Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 10 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 10 RUSAMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 4-8
No. 1: 2 Samweli 6:1-13
No. 2: Imihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana (td 30A)
No. 3: Igituma kugira umunoho ari ugusenga ibigirwamana (Ef. 5:5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nusahirize mu buryo buboneka abo mu cibare. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 188, ingingo ya 4, gushika ku mpera y’urupapuro rwa 189. Nubaze ibibazo muri make uwashoboye gutera imbere kubera ko abandi bamwitwararitse.
Imin. 10: Ingoro y’Ubwami isukuye iratera iteka Yehova. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Kubera ko Yehova ari Imana nyeranda, isuku rikwiye kuba ikintu abasavyi biwe bitwararika cane. (Kuv. 30:17-21; 40:30-32) Kubungabunga ikibanza dusengeramwo kikaguma gisukuye kandi kimeze neza, biratuma Yehova aninahazwa. (1 Pet. 2:12) Nubaze ibibazo umuvukanyi ahagarikira ibikorwa vy’ugusukura Ingoro no kuyibungabunga, avuge ingene ibintu bitunganijwe ng’aho iwanyu. Niwigane ivyabonywe aho iwanyu canke vyasohowe mu bitabu vy’umushumba vyerekana ingene ukuba Ingoro y’Ubwami iboneka neza vyashinze intahe mu kibano. Nuremeshe bose kugira uruhara mu bikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami.
Imin. 10: “Iyi nkuru nziza izokwamamazwa ata kabuza!” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.