Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Gitugutu
“Muri ibi bihe bigoye twese turashikirwa n’ingorane zituma abagize imiryango bata umutwe. Wibaza ko ari hehe twokura ubuyobozi bwo kwizigirwa bwodufasha gutuma mu muryango iwacu haba agahimbare?” Rindira yishure. Numwereke Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu, muce muganira ku mayagwa ari munsi ya kamwe mu dutwe turi ku rupapuro rwa 16 n’urwa 17, mwongere musome n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numuhe ibinyamakuru maze muvugane ivyo kuzogaruka kugira murimbure kimwe mu bibazo bisigaye.
Umunara w’Inderetsi 1 Myandagaro
“Abana boba bakwiye kwigishwa ivyerekeye Imana bakiri bato, canke vyoba vyiza umuntu arindiriye bagakura kandi akabareka bakihitiramwo idini bojamwo? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya itegeka ba sebibondo gukora. [Soma Abanyefeso 6:4.] Iki kinyamakuru kirerekana ivyiyumviro bimwebimwe abavyeyi boshobora kwisunga mu kwigisha abana babo ivyerekeye Imana.”
Be maso! Mukakaro–Nyakanga
“Iyo duhuye n’umuntu ari ryo rya mbere, twaba tugiye gusaba akazi, kurondera umugenzi canke uwo twokwubakana, ukuntu twifata birahambaye cane. Woba uzi ukuntu ingingo ngenderwako nk’iyi dusanga mu Migani 10:19 ishobora kudufasha? [Nusome ico canditswe uce urindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ukuntu twokwifata neza tukibonana n’umuntu ari bwo bwa mbere.” Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 30.