Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Abantu benshi muri iki gihe baremera ko mu karere k’impwemu hariho ibiremwa bifise ubwenge bigira ico bikoze ku buzima bwacu. Uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma Ivyahishuwe 12:7-9.] Iki kinyamakuru kiratwereka ico Bibiliya ivuga ku baba mu karere k’impwemu, ukuntu bagira ico bakoze ku buzima bwacu, kikanatubwira nimba twoshobora kuvugana na bo.”
Be maso! Nzero–Ntwarante
“Akenshi turumva ibijanye n’abantu bahemukirwa n’abo bubakanye, abanyapolitike canke abandi. Woba wibaza ko biguma birushiriza kuba ibigoye kuronka abantu b’abizigirwa? [Rindira yishure.] Abenshi babona ko iki canditswe kiriko kiraranguka. [Soma 2 Timoteyo 3:1-5.] Iki kinyamakuru kiradusigurira aho abantu b’abizigirwa dushobora kubasanga no muri iki gihe.”
Umunara w’Inderetsi 1 Kigarama
“Woba ubona ko abavyeyi bireranye abana akenshi usanga bibagora cane kurusha abavyeyi babiri bubakanye? [Rindira yishure.] Bibiliya iraturemesha kwitwararika abatorohewe. [Soma Zaburi 41:1.] Ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 22 kiradusigurira ukuntu dushobora kwitwararika abavyeyi bireranye abana.”
Be maso! Nzero–Ntwarante
Soma 2 Timoteyo 3:16. Nuce uvuga uti: “Woba wiyumvira yuko dushobora kwizigira ivyo Bibiliya ivuga vyose? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana nimba ubucukuzi bw’ivya kera be n’inkuru za kahise vyemeza ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Misiri ya kera.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 15.