Nufashe abatohoji ba Bibiliya gucika abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami
1 Igikorwa Yezu yashinze abigishwa biwe nk’uko bivugwa muri Matayo 28:19, 20, mu vy’ukuri cari igikorwa kigera kure. Abigishwa ba Kristu bategetswe guhindura abantu benshi abigishwa, abo na bo mu nyuma bakaba ari bo bociye babandanya ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Hobaye hashinzwe umushinge w’ugusozera iyamamazwa ry’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kw’isi yose mu kiringo kidasanzwe co mu misi y’iherezo, iyo turimwo muri kino gihe.—Mat. 24:14.
2 Abatohoji ba Bibiliya bashobora kuba ari abana bacu canke abandi bantu bafise umutima ukunze wo kwigana natwe Bibiliya. Dushaka gufasha abantu nk’abo kugira batahure ibanga ryega umwe wese ku giti ciwe ryo gufasha abandi gucika abigishwa ba Yezu Kristu.—Luka 6:40.
3 Nubategure ku bw’ugushinga intahe: Nuremeshe abo mwigana kubwira abandi ivyo bariko bariga. Nubiganire ibintu biremesha vyabonywe mu busuku bwo mu ndimiro. Numenyereze abana bawe kuva bakiri bato kugira uruhara mu busuku mu buryo ngirakamaro, bivanye n’ivyo bashoboye (Zab. 148:12, 13). Niwerekane mu mvugo no mu ngiro ukuntu uha agaciro ubusuku.—1 Tim. 1:12.
4 Yehova akoresha gusa abemera ingingo mfatirwako ziwe zigororotse bakongera bakabaho bazisunga. Ego ni ko, abamamaji bashasha ntibaba bazi vyinshi cokimwe n’abasuku b’Ubwami bamaze kumenya utuntu n’utundi, biyeguye, kandi babatijwe, mugabo abo bashasha bategerezwa kuba bemera inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya no kuba bashoboye kuzisigura (Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe, urupapuro rwa 79-82.). Bategerezwa kuvavanura na “Babiloni Akomeye”, kutagira uruhara mu vya politike no kuba bitaba amakoraniro y’ishengero badahorereza.—Ivyah. 18:2, 4; Yoh. 17:16; Heb. 10:24, 25.
5 Mu gihe ubonye ko umwe mu bo mwigana Bibiliya akwije ibisabwa kugira ngo abe umwamamaji atarabatizwa, bikwiye guca bimenyeshwa umucungezi muhagarikizi. Azotunganya ivy’uko abakurambere babiri babonana na wewe be n’uwo mwigana Bibiliya, kugira bihweze nimba yoba akwije ibisabwa ngo abe umwamamaji w’inkuru nziza y’Ubwami atarabatizwa akorana n’ishengero. Uzoheza rero uronke agateka ko kurushiriza kumenyereza umutohoji wawe wa Bibiliya igihe azoza arajana nawe mu murimo wo mu ndimiro.