Bavyeyi—Nimumenyereze Abana Banyu Kuva Bakiri mu Buhinja
1 “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” (Imig. 22:6) Bavyeyi, nimba mwipfuza ko abana banyu ‘batava’ mu nzira y’ukuri, ni ryari ukwo kumenyerezwa gukwiye gutangura? Hakiri kare mu bwana!
2 Igihe Paulo yavuga yuko indero ya Timoteyo yo mu vy’impwemu yari iyo “kuva akiri mu buhinja,” (NW) bigaragara ko yashatse kuvuga ko yayironse kuva mu bwana. (2 Tim. 3:14, 15) Ico vyavuyemwo ni uko Timoteyo yabaye umugabo akomeye mu vy’impwemu utoraba. (Flp. 2:19-22) Bavyeyi, na mwebwe nyene mutegerezwa gutangura “kuva mu buhinja” kumenyereza abana banyu mu vyo bakeneye kugira ngo ‘bakurire imbere ya Yehova.’—1 Sam. 2:21.
3 Baronse Amazi Bakeneye Kugira ngo Bakure: Nka kurya nyene imivyaro y’ibiti ikenera kuronswa amazi ubudahorereza kugira ngo ikure ibe ibiti vy’inganzamarumbu, ni ko n’abana b’imyaka yose bakenera amazi menshi y’ukuri kwa Bibiliya kugira ngo bakure baze bavemwo abasavyi b’Imana bahumuye. Uburyo nyamukuru bwo kwigisha abana ukuri no kubafasha ngo bagiranire ubucuti na Yehova, ni inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza. Ariko bavyeyi, nimwihweze ubushobozi bwo gukurikira bw’umwana wese. Ku bana bakiri bato, bisa n’uko ibiringo bigufibigufi vy’inyigisho biba kenshi bishobora kurushiriza kuba kirumara kuruta ibiba gake bikamara umwanya muremure.—Gus. 11:18, 19.
4 Ntimwigere mukengera ubushobozi bwo kwiga bw’abana banyu. Nimubiganire inkuru zerekeye abantu bavugwa muri Bibiliya. Reka bacape amashusho y’inkuru zo muri Bibiliya canke bakine ivyabaye bivugwa muri yo. Nidukoreshe neza amavidewo yacu n’amakaseti yo kwumviriza, dushizemwo n’amakaseti y’ibikino vy’ivya Bibiliya. Nimuhuze inyigisho n’imyaka bafise mwongere mwige ububangukirwe bw’abana banyu. Ukumenyerezwa kwo mu ntango kwoba ari ukwerekeye ibintu vy’ishimikiro, atari vyinshivyinshi; uko umwana akura, ukumenyerezwa aronka gukwiye kurushiriza kuba ukugera kure kandi kugatera kuja imbere. Nimutume inyigisho ya Bibiliya ibamwo igishika kandi ntivyame ari vya bindi. Mukaba mwipfuza ko abana banyu “[ba]remarem[a] ugucambirwa” Ijambo ry’Imana, nimukore uko mushoboye kwose kugira ngo mutume inyigisho iba iyikwegera.—1 Pet. 2:2.
5 Nimutume Bagira Uruhara mw’Ishengero: Nimushingire abana banyu amahangiro intambwe ku yindi kugira ngo bifatanye n’ishengero bimwe bishitse. Ihangiro ryabo rya mbere rishobora kuba irihe? Abavyeyi b’abana bato babiri bavuze bati: “Abo bana bompi batanguye kuronka indero y’ukwicara batekereje mu Ngoro y’Ubwami.” Mu nyuma, nimufashe abana gutanga insasanuro mu majambo yabo ku makoraniro, maze bishingire ihangiro ry’ukwiyandikisha mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. Mu murimo wo mu ndimiro, amahangiro meza akwiye gushikirwa ashobora kuba ari ugutanga agapapuro k’inkuru nziza ku muhana, gusoma icanditswe, gushikiriza ikinyamakuru hamwe n’ugutanguza ibiganiro vy’ingirakamaro n’abanyamuhana.
6 Nimutange Akarorero Karanga Igishika: Ubwo abana banyu bahora babumva muvuga ivyerekeye Yehova ku musi ku musi kandi mumusenga? Boba bababona mwiga Ijambo ryiwe, mwitaba amakoraniro, mugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro, kandi muhimbarwa n’ugukora ivy’Imana igomba? (Zab. 40:8) Birahambaye ko bababona mubigira kandi mukabigira muri kumwe. Umwigeme umwe yavuze ku vyerekeye nyina wiwe, uwareze abana batandatu bagacika Ivyabona b’abizerwa ati: “Icatujongoroye kuruta ibindi kari akarorero ka Mawe ubwiwe—katubereye ya ngiro iruta imvugo.” Hariho nyina w’[abana] bane umwe yiganye ibi: “ ‘Yehova aza ubwa mbere’ ntiryari iryungane risanzwe gusa ariko bwari bwo buryo twabaho mu buzima bwacu.”
7 Bavyeyi, nimutangure kumenyereza abana banyu hakiri kare, mubigishe ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, mu kubashingira amahangiro intambwe ku yindi no mu gutanga akarorero keza gashoboka. Emwe, nimwabigira muzogira agahimbare!