Niwishingire umugambi ubu wo kwagura ubusuku bwawe
1. Ni akaryo gahambaye akahe turonka mu kiringo c’Icibutso, kandi twocitegurira gute?
1 Ku mwaka ku mwaka, ikiringo c’Icibutso kiraduha utundi turyo two “[gu]haya Yehova cane.” (Zab. 109:30) Woba uzokwagura ubusuku bwawe muri Ntwarante kugira werekane ko ukengurukira Uwatanze incungu? Ubu ni co gihe co gutangura kwishingira imigambi.—Imig. 21:5.
2. Wewe n’abandi mwakiriye gute ya ntunganyo yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha agabanije muri Ndamukiza mu mwaka uheze?
2 Ubutsimvyi bwo gufasha: Mu mwaka uheze, amashengero yarahimbawe cane igihe yumva ivyerekeye ya ntunganyo yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha agabanije muri Ndamukiza. Umuvukanyi umwe yanditse ati: “Ndacari mu mashure yisumbuye, nkaba nasanze ntoshobora kuba umutsimvyi asanzwe. Mugabo ngiye gusaba kuzokora amasaha 30 muri Ndamukiza ariko nze nihatire gushikana amasaha 50.” Mushiki wacu umwe afise akazi gasaba ko imisi yose y’akazi aba ari ku murimo yanditse ati: “Amasaha mirongo itatu! Nawe nu ayo ntiyonanira!” Igihe iyo ntunganyo yatangazwa, mushiki wacu ari mu myaka 80 yigeze kuba ari umutsimvyi yavuze ati: “Bankoze aho ndwaye! Yehova yari azi ko igihe namaze ndi umutsimvyi cambereye co gihe ciza kuruta ibindi mu buzima bwanje!” Abatashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha barishingiye umugambi wo gukora cane mu busuku.
3. Ni imvo izihe zotuma tuzirikana ivyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama?
3 Ukwezi kwa Ntwarante kuzoba ari ukwezi kwiza cane kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha kubera ko tuzosubira kuronka akaryo ko gukora amasaha 30 canke 50. N’ikindi kandi, kuva ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ntwarante tuzogira isekeza ridasanzwe ryo gutumira abandi kwifatanya natwe ku Cibutso kizohimbazwa igenekerezo rya 5 Ndamukiza. Benshi bazohimbarwa no kugira uruhara rwiyongereye mu busuku ku buryo bazokwipfuza gukora n’ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 50 muri Ndamukiza no muri Rusama.
4. Twokwongereza gute uruhara tugira mu busuku, kandi ni ivyiza ibihe bizovamwo?
4 Ubutaha mu mugoroba wanyu uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, ubona gute muganiriye ukuntu umwe wese mu bagize umuryango yokwagura ubusuku bwiwe mu kiringo c’Icibutso? (Imig. 15:22) Nimusabe Yehova ahezagire utwigoro twanyu. (1 Yoh. 3:22) Niwongereza uruhara ugira mu busuku, ntuzorushiriza gusa gushemeza Yehova, ariko kandi uzorushiriza kugira umunezero.—2 Kor. 9:6.