Tuduga mu gasagara kitwa Bottom k’izinga Saba
IZINGA Saba ritwarwa n’igihugu c’Ubudagi, ryarigeze kuba ubuhungiro bw’abitwa aba boucaniers, bano bakaba bari abambuzi baguma batembera mu kiyaga citwa mer des Caraïbes barondera ivyo basahura. Muri iki gihe, ako kazinga kangana urwara, akari ku bilometero 240 mu Buseruko bwa Porto Rico, kabamwo abantu bashika 1.600, batanu muri bo bakaba ari Ivyabona vya Yehova. Ariko rero, abo basuku b’Imana b’abarindutsi bariko bararondera ikintu kirusha agaciro rwose isahu. Bariko bararonderana umwete abantu “bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera”.—Ivyakozwe 13:48, NW.
Inkuru nziza y’Ubwami yashitse muri iryo zinga ari bwo bwa mbere ku wa 22 Ruheshi 1952, igihe ubwato bureha n’imetero 18 bwiswe Sibia bwari butwawe n’Ivyabona vya Yehova bwashika ku nkengera y’izinga rya Saba (Matayo 24:14). Umumisiyonari yitwa Gust Maki n’uwitwa Stanley Carter baradondagiye ahiswe ngo ni Ingazi, ikaba yari inzira igizwe n’intambuko z’ingazi z’amabuye zirenga 500, baduga mu gasagara kitwa Bottom ari na ko murwa mukuru w’izinga Sabaa. Iyo nzira yaga yaramaze ibinjana n’ibindi ari ho hantu honyene umuntu ashobora guca kugira ashikire ababa muri iryo zinga.
Raporo ya mbere y’igikorwa co kwamamaza ca gikirisu aho i Saba yasohotse mu gitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1966 (Annuaire des Témoins de Jéhovah 1966). Nk’uko iyo raporo yavyerekana, muri iryo zinga hari Icabona umwe gusa yamamaza adahorereza. Mu nyuma, umuryango uvuye muri Kanada waramaze imyaka myinshi wamamaza inkuru nziza muri iryo zinga. Ejo bundi, uwitwa Russel n’umukenyezi wiwe Kathy, bakaba ari abubakanye bakukurutse bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baragiye i Saba maze baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ngaho. Ng’iyi inkuru yabo.
Tuja i Saba
Twe n’umukenyezi wanje twashitse n’indege turi abashitsi b’uwitwa Ronald, akaba ari we Cabona wenyene yari muri iryo zinga mu gice kinini c’imyaka ya 1990. Nyene kutwakira araturindiriye ku kibuga c’indege. Arahimbawe n’agakarato karimwo imboga tumugemuriye, kubera yuko muri iryo zinga batarima ivyo gushora. Turi mu gakamyoneti, turanyuragira buhorobuhoro mu mabarabara ari ku nkike y’umusozi witwa Scenery tuduga kw’isonga ry’uwo musozi utagicira ibirunga.
Turahagarara dushitse mu gasagara kitwa Irembo ry’umuriro udahera, igihe Ronald agiye kuraba ko ubutumire bwo kuza kwumviriza insiguro yo ku musi w’iyinga bukimanitse ku kibaho c’amatangazo. Turahimbarwa no kubona yuko ari ho bukiri. Aranyaragasa akagaruka mu muduga, maze tukabandanya tuduga tugana igisagara kinini kuruta ibindi kuri iryo zinga citwa Windwardside (bisobanura ngo uruhande umuyaga ushikirako). Nk’uko izina ryaco rivyerekana, ico gisagara kiryoheye ijisho kiri ku ruhande rushikirako imiyaga rw’iryo zinga, ku metero 400 hejuru y’urugero rw’ibahari. Igihe umuduga turimwo ushitse kw’irembo rija kwa Ronald, turabona icandiko c’amabara kiri ku rubaraza rw’imbere cerekana ko iyo nzu ari Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova.
Mu gihe co kwivuna umusase, ndabaza ikibazo catumye tugira urwo rugendo; na co ni iki: “Vyagenze gute ngo ube umwamamaji w’Ubwami i Saba?”.
Ronald yishura ati: “Igihe ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Porto Rico vyarangira kwubakwa mu 1993, twe n’umukenyezi wanje twashimye kuguma dukorera mu mahanga. Imbere y’aho, twari twaragiye i Saba turi kumwe n’abandi batsimvyi bubakanye, kandi twari twamenye ko haba abantu bashika 1.400, mugabo akaba ata Cabona n’umwe yari ahari. Twaciye tumenyesha Komite y’ishami rya Porto Rico ko tugomba kwimukira ngaha.
“Ibintu vyarabandanije gushika n’aho twemererwa kwimuka. Ikibabaje ni uko haciye imyaka ibiri umukenyezi wanje yarwaye cane, tugaca dusubira i Kaliforoniya. Aho amariye gupfa, naciye ngaruka i Saba. Urazi, sinkunda gutangura ikintu ngo sindagiheze”.
Twamamaza inzu ku nzu i Saba
Icumba co guterama c’inzu ya Ronald imaze imyaka ijana, kiranakoreshwa bwa Ngoro y’Ubwamib. Igihe turiko turitanga umusase twongera twitegurira kuja kwamamaza, imvura izananye n’igipfungu kirenganye iranyagira igikoni kiri hanze. Turangije kwitanga umusase, turafata inzira tukagenda duca munsi y’ibipfungu bikwiragiye hose tugiye mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu mu gasagara kitwa Bottom. Ku muhana wose tugezeko, Ronald araramutsa uwo tuhasanze mu kumuhamagara mw’izina ryiwe. Ikiyago cacu tugishingira ku kintu giherutse kuba ngaho kivugwa mu makuru. Abantu baho batari bake baramenyereye Ronald n’igikorwa ciwe, ari co gituma benshi baca bemera ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.
Kugira utwo wanditse ku vyerekeye abashimishijwe n’ubutumwa bw’Ubwami birashobora kuba urugamba ku muntu atamenyereye abantu bo muri ico gisagara. Uti kubera iki? Ronald avuga yuko ari kubera ko “amategeko asaba ko inzu zose zisigwa irangi rimwe”. Erega ni ko biri, nderaguje amaso, nsanze inzu zose z’i Saba zera zikagira n’ibisakazo bitukura.
Igihe turangije ikiyago cacu gishingiye kuri Bibiliya, uwo twariko turayaga turamutumira ku Nsiguro y’icese ishingiye kuri Bibiliya izoshikirizwa ku musi w’iyinga ku Ngoro y’Ubwami. Iyo Ronald ari i muhira kuri iryo zinga, nta ndwi irengana adatanze insiguro y’icese. Ubu kw’izinga rya Saba hari abantu 17 bigishwa Bibiliya. Abantu 20 ni bo bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu mu 2004. Naho umenga ico gitigiri ni gito cane, kingana n’igice kimwe kw’ijana c’ababa kuri iryo zinga!
Emwe, Ivyabona vya Yehova baritanga batiziganya kugira bashikire abantu benshi bashoboka babashiriye ubutumwa bw’Imana bwerekeye ubukiriro. Haba mu tuzinga tungana urwara nka Saba canke mu bice amahanga vy’isi, Ivyabona vya Yehova bariko bararangura badahemuka igikorwa bashinzwe co “[guhindura abantu bo mu] mahanga yose abigishwa”.—Matayo 28:19.
Akaryoshe ntigahora mw’itama, urugendo rwacu rurarangiye. Igihe turiko tururira mu ndege, turahana agasaga. Ntituzigera twibagira urugendo twagize i Saba be n’umwanya twamaze turiko turaduga mu gasagara Bottom!
[Utujambo tw’epfo]
a Biboneka ko abo bambuzi bise ico gisagara Bottom (bisobanura ngo hasi) kubera biyumvira yuko cari mu kinogo c’ahaciye ibirunga.
b Ku wa 28 Nyakanga 2003, abakora bavyishakiye bavuye i Florida muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baragiye i Saba maze barasubiramwo inyubakwa iri hafi yaho, iyo nyubakwa ubu ikaba ari Ingoro y’Ubwami.
[Amakarata ku rup. 10]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
PORTO RICO
[Picture Credit line on page 10]
Ifoto y’amaja inyuma: www.sabatourism.com