Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ruhuhuma
“Abantu benshi baremera yuko Shetani ari we ari inyuma y’ibibi bikorwa mw’isi. Ariko baribaza bati: ‘Shetani yavuye hehe? Imana yoba ari yo yamuremye?’ Uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Ehe raba ukuntu ng’aha havuga.” Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma, maze murabire hamwe ingingo ya mbere mwongere musuzume icanditswe catanzwe. Numushikirize ibinyamakuru muce muvugana umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Abantu batari bake barabwiwe ivyerekeye umuhero w’isi. Woba wibaza ko umuhero w’isi ari ikintu dukwiye gutinya? [Rindira yishure.] Nk’uko iki canditswe kivyerekana, hariho bamwebamwe bazorokoka. [Soma 1 Yohani 2:17.] Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bine vyerekeye umuhero w’isi abantu benshi bakunda kwibaza.”
Be maso! Nzero
“Turiko tugendera imiryango kugira tuganire n’abayigize amakuru amwamwe y’ingirakamaro. Woba ubona ko bihambaye yuko abagize umuryango bashira mu ngiro aya majambo ya Yezu? [Soma Ivyakozwe 20:35b, uce urindira yishure.] Kwigisha abana kutaba abantu bikunda birashobora kuba urugamba rukomeye muri ino si aho usanga abantu benshi basa n’abiyumvira ivyabo gusa. Iki kiganiro kirerekana ibintu bimwebimwe vy’ingirakamaro abavyeyi bokora mu kurera abana babo kugira babe abitwararika abandi.”