, muri ico gihe nyene bakabandanya bakorana n’abashoboye gukora ubutsimvyi.

4. Dushobora gute gutunganya ivyacu kugira ngo dukore ubutsimvyi bwo gufasha nimba dufise akazi k’imisi yose?

4 Nimba ufise akazi k’imisi yose, kugira urutonde rwiza vyoshobora gutuma bishoboka ko ukora ubutsimvyi bwo gufasha. Woshobora kumbure gukoresha igice c’umwanya wo kwivuna umusase kugira ngo wamamaze. Canke urashobora kuronka icibare cawe bwite hafi y’aho uba kibure hafi y’aho ukorera, maze ukaja mu busuku nk’isaha imwe imbere yuko uja ku kazi canke ukabigira uvuyeyo. Woshobora kuronka umwanya wiyongereye mu rutonde rwawe mu gufata ibikorwa bidahambaye cane ukabishira mu vyo uzokora mu kundi kwezi be no mu kumara mu busuku umusi wose mu misi y’impera z’umushamvu. Hari abafashe ikonji ry’umusi umwe canke ibiri kugira ngo baje mu murimo wo mu ndimiro.

5. Woshobora gute gufasha abageze mu zabukuru be n’abafise amagara make gukora ubutsimvyi bwo gufasha?

5 Nimba ugeze mu zabukuru canke ufise amagara make kibure hakaba hari ivyo udashoboye, woshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kumara umwanya muto buri musi uri mu busuku. Nusabe Yehova akuronse “ububasha burengeye ubusanzwe” (2 Kor. 4:7). Hari umuvukanyikazi umwe yashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha afise imyaka 106. Abifashijwemwo n’incuti ziwe zizera be n’abandi bo mw’ishengero, yaramamaje inzu ku nzu, aragira amasubirayo, ararongora inyigisho za Bibiliya yongera aragira uruhara no mu yindi mice y’ubusuku. Yarafashije mu gutanguza inyigisho za Bibiliya cumi. Avuga ati: “Iyo niyumviriye agateka ntangere naronse ko gukora ubutsimvyi bwo gufasha, umutima wanje uca wuzura urukundo n’ugukengurukira Yehova, Umwana wiwe be n’ishirahamwe ryiwe rirangwa igishika. Nashaka vy’ukuri kuvuga nti: ‘Urakoze Yehova!’ ”.

6. Abakiri bato babatijwe bakiri ku ntebe y’ishure bashobora gute gukora ubutsimvyi bwo gufasha?

6 Nimba uri uwukiri muto yabatijwe akiri ku ntebe y’ishure, na wewe nyene urashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Cokimwe na barya bakora akazi k’imisi yose, woshobora canecane gukoresha impera z’umushamvu ku bw’ubusuku bwo mu ndimiro. Kumbure urashobora kandi kuja mu busuku nk’isaha imwe uvuye kw’ishure mu misi imwimwe. Hoba hari ikonji mwaronse kw’ishure ushobora gukoresha mu kugira uruhara mu busuku? Nimba wipfuza gukora ubutsimvyi bwo gufasha, nubiyage n’abavyeyi bawe.

7. Abakurambere bokora iki kugira ngo bavyurire abandi igishika ku bw’ubusuku mu kiringo c’Icibutso?

7 Nimubavyurire igishika: Abakurambere barashobora gukora ibintu bitari bike kugira ngo bavyurire igishika abagize ishengero, biciye ku karorero batanga (1 Pet. 5:2, 3). Boshobora gutunganya amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro yiyongereye ku bw’abazogira uruhara mu busuku kare mu gitondo, abazoba bavuye kw’ishure canke ku kazi. Umucungezi w’umurimo akwiye kuraba neza ko abamamaji babishoboye ari bo bashingwa kuyobora amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro be n’uko hariho ivyibare bikwiye tutibagiye ibinyamakuru be n’ibitabu ku bw’ayo mezi y’igikorwa kidasanzwe.

8. Ni igiki twigira ku vyabaye mw’ishengero rimwe?

8 Mw’ishengero rimwe, abakurambere batanguye kuremesha ivyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha hagisigaye amezi atari make. Baguma bamenyesha ishengero buri ndwi ibijanye n’igitigiri c’abamamaji bari bemerewe gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Ivyo vyarakuye amazinda abipfuza kwongereza umwanya bamara mu busuku yuko batazobura ababashigikira. Amakoraniro yiyongereye yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro yaratunganijwe mu gitondo ca kare be no ku mugoroba. Ico vyavuyemwo ni uko abamamaji 53 bakoze ubutsimvyi bwo gufasha muri Ndamukiza, abo bakaba bari hafi igice c’abagize iryo shengero!

9. Ni kubera iki ikiringo c’Icibutso ari igihe ciza cane abakwije ibisabwa kugira ngo batangure kwamamaza inkuru nziza bashobora kwungukirako?

9 Nufashe abandi bamamaze: Igihe abashasha be n’abakiri bato bakwije ibisabwa kugira ngo batangure kwamamaza, boshobora gusabwa gukorana mu busuku bwo mu ndimiro n’abamamaji bamaze kumenya utuntu n’utundi. Akaryo nk’ako koshobora kuboneka mu kiringo c’Icibutso, aho abatari bake mw’ishengero bazoba bariko baragura umurimo barangura. Woba ufise inyigisho ya Bibiliya iriko iratera imbere imaze guhuza ubuzima bwayo n’ingingo mfatirwako za Yehova zigororotse? Woba ufise abana bigenza neza bariko baragira amaterambere meza ariko bataraba abamamaji? Nimba abo bantu baragaragaje ko bafise icipfuzo co kuba abamamaji batarabatizwa kandi ukaba ubona ko bakwije ibisabwa, nuce ubimenyesha rero umwe mu bakurambere. Umucungezi muhagarikizi azotunganya ivy’uko abakurambere babiri baganira nawe ivy’ico kintu uri kumwe n’umwana wawe canke uwo mwigana Bibiliya.

10. Abakurambere bashobora gukora iki kugira ngo bafashe abahororokewe?

10 Amezi agiye kuza azoba kandi ari ikiringo kidasanzwe ku bahororokewe kugira ngo basubire gukorana n’ishengero. Abacungezi b’Inyigisho y’igitabu y’ishengero bakwiye kugira akigoro kadasanzwe ko kugendera mwene abo bantu no kubatumira babigiranye igishika kugira ngo bakorane na bo mu busuku. Nimba bamaze igihe kinini barahororokewe, abakurambere babiri bakwiye kubanza kuganira na bo kugira ngo barabe niba boba bagikwije ibisabwa vyo kuja kwamamaza.—km 11/00 rup. 3.

11. Ni ikintu ikihe gihambaye kuruta ibindi vyose kigaragaza “ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana”?

11 Niwitegurire Icibutso: Incungu ni co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose kigaragaza “ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana” (Ibik. 20:24). Abantu amamiliyoni bakenguruka bari hirya no hino kw’isi bazokoranira hamwe ku wa gatandatu, igenekerezo rya 22 Ntwarante izuba rirenze kugira ngo bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Twipfuza gutumira no gufasha abantu b’umutima nziraburyarya kuzoba ariho bari kuri ico kiringo gihambaye gishingira intahe ubuntu ata wari abukwiriye Yehova yagaragarije abantu.

12. Ni bande dukwiye gutumira ku Cibutso?

12 Nugire urutonde rw’abo wipfuza kuzotumira. Nta gukeka ko urwo rutonde ruzoba rurimwo incuti zawe, ababanyi, abo muzinanyi ku kazi canke kw’ishure, abo wahora wigisha Bibiliya n’abo uyigisha ubu, be n’abandi bose wama ugendera. Nimba bamwe mu bo watumiye bafise ibibazo ku bijanye n’Icibutso, woshobora gusanga ari ngirakamaro ukoresheje amayagwa y’inyongera ajanye n’Imfungurwa zo ku mugoroba z’Umukama ari ku rupapuro rwa 206-208 mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ivyo mbere vyoshobora gutuma utanguza inyigisho ya Bibiliya kubera yuko bizokuronsa akaryo ko gukoresha igitabu dukoresha mu kurongora inyigisho za Bibiliya.

13. Yehova yahezagiye gute utwigoro twagizwe n’abamamaji babiri bafashe ingingo yo gutumira abandi bantu ku Cibutso?

13 Umuvukanyikazi umwe yaragize urutonde rw’imiryango 48 azotumira. Uko yaza arabatumira, yaza arashira akamenyetso kw’izina ry’abo yatumiye agaca yandika n’igenekerezo yabahereyeko ubutumire. Ese ukuntu yahimbawe cane igihe 26 mu bo yatumiye baza ku Cibutso! Umuvukanyi umwe yari afise imangazini yaratumiye umwe mu bakozi biwe yahoze ari umupatiri. Uwo mugabo yaritavye urwo rubanza. Mu nyuma yavuze ati: “Mw’isaha imwe nize ibintu vyinshi vyerekeye Bibiliya biruta ivyo nize mu myaka 30 maze muri Ekeleziya Gatolika”. Inyuma gatoyi y’Icibutso, yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha.

14. Ni isekeza irihe rizoba kw’isi yose rizotangura ku wa 1 Ntwarante?

14 Isekeza: Guhera ku wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ntwarante gushika ku rya 22 Ntwarante, kw’isi yose hazotangwa ubutumire budasanzwe bw’Icibutso. Abamamaji bose bazoshima kugira uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza rihambaye. Biraba vyiza kuruta uhaye umunyamuhana ubutumire amaso mu yandi aho kubusiga ku muryango. Ariko rero, nimba ufise icibare kinini, abakurambere boshobora gufata ingingo yuko, ubigiranye ukwiyubara, woza urasiga ubutumire aho utasanze abantu i muhira. Ku mpera z’imishamvu tuzoza turashikiriza kandi ibinyamakuru bizoba bishikirizwa muri ukwo kwezi.

15. Dushobora gute gushikiriza ubutumire bw’Icibutso?

15 Kubera ko dufise igihe gitoyi co gutanga ubwo butumire, ni vyiza ko duca make turiko turabushikiriza. Niwifate kigenzi kandi ugaragaze igishika. Woshobora kuvuga uti: “Twashaka kugutumira wewe, abagize umuryango wawe be n’abagenzi bawe ku rubanza ruhambaye ruzoba ku wa 22 Ntwarante. Ubutumire bwawe ng’ubu. Ayandi makuru yerekeye urwo rubanza urayasanga kuri ubwo butumire”. Umunyamuhana yoshobora kuba afise ibibazo. Canke yoshobora kwemera ubutumire mbere akakubwira yuko azobwitaba. Niwitwararike ugushimishwa yagaragaje wongere utunganye ivyo gusubira kumugendera.

16. Ni icabonywe ikihe cerekana agaciro k’isekeza ryo gutumira abantu bo mu cibare ngo bitabe Icibutso?

16 Mu mwaka uheze, hari umusoda yasanze ubutumire bw’Icibutso ku muryango iwe. Yafashe ingingo yo kwitaba urwo rubanza ariko akaba yategerezwa kubanza kuronka uruhusha ku wumukurira. Igihe yereka ubwo butumire uwo amukurira, uno yabanje gucereza maze mu nyuma aca avuga ko abavyeyi biwe ari Ivyabona be n’uko yahora ajana na bo ku makoraniro. Ntiyahaye gusa nya musoda uruhusha rwo kwitaba Icibutso, ariko kandi no kujana barajanye.

17. Tugaragaza gute yuko tutahushije intumbero y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

17 Nugaragaze ugukenguruka: Uko ikiringo c’Icibutso co mu 2008 cegereza, ese umwumwe wese muri twebwe yozirikana ku buntu ata wari abukwiriye Yehova yatugaragarije! Intumwa Paulo yanditse ati: “Turabinginga kandi ngo ntimwemere ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana hanyuma ngo muhushe intumbero yabwo” (2 Kor. 6:1). Tugaragaza gute ko tutahushije intumbero y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana? Paulo yanditse ati: “Mugabo mu buryo bwose turishimagiza nk’abasuku b’Imana” (2 Kor. 6:4). Ku bw’ivyo rero, tugaragaza ko dukenguruka ingabirano Yehova yaduhaye mu kwigenza neza be no mu kugira umwete mu kwamamaza inkuru nziza. Muri iki kiringo c’Icibutso tuzoronka akaryo kadasanzwe ko kwagura umurimo turangura, dushingire intahe inogangije inkuru nziza.

[Box on page 3]

Ni bande bojamwo mu boshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha?

◼ Imiryango

◼ Abakora akazi k’imisi yose

◼ Abageze mu zabukuru n’abafise amagara make

◼ Abakiri kw’ishure

[Box on page 4]

Igihe utanga ubutumire bw’Icibutso:

◼ Nuce make kandi uvugane igishika

◼ Niwandike abashimishijwe wongere usubire kubagendera

◼ Nushikirize ibinyamakuru ku mpera z’imishamvu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika