Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Gitugutu
“Uno musi turiko turagendera ababanyi bacu gatoyi. Abatari bake mu bo twaganiriye bavuze ko kimwe mu bintu bigoye kuruta ibindi vyose bimaze kubashikira ari ukubura uwabo. Na we kwoba ari ukwo? [Rindira yishure.] Nasanze iki kintu kiremesha.” Nuce umwereka urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
“Twari duciye ng’aha gatoyi kugira tuganire ibijanye n’ingene abantu benshi mu kibano cacu bibaza igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro myinshi. Nawe vyoba birashika ukibaza ico kintu? [Rindira yishure.] Birashimishije kuba Bibiliya itanga umuhango w’uko hazogera igihe aho ata kigandaro canke ububabare bizoba bikiriho. [Soma Ivyahishuwe 21:4.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ibintu nyamukuru bitanu bituma haba imibabaro myinshi. Kirerekana kandi ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu Imana izokuraho imibabaro.”
Be maso! Nyakanga
“Abubakanye batari bake muri iki gihe bariko barashikirwa n’ingorane kubera ko hari ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya ibagora gushira mu ngiro. Woba uzi iyo ngingo ngenderwako iyo ari yo? [Soma Abakolosayi 3:13 uce usaba umunyamuhana agire ico akivuzeko] Iki kiganiro kirerekana ibintu bitandukanye bitera izo ngorane be n’ico abubakanye bokora kugira ngo bazitsinde.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.