ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/14 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 4/14 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Rusama

“Tubagendeye gatoyi kugira tuganire kuri iki kibazo gishimishije. [Numwereke ikibazo ca mbere ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama.] Uvyiyumvirako iki?” Rindira yishure. Nimurabire hamwe ibivugwa munsi y’ico kibazo mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Rusama

“Tubagendeye kubera ko abantu benshi bipfuza kumenya ico kazoza kababikiye. Iyo wiyumviriye ivyerekeye kazoza, uca wumva umerewe gute? Woba uca wumva ufise icizigiro canke wumva uhagaritse ubuzima? [Rindira yishure. Nuce usoma kimwe mu vyanditswe biri mu ruzitiro ruvuga ngo “Ivyo Imana yahishuye ku bijanye na kazoza.”] Iki kinyamakuru kirerekana bimwe mu bintu Imana ivuga ko bizoba kandi kirasigura igituma twokwemera tudakeka ko bizoba.”

Be maso! Rusama

“Tubagendeye gatoyi kugira dufashe abantu kubona ingene bokwihanganira umwitwarariko. Woba ubona ko muri iki gihe abantu bafise imyitwarariko myinshi kuruta uko vyari kera? [Rindira yishure.] Benshi basanze gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya bibafasha kwihanganira umwitwarariko. Raba imwe muri izo mpanuro. [Soma Matayo 6:34.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora kudufasha kwihanganira ibintu bikunda gutuma tugira umwitwarariko.”

Ibimenyeshejwe: Ico kinyamakuru kizoshimisha canecane abagwizatunga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika