Ndamukiza 2000 Twoshobora Kukugira Ukwezi Kwacu Ntangere?
1 Ku wa Gatatu ku mugoroba, igenekerezo rya 19 Ndamukiza uzoba ari umusi uhambaye mu mwaka wacu w’umurimo. Kuri uwo musi, uko izuba rizoza rirarenga buhorobuhoro hirya no hino kw’isi, ishengero iryo ari ryo ryose be n’umugwi uwo ari wo wose w’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose bazohimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu. Mu karere ako ari ko kose tubamwo aho amasaha atandukanye n’ay’ahandi, ukwibuka incungu ya Yezu Kirisitu kizoba ari ikintu gihambaye mu mwaka. Igenekerezo ry’Icibutso rirerekanywe neza ku kwezi kwa Ndamukiza kuri Calendrier des Témoins de Jéhovah 2000 (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova 2000).
2 Ukwezi kwa Ndamukiza kwose ukwo kungana kuraduha akaryo keza igitangaza ko kugaragaza n’ubugingo bwacu bwose ko dukenguruka ubuntu tudakwiriye Yehova yatugiriye biciye ku ncungu y’Umwana wiwe. Mu buryo ki? Intumwa Paulo yanditse ati: “Urukundo rwa Kristo ru[ra]tugōbēra, kand’ico tuzi tudakekeranya n’uk’umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye. Kand’icatumye apfira bose kwar’ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.” (2 Kor. 5:14, 15) Ni vyo, muri Ndamukiza turashobora kugaragaza yuko tutabayeho ku bwacu ariko ku bw’uwadupfiriye, mu kugira ukwo kwezi, ukwezi kwacu ntangere mu kuba abakenuzi b’Ubwami!
3 Niwiyandikishe Gukora Ubutsimvyi bw’Ugufasha Muri Ndamukiza: Intumwa Paulo yaradushiriyeho akarorero gakabura igihe yavuga ati: “Simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ar’ubg’igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.” (Ivyak. 20:24) Dufise agateka nk’ako nyene ko gushinga intahe inogangije yerekeye Yehova Imana. Kugira ngo ivyo tubishikeko, ukwezi kwa Ndamukiza twoshima kukugira ntangere mu gikorwa c’ubutsimvyi bw’ugufasha!
4 Kubera ukwezi kwa Ndamukiza 2000 gufise amawikendi atanu yuzuye, kuzobera kwiza bihebuje abatsimvyi benshi. Dusubiye inyuma muri Ndamukiza 1998, igihe twashika ku gitigiri c’agaheta tutaribwigere dushikira c’abatsimvyi bafasha 3.924, abagize uruhara bagera ku bamamaji bose hamwe 13 kw’ijana. Inyuma y’umwaka umwe, igitigiri cose hamwe c’abamamaji batanze raporo muri Ndamukiza 1999 ciyongereyeko ibice birenga 10 kw’ijana. Ivyo vyerekana ko dufise uburyo bukwiye bwo gushobora kurenza ico gitigiri c’agaheta c’abatsimvyi bafasha twashitseko ico gihe giheze. Ikigeretseko, amasaha asabwa yaragabanijwe bituma uwo muce w’igikorwa ushobora gukorwa n’abandi benshi mw’ishengero. Umwamamaji wese yabatijwe akwiye kurimbura mw’isengesho nimba yoshobora kuba umutsimvyi mufasha muri uku kwa Ndamukiza.
5 Ukoresheje ukwezi kwa Ndamukiza kuri Calendrier des Témoins de Jéhovah 2000, nutegekanye ubu urutonde rw’ibikorwa rwawe rwo mu kwezi kuza. Nuhitemwo imisi uzoshobora kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, hanyuma uteranye amasaha yose wumva ko ushobora kumara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza muri ukwo kwezi. Nushiremwo umwanya ushobora kumara mu gushingira intahe abandi wabiteguye canke akaryo kizanye. Yose hamwe yoba yegereza igitigiri c’amasaha 50 asabwa ku batsimvyi bafasha? Nimba usanze udakwije amasaha akenewe, woshobora none kugira ibindi uhinduye ku rutonde rwawe kugira ngo ushikane umwanya usabwa ku mutsimvyi mufasha? Wokenera gushitsa incahagati y’isaha imwe n’iminuta 45 ku musi ku musi kugira ngo ushitse amasaha 50 muri ukwo kwezi.
6 Ubu ko amasaha asabwa ku batsimvyi b’intahorereza yagabanijwe, woba urarimbura ivyo gutangura ubusuku bw’igihe cose? Kubera iki worindira mu mwaka uza ngo abe ari ho utangura? Ndamukiza kwoba ari ukwezi kwiza kwo gutangura! Nimba ukekeranya ku vyerekeye ubushobozi ufise bwo gushikira amasaha 70 asabwa ku batsimvyi b’intahorereza, ni kuki utokora bwa mutsimvyi mufasha muri Ndamukiza hanyuma ukishingira umugambi wo gushitsa amasaha 70? Igihe ubonye yuko ushobora kubikora, hari aho wosanga urushirije kugira umutima wo gusaba kuja mu murongo w’abatsimvyi b’intahorereza hakiri kare hashoboka—Raba igitabu Huduma Yetu, urupapuro rw’113-114.
7 Nugire Uruhara Bimwe Vyuzuye nk’Umwamamaji w’Inkuru Nziza: Twese hamwe, abamamaji cokimwe n’abatsimvyi, urukundo nyakuri dukunda Imana hamwe n’ababanyi bacu ruratuvyurira umutima wo gukorana ubugingo bwacu bwose mu gukora ivyo dushoboye vyose mu murimo wa Yehova, dukurikije uko ivyacu vyifashe. (Luka 10:27) Gutyo turagaragaza yuko “igituma dutama tukāma mu ntambara ar’uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w’abantu bose, cane-cane w’abizera.” (1 Tim. 4:10) Ni co gituma dukwiye kwitega kubona abantu 100 kw’ijana bagira uruhara muri Ndamukiza, umwe wese akagira uruhara bimwe vyuzuye mu gikorwa c’Ubwami.
8 Ntitwibagire ingingo ya Yezu igira iti: “Ivyimburwa ni vyinshi arikw abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.” Buno nyene ahejeje kuvuga ivyo, Yezu yaciye ahamagara intumwa ziwe 12 hanyuma abarungika kwamamaza inkuru nziza. (Mat. 9:37, 38; 10:1, 5, 7) Inyuma y’umwaka umwe, abo 12 bamaze kumenyerezwa neza mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, Yezu “atoranya abandi mirongwirindwi,” abaha amabwirizwa amwe mu kubabwira ati: “Ivyimburwa ni vyinshi . . . nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.” (Luka 10:1, 2) Igitabu ca Bibiliya c’Ivyakozwe n’Intumwa kirigana ukuntu Yehova yishuye ayo masengesho. Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., igitigiri c’abigishwa carongerekanye gushika hafi 120. Maze ibitigiri vy’agaheta bikurikirana vy’3.000 n’5.000 vy’abigishwa vyarashikiriwe. (Ivyak. 1:15; 2:41; 4:4) Inyuma y’ivyo, “igitigiri c’abigishwa [“cagumye,” NW] [c]ongerekana.” (Ivyak. 6:7, UB) No muri iki gihe nyene, dutegerezwa kuguma dusaba Nyen’ivyimburwa kugira ngo haboneke abandi bamamaji b’Ubwami benshi! Mu guhuza n’amasengesho dutura, umwamamaji w’ishengero wese akwiye kugira ivyo aringaniza bitomoye kugira ngo agire uruhara mu busuku ku kwezi ku kwezi.
9 Turagusavye wongere urabe witonze ukwezi kwa Ndamukiza kuri Calendrier 2000. Kubera imisi ibiri ya mbere y’ukwo kwezi ari ku wa Gatandatu no ku w’Iyinga, woshobora kwishingira imigambi yo kugira uruhara mu murimo kuri iyo wikendi, mu gutangura hakiri kare muri ukwo kwezi? Woshobora gushigikira “Umusi w’Ibinyamakuru” wose muri ukwo kwezi wifatanije n’umugwi w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero ukukira? Bite ho ku vyerekeye kumara isaha canke irenga kw’Iyinga imwimwe yose mu busuku? Woshobora kugira ivyo uringanije kugira ngo ugire uruhara mu gushinga intahe ku migoroba imwimwe? Kandi ntiwibagire kwungukira ku turyo twose uronse kugira ngo ushinge intahe akaryo kizanye ku kazi, kw’ishure, canke igihe utanguye ibindi bikorwa vya misi yose. Za urashira utumenyetso ku misi ushobora kumarako akanya kanaka mu busuku, kandi ukoreshe ikirangamisi kugira ugume wandika umwanya umara mu murimo muri ukwo kwezi.
10 Ndamukiza uzoba ari umwanya mwiza ku bakwije ibisabwa bose kandi bemerewe n’abakurambere kugira ngo batangure gukora bwa bamamaji batarabatizwa. Nimba wigana Bibiliya n’umuntu, uwo muntu yoba atera imbere bihagije kugira yegere umucungezi muhagarikizi kugira ngo asabe gufatwa nk’umwamamaji w’inkuru nziza? Nimba ufise abana batarabatizwa, woba warayaze n’abakurambere ku vyerekeye iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu? Iki none nticoba ari igihe ciza kuri bo co gutangura kwamamaza?—Raba igitabu Huduma Yetu, urupapuro rwa 97-100.
11 Mu kwihata kwacu kugira ukwezi kwa Ndamukiza 2000 kutubere ntangere, twese dukeneye kugira uruhara mu busuku hanyuma maze tugatanga raporo yacu y’umurimo wo mu ndimiro ku mpera y’ukwezi. (Gereranya na Mariko 6:30.) Abamamaji bashasha batarabatizwa bagira uruhara mu murimo wo mu ndimiro ari bwo bwa mbere, bakwiye kuremeshwa gutanga raporo y’igikorwa cabo bidatevye. Turanguye uruhara tujejwe, turashobora gutanga intererano nziza kuri raporo no kw’ishemezo rihambaye ry’ukuninahaza Yehova muri Ndamukiza, biciye ku twigoro twacu two gushinga intahe.
12 Nuzanane n’Abandi ku Cibutso: Ntitwohimbarwa no kubona igitigiri gishasha c’agaheta c’abitavye Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu co mu 2000? Egome! Vyoba bisigura yuko abantu benshi kuruta baziye rimwe kugira ngo berekane ugukenguruka bafitiye ibintu bihambaye vyagaragaje urukundo Yehova Imana hamwe na Yezu Kirisitu berekanye ku bw’ineza yacu! (Yoh. 3:16; 15:13) Nuringanize ivyo ari vyo vyose bikenewe kugira ngo ntihagire na kimwe kikubuza hamwe n’umuryango wawe kwitaba ico Cibutso.
13 Ubu ni co gihe co gutangura gutumira abandi ku Cibutso. Nugire urutonde rw’abantu bose woshima kubona bacitavye. Nushiremwo abo bose boba barigeze kwiga Bibiliya mu gihe caheze, abariko bariga ubu hamwe n’abo uhora usubira kugendera bose. Niwongere kuri urwo rutonde abo muzinanyi ku kazi, kw’ishure hamwe no mu kibano, wongereko uwo ari we wese mugirira hamwe ubucuruzi. Ntiwibagire gushiramwo n’abandi muzinanyi hamwe n’abo mu muryango wawe. Umaze kwuzuza urwo rutonde, tangura kubihera ubutumire umwumwe wese ukwiwe, bimwe bivuye ku mutima. Nutomore neza igihe hamwe n’aho Icibutso kizobera. Igihe igenekerezo rya 19 Ndamukiza rizoba ryegereje, uributsa abo washize ku rutonde, ubibutsa amaso mu yandi canke ukoresha telefone aho zikoreshwa. Nubasabe ko mwojana ku Cibutso kuri uwo mugoroba.
14 Mu buryo buhuye n’ubuyobozi buva kuri Sosiyete, inama y’abakurambere izogira akigoro kadasazwe ko kuremesha abamamaji bose bahororokewe bo muri ako karere kugira ngo bitabe Icibutso. (Mat. 18:12-14) Abakurambere bazoshima gusubira kwihweza ikete rya Sosiyete ryo ku wa 2 Ruhuhuma 1999. Umunyamabanga w’ishengero azogira urutonde rw’abamamaji bose bahororokewe hanyuma umucungezi w’umurimo azogena abakurambere kubagendera hanyuma babatumire ku Cibutso. Kumbure biciye ku kubagendera cungere hakiri kare mu buryo buremesha, abo bantu bahororokewe barashobora gusahirizwa kugira ngo bongere kuba abanyamwete mu busuku bwo mu ndimiro, no muri Ndamukiza nyene. Bazokomezwa cane no gutumirwa gufadikanya mu murimo wo mu ndimiro n’umwamamaji azi utuntu n’utundi.
15 Nuremeshe Abandi Gushigikira Neza Igikorwa Muri Ndamukiza! Bizosaba ko abakurambere bose, abakozi b’ishengero hamwe na ba serugo babihagarikira neza kugira ngo ukwezi kwa Ndamukiza kwo mu 2000 kutubere ukwezi ntangere. Abakurambere bazoshiruka ubute mu gutunganya ikintu cose neza hakiri kare. (Heb. 13:7) Harakeneye gushirwaho indinganizo nyakimazi kugira ngo hagirwe amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro mu ndwi hagati hamwe no kuri izo wikendi. Vyongeye amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yoshobora kuringanizwa inyuma y’umuhingamo no ku kagoroba hakiri kare. Urutonde rwuzuye rw’ivyategekanirijwe ukwezi kwa Ndamukiza vyose rukwiye gushirwa ahamanikwa amatangazo. Bizokenerwa ko hagira umuntu ashingwa kuza arahagarikira ikoraniro ryose ryo gusohoka mu ndimiro ryashinzwe. Harakwiye gutangwa akarere gakwiye kugira ngo umugwi wose ugire ahantu ukeneye ho gukorera.
16 Muri Ndamukiza hazokoreshwa ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi hamwe na Réveillez-vous! Mu kugira akigoro ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kazoshikirizwa abagaragaza ugushimishwa bose. Kubera ico, hakeneye kuboneka igitigiri gikwiye c’ibinyamakuru n’udutabu.
17 Ku mpera z’ukwo kwezi, abarongozi bose b’inyigisho y’igitabu hamwe n’abafasha babo bazoshima kuremesha umwe wese mu bagize umugwi wabo gutanga raporo y’igikorwa buno nyene ukwezi kugihera. Kumbure ivyo birashobora no kugirwa ku w’Iyinga, igenekerezo rya 30 Ndamukiza. Maze, igihe uwo munyamabanga agira icegeranyo c’izo raporo, nimba amenye yuko abamamaji bamwebamwe batatanze izabo, arashobora kubibutsa n’ubwitonzi kuzitanga imbere y’igenekerezo rya 6 Rusama, ari wo musi ategerezwa gushikiriza Sosiyete raporo y’ishengero. Yoshobora gutera akamo abarongozi b’inyigisho y’igitabu kugira ngo bamusahirize mu vy’ugushikira umwamamaji umwumwe wese.
18 Ikiringo c’Icibutso ni igihe gihambaye cane c’umwaka ku bantu b’Imana. Gikwiye kuba igihe c’ukugira vyinshi vyo gukora kuri twese mu murimo turangurira Yehova. Ni ko bizomera mu gihe umwe wese muri twebwe agize uruhara bimwe vyuzuye uko bishoboka kwose mu gukora bwa mwamamaji w’inkuru nziza, mu gihe abashobora kwiyandikisha gukora ubutsimvyi bw’ugufasha babigize, no mu gihe dushirutse ubute mu kuzanana n’abandi ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu. Nimuze dusengane ishaka dusaba umuhezagiro mwinshi wa Yehova mu kwihata kugira ngo ukwezi kwa Ndamukiza kwo mu 2000 tukugire ukwezi kwacu ntangere, ivyo vyose bishemeze vyongere bininahaze Yehova!—Heb. 13:15.
[Blurb on page 3]
Abatsimvyi Bafasha
Igitigiri c’Agaheta Tutaribwigere Dushikira: 3.924
(Ndamukiza 1998)
[Blurb on page 4]
Abamamaji Bose Hamwe
Igitigiri c’Agaheta Tutaribwigere Dushikira: 35.740
(Myandagaro 1999)
[Blurb on page 5]
Abitaba Icibutso
Igitigiri c’Agaheta Tutaribwigere Dushikira: 99.566
(1999)