Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 20 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 20 RUHUHUMA
Ururirimbo rwa 37 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 17 ing. 1-7 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yesaya 58-62 (Imin. 10)
No. 1: Yesaya 61:1-11 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Kubera iki kwiyegura ari ikintu kiranga urukundo n’ukwizera? (Imin. 5)
No. 3: Amasengesho Imana yumva (td 19A) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Amatangazo. Nuvuge ivyo tuzoshikiriza muri Ntwarante, hagirwe n’umwerekano w’ukuntu vyoshikirizwa.
Imin. 10: Hatwigisha iki? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Saba abumviriza basome Zaburi 63:3-8 na Mariko 1:32-39. Nimwihweze ukuntu ibivugwamwo bishobora kudufasha mu busuku bwacu.
Imin. 15: “Isekeza ryo gutangaza Icibutso rizotangura ku wa 17 Ntwarante.” Ibibazo n’inyishu. Nimuhe abitavye ikoraniro bose agapapuro k’ubutumire nimba buhari, muce muganira ibirimwo. Igihe mwihweza ingingo ya 2, nihagirwe umwerekano mugufi w’ukuntu ubwo butumire bwoshikirizwa. Igihe murimbura ingingo ya 3, nusabe umucungezi w’umurimo avuge muri make ukuntu icibare canyu kizoheturwa.
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho