ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/11 rup. 8
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 1/11 rup. 8

Ingene twoshikiriza ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama

“Abantu benshi muri iki gihe baremera ko mu karere k’impwemu hariho ibiremwa bifise ubwenge bigira ico bikoze ku buzima bwacu. Uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma Ivyahishuwe 12:7-9.] Iki kinyamakuru kiratwereka ico Bibiliya ivuga ku baba mu karere k’impwemu, ukuntu bagira ico bakoze ku buzima bwacu, kikanatubwira nimba twoshobora kuvugana na bo.”

Be maso! Nzero–Ntwarante

“Akenshi turumva ibijanye n’abantu bahemukirwa n’abo bubakanye, abanyapolitike canke abandi. Woba wibaza ko biguma birushiriza kuba ibigoye kuronka abantu b’abizigirwa? [Rindira yishure.] Abenshi babona ko iki canditswe kiriko kiraranguka. [Soma 2 Timoteyo 3:1-5.] Iki kinyamakuru kiradusigurira aho abantu b’abizigirwa dushobora kubasanga no muri iki gihe.”

Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama

“Woba ubona ko abavyeyi bireranye abana akenshi usanga bibagora cane kurusha abavyeyi babiri bubakanye? [Rindira yishure.] Bibiliya iraturemesha kwitwararika abatorohewe. [Soma Zaburi 41:1.] Ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 22 kiradusigurira ukuntu dushobora kwitwararika abavyeyi bireranye abana.”

Be maso! Nzero–Ntwarante

Soma 2 Timoteyo 3:16. Nuce uvuga uti: “Woba wiyumvira yuko dushobora kwizigira ivyo Bibiliya ivuga vyose? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana nimba ubucukuzi bw’ivya kera be n’inkuru za kahise vyemeza ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Misiri ya kera.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika