Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Imbere y’uko umwamamaji atarabatizwa yemererwa kubatizwa, akwiye kuba amaze igihe kingana iki yitaba amakoraniro, n’igihe kingana iki aja mu busuku?
Kubatizwa ni yo ngingo ihambaye kuruta izindi umuntu ashobora gufata. Ku bw’ivyo, imbere y’uko umuntu yemererwa kubatizwa, ategerezwa kuba atahura ku rugero rutegereka ivyo Imana imusaba. Vyongeye, akwiye kuba amaze kwerekana ko yiyemeje kubaho yisunga ivyo Imana isaba.
Abakirisu bahimirizwa kudaheba gukoranira hamwe, rero umwamamaji atarabatizwa akwiye kuba amaze kwerekana ko yitaba amakoraniro n’umwete. (Heb. 10:24, 25) Akwiye kandi kuba ayagiramwo uruhara mu gutanga insasanuro. Mu buryo busa n’ubwo, akwiye kuba amaze kwiyandikisha mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, naho ico atari igisabwa.
Vyongeye, kubera ko abakirisu bashinzwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza no guhindura bantu abigishwa, umwamamaji atarabatizwa akwiye kuba agira uruhara mu busuku adahorereza imbere y’uko abatizwa. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Uwo mwamamaji akwiye kumara amezi angahe yamamaza imbere y’uko abatizwa? Mu bisanzwe, akwiye guhabwa umwanya ukwiye kugira ngo yerekane ko yiyemeje ashikamye kugira uruhara mu busuku buri kwezi abigiranye umwete kandi adahorereza. (Zab. 78:37) Ariko rero, kugira ngo akwize ibisabwa vyo kubatizwa si ngombwa ngo habe haciye igihe kirekire kuva abaye umwamamaji, kumbure hoca amezi nk’angahe gusa. Akwiye kuba atanga raporo y’amasaha angahe? Kuri ivyo nta gitigiri ntabanduka cashinzwe. Abakurambere bakwiye kurimbura uko ivy’umwamamaji wese vyifashe, bagakora ibitegereka kandi babigiranye uburimbane.—Luka 21:1-4.
Abakurambere (canke abakozi b’ishengero, mu mashengero arimwo abakurambere bake) baganira n’abipfuza kubatizwa bakwiye kwibuka ko abantu batandukanye, kandi bakwiye gukoresha ubukerebutsi mu gufata ingingo y’uko umuntu yobatizwa canke ntabatizwe. Bakwiye kuraba ko uwo muntu yipfuza vy’ukuri kuba Icabona ca Yehova be n’uko yerekana ko akenguruka agateka afise ko kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova no kugira uruhara mu busuku. Abakurambere baratahura ko uwo muntu ataraba uwuhumuye mu vy’impwemu canke ngo agire ubuhanga nk’ubw’abamamazanjili babatijwe babimenyereye. Igihe abakurambere babonye ko uwo muntu adakwije ibisabwa vyo kubatizwa, babigiranye umutima mwiza, barakwiye kumumenyesha imvo zishingiye ku Vyanditswe zatumye bafata iyo ngingo kandi bakamufasha mu vy’impwemu.