Numenyereze abana bawe babe abasuku
1. Ibivugwa muri Zaburi 148:12, 13 bituma biba ngombwa ko abavyeyi bakirisu bakora iki?
1 Yehova aratera akamo abakiri bato ngo bamushemeze. (Zab. 148:12, 13) Ku bw’ivyo, abavyeyi bakirisu ntibigisha gusa abana babo ukuri kwo muri Bibiliya be n’amategeko y’Imana agenga inyifato runtu. Baranabamenyereza kugira babe abasuku b’inkuru nziza. None ivyo bobigira gute intambwe ku yindi?
2. Akarorero keza k’umuvyeyi gashobora gute kugira ico gakoze ku bana?
2 Akarorero keza: Wa Mucamanza Gideyoni yabwiye abantu biwe 300 ati: “Muze kwitegereza uko ngira.” (Abac. 7:17) Mu bisanzwe, abana barakunda kwitegereza abavyeyi babo no kubigana. Hari serugo umwe akora ijoro, mugabo iyo agodotse ku wa gatandatu mu gitondo, aho guca aja kuryama aca ajana abana biwe mu busuku naho aba arushe cane. Ata n’ijambo arinze kuvuga, aba ariko arabigisha yuko ubusuku ari ikintu gikwiye kuja imbere. (Mat. 6:33) Abana bawe boba babona ingene uhimbarwa no kugira uruhara mu mice itandukanye y’ugusenga, nk’ugutura isengesho, ugusoma Bibiliya, ugutanga insasanuro be n’ukwamamaza? Ego ni ko, ntuzobabera akarorero katagira akanenge. Ariko rero, abana bawe bizoborohera cane gushira mu ngiro ivyo wihatira kubigisha ku bijanye n’ugusenga Yehova nimba babona ingene umukorera ubigiranye umwete.—Gus. 6:6, 7; Rom. 2:21, 22.
3. Ni imigambi iyihe yo mu vy’impwemu abavyeyi bakwiye gufasha abana babo kwishingira no gushikako intambwe ku yindi?
3 Imigambi ishingwa intambwe ku yindi: Abavyeyi nta ko batagira ngo bigishe abana babo gutambuka, kuvuga, kwiyambika, n’ibindi n’ibindi. Igihe abana bateye intambwe zihambaye mw’ikura ryabo, baca bashingirwa imigambi mishasha. Nimba abavyeyi ari abakirisu, barongera bagafasha abana babo kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu no kuyishikako bisunze imyaka bafise be n’ivyo bashoboye. (1 Kor. 9:26) Woba uriko urigisha abana bawe gutanga insasanuro mu majambo yabo bwite no gutegura ibiganiro bazoshikiriza mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi? (Zab. 35:18) Woba uriko urabamenyereza kugira uruhara mu mice itandukanye y’ubusuku? Woba uriko urabafasha kwishingira umugambi wo kubatizwa no gukora umurimo w’igihe cose? Woba uriko uragira ico ukoze kugira ngo bifatanye n’abamamaji b’umunezero n’igishika bobaremesha?—Imig. 13:20.
4. Abana bungukira gute ku kuba bafise abavyeyi batangura kubamenyereza mu busuku bakiri batoyi?
4 Umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Ewe Mana, wanyigishije kuva mu buto bwanje, kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe vy’agatangaza.” (Zab. 71:17) Nutangure kumenyereza abana bawe kuva bakiri batoyi kugira babe abasuku. Umushinge wo mu vy’impwemu wewe muvyeyi ubafasha kwishingira ntuzobura kugira ico ubunguye gushika n’igihe bazoba bageze mu bigero!—Imig. 22:6.