ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/09 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 9/09 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro

“Abantu bamwebamwe bavuga yuko ngo amadini yose ari inzira zitandukanye zishikana ku Mana imwe. Woba wibaza ko amadini yose ari meza? [Rindira yishure, uce usoma Matayo 7:13, 14.] Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bitatu kandondwa Bibiliya ivuga ko idini ryiza rikwiye kuremesha.”

Réveillez-vous! Myandagaro

“Umwe wese muri twebwe biramaze gushika agakumirwa ata co azira. Wibaza ko Imana yumva imerewe gute ku bijanye n’ukwinubana? [Rindira yishure, uce usoma Ibikorwa 10:34, 35.] Bibiliya irashobora kudufasha kuvyifatamwo neza igihe dukumiriwe. Vyongeye, iradufasha kurandurana n’imizi ukwinubana uko ari ko kwose twoshobora kuba dufise. Iki kinyamakuru ivyo kirabisigura.”

Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro

“Abantu benshi bibaza yuko abantu bakora neza bose bazoja mw’ijuru. Ivyo nawe vyoba ari vyo wemera? [Rindira yishure.] Raba ibivugwa ng’aha ku bijanye n’isi. [Soma Zaburi 37:11, 29.] Iki kiganiro kirerekana ivyo Yezu yigishije ku bijanye na kazoza k’abantu ng’aha kw’isi.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 22.

Réveillez-vous! Myandagaro

“Ni ibintu bike biba mu buzima usanga bibabaza kuruta ukubura umuvyeyi. Woba uvyemera? [Rindira yishure.] Abantu benshi bariruwe n’ivyanditswe vya Bibiliya nk’iki. [Soma Ivyahishuwe 21:4.] Iki kiganiro kirasigura ukuntu umuntu, na canecane uwukiri muto, yovyifatamwo igihe yishwe n’intuntu iva ku kubura umuvyeyi.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika