Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Woba wibaza ko umusi uri izina Imana izokura imibabaro kw’isi? [Rindira yishure.] Raba uyu muhango wo muri Bibiliya uduha impamvu yo kugira icizigiro. [Soma kimwe mu vyanditswe dusanga mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 7.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu Imana izokuraho imibabaro yose be n’igihe izobigirira.”
Réveillez-vous! Kigarama
“Hari abemera ko isi yaremwe, mu gihe abandi biyumvira ko yabayeho ku gihamana be n’uko ata mugambi utomoye uriho ku bijanye na yo. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ibivugako. [Soma Abaheburayo 3:4.] Iki kinyamakuru kiratanga insobanuro yumvikana ku bijanye n’ukuntu isi yabayeho be n’igituma iriho.”
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Muri kino kiringo c’umwaka, abantu benshi baramanika amashusho yerekana ivuka ry’akana Yezu kugira ngo berekane ibivugwa muri iyi nkuru yo muri Bibiliya. [Soma Matayo 2:1, 11.] Woba wabonye amatandukaniro ari hagati y’ivyo Bibiliya ivuga ko vyabaye be n’ibintu bikunze gushushanywa? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kiravuga ibijanye n’ibintu vyabaye vy’ukuri.” Niwerekane ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 31.
Réveillez-vous! Kigarama
“Noshima kumenya ico wiyumvira ku bijanye n’ikintu Yezu yavuze. [Soma Matayo 5:3.] Ko hariho amadini menshi cane, woba wibaza ko hari ico bitwaye dupfuye uko duhisemwo uburyo twironsa ivy’impwemu, ni ukuvuga ibijanye n’ivy’Imana? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu twokwumva vy’ukuri dushize akanyota mu vyerekeye ivy’Imana.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.