Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Gitugutu
“Turiko turagendera ababanyi bacu gatoyi tuganira ibijanye n’intwaro nziza. Wibaza ko hariho intwaro yoshobora gukuraho buhere ingorane zikomeye, nk’ubukazi n’akarenganyo?” Rindira yishure. Niwibutse uwo munyamuhana ko muri rya sengesho rya Dawe wa twese, Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba ko iyo ntwaro yoza, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana. Numwereke urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Gitugutu
“Turiko turaganira n’ababanyi bacu kuri aya majambo ari muri rya sengesho rizwi cane Yezu yigisha abigishwa biwe. [Soma Matayo 6:9, 10.] Woba umaze gusigurirwa neza ico ari co Ubwami bw’Imana be n’igituma Yezu yabushimitseko cane mu nyigisho ziwe? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye Ubwami bw’Imana be n’imihezagiro imwimwe myiza cane buzozana kw’isi.”
Be maso! Gitugutu
“Turiko turagendera abantu kugira tubafashe kuronka inyishu y’iki kibazo. [Numwereke igipfukisho c’ico kinyamakuru.] Wibaza ko kugira umuntu aroranirwe vy’ukuri ategerezwa kuba atunze? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana ingene twobona amatungo mu buryo buri ku burimbane. [Soma Luka 12:15.] Bibiliya irerekana ko umuntu uwo ari we wese ashobora kuroranirwa vy’ukuri. Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu bishoboka.”