Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Muri iki kiringo c’umwaka, abantu benshi bariko biyumvira ibijanye na Yezu. Wewe wovuga ko Yezu yagize ikintu ikihe akoze kuri wewe? [Rindira yishure.] Bibiliya ituremesha gukurikira akarorero ka Yezu. [Soma 1 Petero 2:21.] Kubigenza gutyo birashobora gutuma tuba abantu bameze neza kandi bahimbawe kuruta. Iki kinyamakuru kirasigura igituma.”
Réveillez-vous! Kigarama
“Haraheze ibinjana n’ibindi abantu bibaza iki kibazo. [Mwereke ikibazo kiri ku gipfukisho.] Wewe wibaza ko ari hehe dushobora gukura inyinshu ngirakimazi? [Rindira yishure.] Raba igituma dukwiye kuronderera inyishu ku Mana. [Soma Zaburi 100:3.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ico ciyumviro.”
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Woba umaze kubona ko abantu babona mu buryo butandukanye ingingo mfatirwako zijanye n’isuku? [Rindira yishure.] Raba imvo imwe ituma isuku riba ikintu gihambaye. [Soma 1 Petero 1:16.] Iki kiganiro kiratanga inama ngirakamaro ku bijanye no kuguma dufise isuku.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 9.
Réveillez-vous! Kigarama
“Muri iki kiringo c’umwaka, abantu benshi baragerageza gutera iteka Yezu. Twisunze ibivugwa muri uwu murongo, wovuga ko uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kumutera iteka ari ubuhe? [Soma Yohani 14:15, uce urindira yishure.] Igenekerezo nyaryo Yezu yavukiyeko ntirizwi, kandi woshobora gutangara umenye igituma igenekerezo rya 25 Kigarama ryafashwe ngo ribe ari ryo rihimbarizwako Noweli.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.