ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/1 rup. 30
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Iyi si yacu yoba izokwigera isangangurwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yehova Aratwigisha Ukuntu Twoharura Imisi Yacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Turashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/1 rup. 30

Ibibazo vy’abasomyi

Muri Zaburi 102:26 havuga yuko isi n’amajuru “bizoshira”. Ayo majambo yoba asobanura yuko iyi si tubako izosangangurwa?

Mw’isengesho umwanditsi wa Zaburi yatuye Yehova, yavuze ati: “Mbere na mbere washizeh’itanguriro ry’isi, kand’amajuru n’igikorwa c’intoke zawe. Ivyo bizoshira, ariko weho uzohoraho, mber’ivyo vyose bizosāza nk’impuzu, uzobikūranya nk’impuzu, bikūranwe n’ibindi” (Zaburi 102:25, 26). Imirongo ikikije ico canditswe irerekana yuko kitariko kiravuga ibijanye n’isangangurwa ry’isi, ariko ko kiriko kiravuga ivy’uko Imana yamaho. Iyo mirongo irerekana kandi igituma ukwo kuri guhambaye guhumuriza abasavyi b’Imana.

Uwo mwanditsi wa Zaburi, uwushobora kuba ari inyagano i Babiloni, atangura iyo zaburi yiwe mu kudondora imibabaro arimwo. Acura intimba avuga yuko ubuzima bwiwe buriko burashira n’ingoga “nk’umwotsi”. Umubiri wiwe udundumijwe n’amaganya akomeye yo mu mutima, bigatuma amagufa yiwe umengo ariko “yaka nk’umuriro”. Yumva arushe cane, ‘arakabiranye nk’ubwatsi’, kandi yumva irungu, “nk’akanyoni kari konyene ku gatwe k’inzu”. Ingorane arimwo zatumye atakaza akayabagu, kandi imisi yiwe yuzuye amarira n’intuntu (Zaburi 102:3-11). Ariko rero, ivyo ntivyatumye uwo mwanditsi wa Zaburi yihebura rwose. Kubera iki? Kubera ivyo Yehova yasezeranye kugirira Siyoni, ari yo Yeruzalemu.

Naho i Siyoni hasanganguwe, Yehova yasezeranye yuko hazosubizwa nk’uko hari hameze (Yesaya 66:8). Ku bw’ivyo, uwo mwanditsi wa Zaburi abwira Yehova abigiranye ukwizigira ati: “U[zo]girir[a] imbabazi i Siyoni: kukw igihe co kuhagirira ikigongwe gishitse, mber’igihe cashizweho kirashitse. Kuk’ Uhoraho azoba asubiye kwubaka i Siyoni” (Zaburi 102:13, 16). Ubukurikira, uwo mwanditsi wa Zaburi aca agaruka ku bijanye n’umubabaro wiwe. Ni nk’aho azirikana ati: ‘Niba Yeruzalemu, ahasigaye ari umusaka, hashobora gusubira nk’uko hari hameze biciye ku bubasha bw’Imana, Yehova yonanirwa gute no kunkura muri aya magorwa ndimwo?’ (Zaburi 102:17, 20, 23). Hariho n’ikindi kintu gituma umwanditsi wa Zaburi yizigira Yehova bimwe bishitse. Uti ni igiki? Ni ukuba Imana yamaho ibihe bidahera.

Ukwamaho kwa Yehova nta ho guhuriye n’ikiringo kigufi c’ubuzima bw’uwo mwanditsi wa Zaburi. Abwira Yehova ati: “Imyaka yawe yamah’ibihe vyose” (Zaburi 102:24). Ubukurikira, uwo mwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Mbere na mbere washizeh’itanguriro ry’isi, kand’amajuru n’igikorwa c’intoke zawe”.​—Zaburi 102:25.

Yamara, n’imyaka myinshi cane isi n’amajuru bimaze nta ho ihuriye n’ukwamaho kwa Yehova. Uwo mwanditsi wa Zaburi yongerako ati: “Ivyo [ni ukuvuga isi n’amajuru] bizoshira, ariko weho uzohoraho” (Zaburi 102:26). Iyi si butaka hamwe n’amajuru tubona birashira. Ego ni ko, hari ahandi hantu Yehova yavuze yuko isi n’amajuru bizokwamaho ibihe bidahera (Zaburi 119:90; Umusiguzi 1:4). Ariko, isi n’ijuru vyoshobora gusangangurwa iyo uwo uba wari wo mugambi w’Imana. Yamara, Imana yo ntishobora gupfa. Ivyaremwe tubona n’amaso yacu ‘bihamangiwe gushitsa ibihe bitazoshira’ kubera ko Imana ari yo ibibungabunga (Zaburi 148:6). Hamwe Yehova yoreka kuza arabungabunga ivyo biremwa, vyohava ‘bigasaza vyose nka kurya kw’impuzu’ (Zaburi 102:26). Nk’uko umuntu aramba kuruta impuzu ziwe, ni ko na Yehova yoshobora kuramba kuruta ibiremwa vyiwe, mu gihe yoshima kubikuraho. Ariko rero, ibindi vyanditswe biratwereka ko ivyo atari vyo agomba. Ijambo ry’Imana ridukura amazinda yuko Yehova yashinze ko isi butaka be n’amajuru tubona n’amaso bizokwamaho ibihe bidahera.​—Zaburi 104:5.

Birahumuriza kumenya yuko Yehova azokwama nantaryo ashitsa ivyo yasezeranye vyose. Naho twoshikirwa n’ingorane zimeze gute, dutakambiye Yehova turashobora kwizigira yuko ‘azoshira umutima ku gusenga kw’abatagira shinge na rugero be n’uko atazokengera ugusenga kwabo’ (Zaburi 102:17). Egome, amajambo Yehova avuga yo kudukura amazinda yuko azodufata mu mugongo dusanga muri Zaburi ya 102, arakomeye cane kurusha n’iyi si turiko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika