Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Abantu bamwebamwe bavuga yuko ngo amadini yose ari inzira zitandukanye zishikana ku Mana imwe. Woba wibaza ko amadini yose ari meza? [Rindira yishure, uce usoma Matayo 7:13, 14.] Iki kinyamakuru kirerekana ibintu bitatu kandondwa Bibiliya ivuga ko idini ryiza rikwiye kuremesha.”
Réveillez-vous! Myandagaro
“Umwe wese muri twebwe biramaze gushika agakumirwa ata co azira. Wibaza ko Imana yumva imerewe gute ku bijanye n’ukwinubana? [Rindira yishure, uce usoma Ibikorwa 10:34, 35.] Bibiliya irashobora kudufasha kuvyifatamwo neza igihe dukumiriwe. Vyongeye, iradufasha kurandurana n’imizi ukwinubana uko ari ko kwose twoshobora kuba dufise. Iki kinyamakuru ivyo kirabisigura.”
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Abantu benshi bibaza yuko abantu bakora neza bose bazoja mw’ijuru. Ivyo nawe vyoba ari vyo wemera? [Rindira yishure.] Raba ibivugwa ng’aha ku bijanye n’isi. [Soma Zaburi 37:11, 29.] Iki kiganiro kirerekana ivyo Yezu yigishije ku bijanye na kazoza k’abantu ng’aha kw’isi.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 22.
Réveillez-vous! Myandagaro
“Ni ibintu bike biba mu buzima usanga bibabaza kuruta ukubura umuvyeyi. Woba uvyemera? [Rindira yishure.] Abantu benshi bariruwe n’ivyanditswe vya Bibiliya nk’iki. [Soma Ivyahishuwe 21:4.] Iki kiganiro kirasigura ukuntu umuntu, na canecane uwukiri muto, yovyifatamwo igihe yishwe n’intuntu iva ku kubura umuvyeyi.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.