ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/12 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 7/12 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Myandagaro

“Muri iki gihe abantu bakunze kwiyumvira Yezu nk’uko yari ameze kera, ubu hakaba haheze imyaka ibihumbi bibiri, bakiyumvira ko ari akayoya karyamye mu bwato bw’ibitungwa canke nk’umuntu ari ku mpfiro. Ariko none, wewe wiyumvira ko Yezu ubu ariko akora iki? [Rindira yishure.] Raba ico iki kinyamakuru kivuga.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro rwa 16 mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi

“Nagomba nkwibarize ico wiyumvira ku bijanye n’ikibazo nkoramutima. [Zingurura ku rupapuro rwa 3, hanyuma umwereke utuburungu tune dutondetse.] Ubona ari ikihe muri ibi gihuje neza n’ukuntu wewe ubona Bibiliya? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga ku biyerekeye. [Soma Abaroma 15:4.] Iki kinyamakuru kiravuga ibintu bitanu bituma Bibiliya iba igitabu ata ho gihuriye n’ibindi be n’ukuntu yotugirira akamaro.”

Be maso! Ndamukiza–Ruheshi

“Turiko tuganira n’abantu ibijanye n’ikintu kibabaje kiriko kiraba. Bisa n’uko abantu muri iki gihe barushiriza gushavura no kutigumya. Wibaza ko biterwa n’iki? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ishavu. [Soma Zaburi 37:8.] Iki kinyamakuru kirerekana imvo zimwezimwe zituma abantu barushiriza gushavura muri iki gihe be n’ivyodufasha kwigumya.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika