Uturyo twiyongereye two guhaya Yehova
1. Ni intunganyo nshasha iyihe izodufasha “[gu]haya Yehova cane”?
1 Mu kwezi kwa Ntwarante guheze, haratanguye intunganyo nshasha iha abamamaji akaryo ko gukora ubutsimvyi bwo gufasha, bagakora amasaha 30 buri kwezi kwa Ntwarante na Ndamukiza be no mu kwezi baba bagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko nk’uko bisanzwe. Nimba urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko rutanguye mu mpera z’ukwezi kumwe rugahera mu ntango z’ukundi, abamamaji bazoba basavye ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 30 bazokwihitiramwo ukwezi kumwe muri ayo bokoramwo ubwo butsimvyi. Abatsimvyi bo gufasha bose bazoshobora kwitaba inama yose umucungezi azogirana n’abatsimvyi basanzwe be n’abadasanzwe. Ivyo bisobanura ko no mu gihe tudashobora gushikana amasaha 50, tuba tugishobora “[gu]haya Yehova cane” mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha incuro zishika kuri zine mu mwaka dukora amasaha 30!—Zab. 109:30; 119:171.
2. Abazokora ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko bazokwungukira ku biki?
2 Mu kiringo c’urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko: Ubu abandi bamamaji benshi bazoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko bongere bungukire ku guhanahana indemesho ziva ku gukorana na we mu busuku. (Rom. 1:11, 12) Abatsimvyi bo gufasha benshi bazoshobora gutunganya ivyo gusaba ikonji ku kazi kugira ngo bakorane n’umucungezi w’umuzunguruko. Ababa bari ku bikorwa mu ndwi hagati, barashobora kumusaba niba yokorana na bo ku wa gatandatu canke ku w’iyinga. Vyongeye, ese ukuntu abatsimvyi bo gufasha bazokwumva baremeshejwe mu kwitaba inama y’abatsimvyi bari kumwe n’abatsimvyi basanzwe be n’abadasanzwe!
3. Ni kubera iki ikiringo c’Icibutso ari igihe ciza cane co gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha?
3 Muri Ntwarante na Ndamukiza: Abahora bungukira ku ntunganyo yahahora yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha bakora amasaha 30 ukwezi kumwe mu kiringo c’Icibutso, ubu bazoshobora kugwiza kabiri “ikimazi c’ishemezo” cabo! (Heb. 13:15) Ntwarante na Ndamukiza ni amezi meza cane yo kwaguramwo ubusuku bwacu mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Buri mwaka muri ayo mezi, turagira uruhara mw’isekeza riteye umunezero ryo gutumira abandi ku Cibutso. N’ikindi kandi, kubera ko benshi bagura ubusuku bwabo mu kiringo c’Icibutso, turashobora gukorana n’abamamaji batandukanye. Inyuma y’Icibutso, turatsimbataza ugushimishwa kw’ababa bacitavye kandi tugatuma bumva bashashaye kwitaba insiguro idasanzwe. Umutima wawe woba uzogusunikira kwungukira kuri utwo turyo twiyongereye two gukora ubutsimvyi bwo gufasha?—Luka 6:45.