Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi
“Amashengero menshi ubu ntakivuga ibijanye n’igicumuro nk’uko vyari bimeze mu myaka iheze. Woba wibaza ko ibijanye n’igicumuro ari ibintu vyataye igihe, canke coba ari ikintu gikwiye kuturaza ishinga? [Rindira yishure. Nuce usoma Abaroma 5:12.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’igicumuro.”
Réveillez-vous! Ruheshi
“Biboneka yuko ibintu bitesha umutwe birushiriza kwongerekana mu buzima. Woba uvyemera? [Rindira yishure.] Abantu benshi babona ko aya majambo asigura impamvu imwe ituma hari ibintu bitesha umutwe cane gutyo. [Soma 2 Timoteyo 3:1.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene uguta umwe bitugirako ingaruka. Kiraduha kandi impanuro zimwezimwe zijanye n’ukuntu twokwirinda guta umutwe.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi
“Hari abantu babanza kuraba ukuntu inyenyeri zihagaze imbere yo gufata ingingo (bimwe bita horoscope). Woba wibaza ko inyenyeri zigira ico zikoze ku buzima bwacu? [Rindira yishure.] Biri n’ico bivuze kuba Bibiliya ivuga ibijanye n’uturundo tw’inyenyeri. [Soma 2 Abami 23:5.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ibivugako.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 18.
Réveillez-vous! Ruheshi
“Akenshi amadini arasaba amahera kugira ngo abatize abantu, araganishe abagize ubugeni be no kugira ngo asome imisa y’amaziko. Woba wibaza ko ivyo bibereye? [Rindira yishure.] Raba ubu buyobozi Yezu yahaye abigishwa biwe. [Soma Matayo 10:7, 8b.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kurihisha amahera mu vyerekeye ibikorwa idini rirangurira abantu.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 22.