Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Abantu benshi biyumvira ko itongo ry’i Edeni ari umugani. Woba wotangazwa no kwumva ko Yezu yerekanye yuko Adamu na Eva babayeho koko? [Rindira yishure, uce usoma Matayo 19:4-6.] Iki kinyamakuru kirishura bimwebimwe mu bibazo abantu bakunda kwibaza ku bijanye n’itongo ry’i Edeni.”
Be maso! Nzero–Ntwarante
“Hari abantu benshi babajije bati: ‘Nimba Imana iriho, kubera iki none idakuraho Shetani?’ Woba wari umaze kwibaza ico kibazo? [Rindira yishure.] Ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 10 n’urwa 11 kirishura ico kibazo cishimikije Bibiliya. Kiratubwira n’ingene isi izoba imeze Shetani niyamara gukurwaho.” Soma Ivyahishuwe 21: 3, 4.
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
Soma Itanguriro 2:16, 17, uce uvuga uti: “Hari abavuga ko Imana yari izi ko Adamu yocumuye. Abandi na bo babona ko bwobaye ari uburyarya Imana iburiye Adamu kandi isanzwe izi ingene vyohavuye bimugendera. Wewe uvyiyumvirako iki? [Rindira yishure.] Iki kiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 13 kirasigura ingene Imana ikoresha ubushobozi ifise bwo kumenya ibizoba.”
Be maso! Nzero–Ntwarante
“Turazi neza ko ishure ritegura uwukiri muto ku bw’amabanga yo muri kazoza asaba “ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira.” [Soma Imigani 3:21.] Ariko rero, hari abakiri bato biyumvira guheba ishure bataranaheza amashure abayabaye akenewe yotuma bashobora kwitwararika ayo mabanga. Woba uzi imvo zimwezimwe zibituma? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirazerekana, kikerekana n’ivyo uwukiri muto yorimbura imbere yo gufata iyo ngingo.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 19.