Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 8 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 8 RUHUHUMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv ikig. 16 ing. 15-22, uruzitiro ruri ku rup. 194
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abacamanza 11-14
No. 1: Abacamanza 13:1-14
No. 2: Ni igiki twigira ku majambo ya Yezu yanditse muri Luka 16:9-13?
No. 3: Igituma Imana yabaye iraretse ubukozi bw’ikibi (td 26B)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Kwishura ibibazo ku bijanye n’imisi mikuru. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, ku rupapuro rwa 159 ingingo ya 11-12. Raba kandi amayagwa y’inyongera ari ku rupapuro rwa 222-223. Ni imisi mikuru iyihe ishobora kuba ihimbazwa n’abantu bo mu cibare canyu? Ni ryari kandi ni hehe bishoboka ko woshobora gushinga intahe ku bijanye n’umusi mukuru kanaka? Nimushiremwo umwerekano w’ukuntu umuvyeyi yofasha umwana wiwe kwitegurira kwishura ikibazo kigira giti: ‘Ni kubera iki udahimbaza Noweli?’
Imin. 20: “Ubutumire bw’Icibutso buzotangwa kw’isi yose!” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Imbere yo kurimbura ingingo ya 2, nimuronse umwe wese agapapuro kiwe k’ubutumire, nimba tuhari, maze mushire ahabona imice itandukanye yako. Mumaze kurimbura ingingo ya 2, nusabe umwamamaji agire umwerekano w’ukuntu ako gapapuro k’ubutumire kazokoreshwa. Nubaze ibibazo umucungezi w’umurimo canke uwundi mukurambere kugira ngo asigure ibindi bintu vyerekeye indinganizo zagizwe mu bijanye n’umurimo wo mu ndimiro ku bw’iryo sekeza ryimirije rijanye n’Icibutso.