Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ruhuhuma
“Abantu usanga bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye na Bibiliya. Bamwe babona ko ari Ijambo ry’Imana, magingo abandi bayibona ko ari igitabu gisanzwe gusa. Wewe ubona gute Bibiliya?” Rindira yishure. Nuce umwereka urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Twari duciye ng’aha gatoyi kugira tuyage ibijanye n’ikintu twese kitubabaza, na co kikaba ari ukubura uwacu. Woba wemera ko kubura umugenzi somambike canke incuti ari co kintu ca mbere kigoye kwihanganira? [Rindira yishure.] Benshi basanze iki canditswe co muri Bibiliya gihumuriza. [Soma Yesaya 25:8.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino umuhango uremesha Bibiliya itanga w’uko urupfu ruzokurwaho kandi n’abacu twabuze bagasubira kuba bazima.”
Be maso! Nzero
“Woba wemera ko imiryango ishikirwa n’ingorane nyinshi muri iki gihe? [Rindira yishure.] Uwu mugani wo muri Bibiliya uratwereka ikintu imiryango ibwirizwa kuba ifise kugira ngo ikomeze abayigize. [Soma Imigani 24:3.] Bamwe basanze Bibiliya ari isôko ryo kwizigirwa ry’ubukerebutsi. Iki kinyamakuru kiravuga ibijanye n’umuhora udasanzwe ushingiye kuri Bibiliya, urimwo ibikoresho bitari bike bigenewe gufasha imiryango, kandi ntibigurishwa.”