ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/09 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 7/09 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi

“Ibitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibijanye no kurera abana, kurondera uwo bokwubakana be n’ukuntu yokwumva ashize akanyota birakundwa cane muri iki gihe. Woba wewe ubwawe umaze kubona ko ivyo bitabu ari ngirakamaro? [Rindira yishure.] Abantu benshi barirengagiza iri sôko ry’impanuro zo kwizigirwa. [Soma 2 Timoteyo 3:16.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma dukwiye kwizigira Bibiliya kikongera kikerekana uburorero bw’impanuro ngirakamaro ziri muri yo.”

Réveillez-vous! Ruheshi

“Nk’uko ubizi, ivy’uko gukorora inda vyoba bibereye canke bitabereye biraharirwako cane. Woba wibaza ko Bibiliya ishobora gufasha umuntu kumenya ico yokora? [Rindira yishure, uce usoma 2 Timoteyo 3:16, 17.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ibivugako.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi

“Abantu benshi bemera ko amadini ari kw’isi ari inzira zitandukanye zishikana ku Mana imwe. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga. [Soma Yosuwa 24:15.] Iki kiganiro kirerekana imvo zijijura zotuma twebwe ubwacu dusuzuma tukaraba nimba idini turimwo idushikana ku Mana y’ukuri.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.

Réveillez-vous! Ruheshi

“Twese turazi abantu bapfuye. Woba wibaza none ko dukwiye gutinya ko bamwe muri bo boshobra gushavura maze bakarondera kutugirira nabi? [Rindira yishure, uce usoma Umusiguzi 9:5, 6.] Iki kiganiro uza gusanga gihumuriza.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika