Nuhimbarwe no kuzirikana
ABANTU bamwebamwe ubabwiye ivyo kuzirikana boshobora guca bagira ubwoba. Hari aho bobona ko kuzirikana ari ikintu kigoye rwose gisaba kwiyumvira cane. Abantu nk’abo boshobora kwiyagiriza kubona batitaho ivy’ukuzirikana, na canecane igihe basomye ivyerekeye akamaro kavyo (Ab’i Filipi 4:8). Ariko rero, kuzirikana mu gacerere ukuri twize kwerekeye Yehova, kamere ziwe z’agahore, ibintu biteye akoba yakoze, ivyo asaba, be n’umugambi wiwe uninahaye, birashobora kuba uburyo buhimbaye bwo gukoresha umwanya wacu, kanatsinda ni na ko bikwiye kugenda. Uti kubera iki?
Yehova Imana ni we Mutegetsi Ruheta w’isi n’ijuru, kandi aguma akora cane kugira ashitse umugambi wiwe uhambaye (Yohana 5:17). Naho afise vyinshi akora, aritwararika ivyo umwumwe wese mu bamusenga yiyumvira mu gacerere. Dawidi umwanditsi wa Zaburi ivyo yari abizi, ku buryo yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Uhoraho waransuzumye, urammenya, urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, umenyera kure ivyo niyumvira”.—Zaburi 139:1, 2.
Umuntu agikubita ijisho ayo majambo y’umwanditsi wa Zaburi, yohava ayabona mu buryo butari bwiza. Yoshobora guca yiyumvira ati: ‘Naho Imana iri “kure”, irabona iciyumviro cose kibi kiza mu muzirikanyi wanje’. Ego ni ko, kumenya ivyo biri n’ico bimaze. Birashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro bitabereye no kuvyaturira Imana mu gihe twoba tubifise, twizigiye yuko izoduharira yishimikije ukwizera dufise mu nkuka y’incungu ya Yezu (1 Yohana 1:8, 9; 2:1, 2). Ariko rero, dukwiye kandi kwibuka yuko Yehova asuzuma abasavyi biwe mu buryo bwiza. Iyo tuzirikanye ibimwerekeye tubigiranye ugukenguruka, aravyitwararika.
Woshobora kwibaza uti: “Yehova yoba vy’ukuri yitwararika ivyiyumviro vyiza vyose vy’abasavyi biwe amamiliyoni?”. Cane rwose. Yezu yarashimitse ku kuntu Yehova atwitwararika igihe yavuga yuko Yehova yitwararika mbere n’utunyoni dutoduto. Yaciye yongerako ati: “Mu[ra]ruta utunyoni twinshi” (Luka 12:6, 7). Utunyoni ntidushobora kwiyumvira ivyerekeye Yehova. Nimba rero Yehova yitwararika utunyoni, ntuca wumva none ko arushiriza kutwitwararika akongera agahimbarwa n’ivyo umwumwe wese muri twebwe yiyumvira ku bimwerekeye? Emwe, nka kumwe kwa Dawidi, turashobora gusenga dufise ukwizigira duti: “[“Ivyo umutima wanje uzirikanako”, NW], bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho, gitandara canje, mucunguzi wanje”.—Zaburi 19:14.
Ikindi kintu kigaragaza yuko Yehova arajwe ishinga vy’ukuri n’ukuzirikana kw’abasavyi biwe b’intahemuka, tugisanga mu majambo yahumetswe y’umuhanuzi Malaki. Igihe yariko avuga ibijanye n’iki gihe cacu, yavuze ati: “Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe” (Malaki 3:16, ni twe dushimitse.). Twiyibukije yuko Yehova aguma ‘aduteze ugutwi’ igihe twiyumvira ibimwerekeye, birashobora vy’ukuri gutuma duhimbarwa no kuzirikana ku vyerekeye Imana. Ku bw’ivyo rero, nimuze dusubiremwo aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi, we yanditse ati: “Nzokwiyumvira ivyo wakoze vyose, nshire umutima ku bikomeye wakoze”.—Zaburi 77:12.