ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/07 rup. 3-5
  • Dukwize hose kamere nziza za Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukwize hose kamere nziza za Yehova
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Umugambi mwiza twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • ‘Nushingire intahe inogangije inkuru nziza’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Niwamamaze wongere ushinge intahe inogangije
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Niwishingire umugambi ubu wo kwagura ubusuku bwawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 2/07 rup. 3-5

Dukwize hose kamere nziza za Yehova

1. Ni igiki kituvyurira umutima wo gukwiza hose kamere nziza za Yehova?

1 “Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ivyawe” (1 Ngo. 29:11). Urukundo dukunda Yehova be n’ingene tumukengurukira, bigira ico bikoze gute kuri twebwe? Biratuvyurira umutima wo ‘gukwiza hose kamere nziza z’Iyaduhamagaye, ikadukūra mu mwiza, ikadushitsa mu muco wayo utangaje’ (1 Pet. 2:9, NW). Ntidushobora kureka kubwira abandi ivyerekeye Imana yacu ihambaye! Tuzoronka uturyo twiza igitangaza two kwamamaza kamere nziza za Yehova mu mezi ya Ntwarante, Ndamukiza na Rusama.

2. Ni isekeza ridasanzwe irihe ririko riratunganywa ku bwo gutangaza ivyerekeye Icibutso, kandi ni bande bashobora kuzorigiramwo uruhara?

2 Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza ivyerekeye Icibutso: Ku wa mbere igenekerezo rya 2 Ndamukiza, tuzoshira ahabona kamere nziza za Yehova mu guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Guhera ku wa 12 Ntwarante gushika ku wa 2 Ndamukiza, ubutumire budasanzwe buzoshikirizwa kw’isi yose ku bw’urwo rubanza ruhambaye. Twese turaremeshejwe kurigiramwo uruhara bimwe bishitse. Ku bashasha, ico kizoba ari igihe ciza igitangaza co gutangura kwamamaza inkuru nziza nimba bakwije ibisabwa. Nimba ufise abo mwigana Bibiliya canke abana bashobora kuba bakwije ibisabwa, niwibwirize kubibwira abakurambere.

3. Twoshobora kuvuga iki mu gutumira abantu ku Cibutso?

3 Iri sekeza rizoba rimeze nka rya rindi ryagirwa ku bijanye n’Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”. Amashengero azorungikirwa ubutumire buhagije ku buryo umwamamaji wese ashobora kuronka ubutumire 50, umutsimvyi wese na we 150. Nushikirize ubwo butumire muri make, kumbure mu kuvuga uti: “Nari ndakuzaniye ubu butumire bujanye n’urubanza ruhambaye rwimirije ruba buri mwaka. Urahawe ikaze n’igishika cinshi. Ayandi makuru yerekeye urwo rubanza uyasanga kuri ubwo butumire”. Ariko ntiwumve, mu gihe uwo wasanze ku muhana yoba afise ibibazo, nufate umwanya wo kuvyishura. Ikiganiro kirimwo amakuru y’inyongera yerekeye Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba dusanga mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, guhera ku rupapuro rwa 206, coshobora kugufasha muri ivyo. Mu mpera z’imishamvu, tuzoshikiriza ibinyamakuru vya vuba hamwe n’ubwo butumire budasanzwe. Nugume wandika abashimishwa bose, kandi utunganye ivyo kuzosubira kubagendera.

4. Bwa butumire budasanzwe bwerekeye Icibutso, buzoshikirizwa gute?

4 Aho bishoboka hose, ubwo butumire budasanzwe bukwiye gushikirizwa umunyamuhana amaso mu yandi. Nimba ufise icibare gito, niwandike abo utasanze i muhira maze utunganye ivyo kuzogaruka kubagendera ikindi gihe. Amashengero asigaranye ubutumire bwinshi, mu ndwi ya nyuma y’imbere y’uko Icibutso kiba, yoshobora kubusiga ku mihana batigeze basangaho abantu, yamara ntibabire imbere y’aho. Nurabe neza yuko abo wama usubira kugendera, abo mwigana Bibiliya, incuti, abo mukorana, ababanyi be n’abandi muzinanye, na bo nyene baronse ubwo butumire.

5. Ni kubera iki dukwiye gutangura gutegekanya ivyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha ubu?

5 Gukora ubutsimvyi bwo gufasha: Woba ushobora kurushiriza gutangaza mu buryo bushitse kamere nziza za Yehova mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama? Nta nkeka ko kugira ngo ivyo ubikore bizosaba ko hagira ivyo uhindura mu rutonde rwawe rw’ibikorwa vya misi yose (Ef. 5:15-17). Ico womenya udakeka co ni uko kugira akigoro ko gukora vyinshi mu murimo wa Yehova bizokuzanira umunezero be n’umuhezagiro biva kuri we (Imig. 10:22). Kubera ko ikiringo c’Icibutso cegereje, ubu ni co gihe co gutangura kubitegekanya.—Imig. 21:5.

6. Dushobora kwigira iki ku vyabaye vyerekeye umuvukanyikazi umwe w’imyaka 90 yakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu mwaka uheze?

6 Hari umuvukanyikazi w’imyaka 90 yahimbawe no gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu mwaka uheze. Yavuze ati: “Naho vy’ukuri nakunda gukora mu mirima, nkaba kandi nashaka gutangura gutera, naratahuye yuko nkwiye gushinga ivyoja imbere y’ibindi. Kubera ko nipfuza gushira imbere ivyungura Ubwami, narafashe ingingo yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante”. Yoba yarahezagiwe kubera ako kigoro yagize? Avuga ati: “Ubu numva ndushirije kuba uwo mu bagize ishengero, kandi ivyo vyatumye ndushiriza kwiyegereza Yehova”. Twoba dushobora gusuzuma ivyo dushira imbere y’ibindi maze tugahindura ibikeneye guhindurwa nk’uko uwo muvukanyikazi yabigize?

7. Vyoba bigoye gukora ubutsimvyi bwo gufasha?

7 Gushitsa amasaha 50 asabwa abakora ubutsimvyi bwo gufasha bishobora kuba bitagoye nk’uko woba uvyibaza. Nusuzume ibikorwa ukora ku musi ku musi ubijanisha n’isengesho wongere ugire urutonde maze uce urwandika ku rutonde rw’ibikorwa vya gitewokarasi urangura. Ni wewe uzi uko ivyawe vyifashe. Nimba ufise amagara make canke udafise ingoga zikwiye, kumbure wogira uruhara mu busuku amasaha nk’angahe ku musi. Nimba ukora akazi k’umusi wose canke ukaba uri ku ntebe y’ishure, woshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kwamamaza ku migoroba canke ku mpera y’imishamvu.

8. Ni igiki catumye abubakanye babiri bashobora gukora ubutsimvyi?

8 Hari benshi bashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha uko bagize umuryango. Mu myaka iheze, hari abubakanye babiri batinya kwiyandikisha kubera yuko bibaza ko uko ivyabo vyifashe kutobakundira gukora ubutsimvyi bwo gufasha. None bakoze iki kugira babishobore? Bavuga bati: “Twarasenze Yehova kugira ngo adufashe kurangura ico twari tumaze igihe kirekire twipfuza gukorera hamwe”. Bivuye ku gutegekanya ibintu neza, barashoboye gushika ku mugambi bishinze. Bongeyeko bati: “Vyari agahore ntiworaba. Twarinovoye imihezagiro myinshi turi kumwe. Inama twobagira ni iyi: pfa kugerageza urabe ko bidashoboka. Nimba twarabishoboye, namwe mwobishobora”.

9. Mu nyigisho y’umuryango wanyu izokurikira, mwokora iki mu kwitegurira amezi agiye kuza y’igikorwa kidasanzwe?

9 Mubona gute mu nyigisho y’umuryango wanyu izokurikira mufashe akanya ko kurimbura ukuntu abagize umuryango bose boshobora kwongereza igikorwa barangura mu mezi aza? Naho umuryango wanyu wose utoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha, hari aho umwe mu bawugize yoshobora kubigira abifashijwemwo n’abandi bo mu bagize urugo. Nimba bidashoboka, umuryango wanyu urashobora kwishingira imigambi yo kumara umwanya wiyongereye mu busuku muri ayo mezi adasanzwe y’igikorwa.

10. Ni kubera iki dukwiye kuyagira abandi icipfuzo dufise co gukora ubutsimvyi mu kiringo c’Icibutso?

10 Nimufashanye: Igishika kirandukira. Nuyagire abandi icipfuzo cawe co gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Ivyo vyoshobora kuremesha abandi kubukora. Vyongeye, abakoze ubutsimvyi muri kahise boshobora kukugira inama zizogufasha gutunganya ivyawe n’urutonde rwawe kugira ngo ushike ku mugambi wiyemeje (Imig. 15:22). Nimba ushoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha, ubona gute usavye uwundi mwamamaji, kumbure uwo ivyiwe vyifashe nk’uko ivyawe vyifashe, ngo mufadikanye muri ico gikorwa gitera umunezero?

11. Abakurambere bashobora gute kuvyura igishika co gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu mezi agiye kuza?

11 Abakurambere benshi baragira intunganyo zikenewe kugira ngo bagire uruhara muri uwo muce udasanzwe w’ubusuku (Heb. 13:7). Vy’ukuri, ivyo biraremesha amashengero! Abakurambere kandi baravyura igishika mu biyago bagirana n’abandi. Amajambo make y’indemesho canke izindi nama ngirakamaro, vyoshobora kuba ari vyo nyene bikenewe kugira ngo bamwebamwe bavyurirwe umutima wo gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Umucungezi w’umurimo yoshobora gutunganya amakoraniro yiyongereye yo gusohoka mu ndimiro kugira ngo bose bashobore kugira uruhara mu gushinga intahe mu mugwi, mbere n’inyuma y’akazi canke y’ivyigwa. Izo ntunganyo zikwiye kwama zitangazwa. Azoraba neza kandi ko umwe wese afise icibare gihagije be n’ibisohokayandikiro bihagije.

12. Twokora iki mu gihe twoba tudashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha?

12 No mu gihe uko ivyacu vyifashe gutuma tudashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha, turashobora kuremesha abiyandikisha kubukora tukongera tukabasengera (Imig. 25:11; Kol. 4:12). Kumbure turashobora gutunganya ivyo gukorana na bo umusi wiyongereye hagati mu ndwi, canke gukora umwanya muremure kuruta uko dusanzwe tubigira.

13. Ni umwiyemezo uwuhe igihugu canyu cishingiye, kandi ishengero mukukira rishobora gute kugira ico riterereye kugira ngo kiwushikeko?

13 Twiyemeje gushika ku batsimvyi bafasha 6.400 muri Ndamukiza: Igitigiri c’agaheta c’abatsimvyi bafasha mu Burundi cabaye 792, muri Kenya kiba 2.601, muri Tanzaniya 1.297, muri Uganda na ho kiba 455. Ku bw’ivyo rero, intumbero ishoboka twishingiye muri uku kwezi kwa Ndamukiza kuza ni iyo gushikira abatsimvyi bafasha 1.000 mu Burundi, 3.300 muri Kenya, 1.400 muri Tanzaniya na 700 muri Uganda. Turashobora kugishikako mu gihe umwamamaji 1 kuri 6 yokora igikorwa c’ubutsimvyi bwo gufasha. Ego ni ko, hari amashengero azoronka abamamaji benshi bakora ubutsimvyi bwo gufasha kubera ko uko ivyabo vyifashe gutuma bashobora kubukora. Uwo mugambi biroroshe ko amashengero menshi awushikako. Iyumvire nawe akamwemwe ivyo bizotera mw’ishengero ukukira be n’ingaruka nziza ivyo bizogira ku gikorwa co kwamamaza mu cibare canyu!

14. Ni kubera iki ukwezi kwa Ndamukiza ari ukwezi kwiza cane kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha?

14 Ni kubera iki ukwezi kwa Ndamukiza ari ukwezi kwiza kwo gukoreramwo ubutsimvyi bwo gufasha? Icibutso kizoba mu ntango z’ukwo kwezi, gutyo bitange akaryo gahagije ko gukurikirana abacitavye mu gusubira kubagendera. Tuzoshikiriza ibinyamakuru dufise intumbero yo gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu gihe co gusubira kugendera abantu no gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ni co gituma gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ndamukiza bizotanga uturyo twinshi two gutanguza inyigisho za Bibiliya. Vyongeye, ukwezi kwa Ndamukiza gufise impera z’umushamvu zitanu be n’umusi mukuru wo mw’isi, ivyo bigatuma abakozi canke abanyeshure bashobora gukora ubutsimvyi.

15. Ni kubera iki dukwiye kubona ko ibintu vyihutirwa uko iki kiringo c’Icibutso cegereza?

15 Igihe cose turenganye ikiringo c’Icibutso tuba turiko turegereza iherezo ry’ivy’iyi si. Igihe gisigaye co kubwira abandi ivyerekeye Imana yacu ihambaye ni gito cane (1 Kor. 7:29). Iki kiringo c’Icibutso nicarengana, uturyo ntangere kizoba caturonkeje two gushemeza Data wa twese wo mw’ijuru, tuzoba twagiye ubutakigaruka. Ni co gituma ubu dukwiye kwitegurira gukora uko dushoboye kwose mu mezi ya Ntwarante, Ndamukiza na Rusama, kugira ngo dukwize hose kamere nziza za Yehova!

[Ifoto ku rup. 4]

Twoba dushobora gushikira igitigiri c’abatsimvyi bafasha twiyemeje gushikako muri Ndamukiza? Burundi 1.000

Kenya 3.300 Tanzaniya 1.400 Uganda 700

[Ifoto ku rup. 4]

◼ Nimusuzume ivyo mushira imbere y’ibindi

◼ Nimuganire ku migambi mufise uko mugize umuryango

◼ Nimuyagire abandi ivyo mutegekanya gukora

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika