Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Noshima kumenya ico wiyumvira kuri aya majambo Yezu yavuze. [Soma Yohani 3:3.] Wewe wibaza ko kwongera kuvuka bisobanura iki? [Rindira yishure.] Gutahura mu buryo batagiramwo amakosa ayo majambo Yezu yavuze biragira ico bikoze ku buzima bwacu be no ku vyo twiteze muri kazoza. Iki kinyamakuru kirasigura igituma.”
Réveillez-vous! Ndamukiza
“Abana benshi bakiri ku ntebe y’ishure basa n’abari mu mukazo. Woba wibaza ko ibintu bitakimeze nk’uko vyari igihe abavyeyi babo bari bakiri ku ntebe y’ishure? [Rindira yishure.] Umukazo udakenewe urashobora kugira ingaruka mbi. [Soma Umusiguzi 7:7a.] Iki kinyamakuru kiravuga ukuntu abakuze bashobora gufasha abakiri bato kuvyifatamwo neza.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Hari abemera ko ibizodushikira muri kazoza biba vyaranditswe imbere y’igihe, mu gihe abandi biyumvira ko ari twe twihitiramwo ibizodushikira. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Raba aya majambo ashimishije. [Soma Umusiguzi 9:11.] Iki kiganiro kiraca irya n’ino inyishu Bibiliya itanga kuri iki kibazo kivuga ngo ‘Twoba twarandikiwe ibidushikira?’ ” Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 26.
Réveillez-vous! Ndamukiza
“Imibano y’ababiranye myinshi iruhira gusambuka kubera uguhemukirana. Wibaza ko gushira mu ngiro uyu murongo wo muri Bibiliya vyotuma imibano y’ababiranye iramba? [Soma Matayo 5:28. Nuce ureka yishure.] Iki kiganiro kirisunga Bibiliya mu gufasha abubakanye kwirinda kugwa mu mutego wo guhemuka.” Numwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 28.