Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Myandagaro
“Abantu bari mu madini atandukanye kandi basenga Imana mu buryo bwinshi butandukanye. Wiyumvira ko Imana ibibona gute? [Rindira yishure.] Raba ivyo Yezu yigishije ku bijanye n’ico kintu.” Nuhe uwo muntu Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere kari ku rupapuro rwa 16, mwongere muganire n’imiburiburi kuri kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numuhe ibinyamakuru maze muvugane ivyo kuzogaruka kugira mwihweze ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi
“Benshi muri twebwe baragwa bavyuka kugira ngo baronke ivya nkenerwa, kandi abantu bamwebamwe usanga mbere bataronka ivyo bakeneye mu buzima. Woba wiyumvira ko hazogera igihe aho ata muntu n’umwe azoba ari mworo? [Rindira yishure. Nuce usoma Zaburi 9:18.] Iki kinyamakuru kirerekana ikintu gitera ubukene be n’ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’umuti nyakuri w’iyo ngorane.”
Be maso! Mukakaro–Nyakanga
“Woba wemera yuko kubura uwawe ari kimwe mu bintu bigoye kuruta ibindi vyose bishobora gushikira umuntu? [Rindira yishure.] Benshi basanze iyi mpanuro ari ngirakamaro. [Soma Zaburi 55:22.] Iki kinyamakuru kirerekana uburyo bumwebumwe bwofasha umuntu kwihangana igihe atuntuye, kikerekana n’ukuntu twoterera umuzigo wacu ku Mana.”