ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/4 rup. 10-12
  • Iyi si yacu yoba izokwigera isangangurwa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyi si yacu yoba izokwigera isangangurwa?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umugambi Imana ifitiye isi
  • Bibiliya ntiyivuguruza
  • Umugambi Imana ifitiye isi ugiye kuranguka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • “Bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Isi
    Be maso!—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/4 rup. 10-12

Iyi si yacu yoba izokwigera isangangurwa?

WOBA urigera wibaza uti: ‘Kazoza k’iyi si yacu ni akahe?’ Abantu batari bake iyo baravye ibiriko birashikira uyu mubumbe wacu mwiza igitangaza, biyumvira yuko iyi si yacu itoshobora kurokoka.

Mu vy’ukuri, muri kino gihe isi iriko irononwa mu gukoresha nabi ibintu vyayo vy’igiciro, nk’amazi, amashamba be n’ikirere. N’ikindi kandi, abanyasiyansi bamwebamwe baragabisha yuko isi be n’ibinyabuzima vyose biri kuri yo, vyoshobora kugeramirwa n’ibintu, nk’ibivunji amahanga vyokoroka bivuye ku yindi mibumbe, inyenyeri yinaka yohava iturika, canke ukugabanuka kw’umwuka wa idurojene (hydrogène) izuba rikoresha bwa gitoro.

Abanyasiyansi biyumvira yuko, kumbure mu myaka amamiliyaridi n’amamiliyaridi, isi izogenda iratakaza buhorobuhoro ubushobozi bwo kuzigama ubuzima bw’abantu. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kidondora ivyo bintu ko ari “impengamiro igana ku kuvurungana idashobora gusubizwa inyuma.”

Igishimishije ni uko Bibiliya idukura amazinda yuko Yehova Imana atazoreka ngo iyi si yacu isangangurwe canke ngo hagire ikintu gituma abantu badashobora kuyibako. Kubera yuko ari Umuremyi, arafise “inkomezi” zitagira akarimbi, akaba ari co gituma ashobora kuzigama isi n’ijuru bikagumaho ibihe vyose. (Yesaya 40:26) Ku bw’ivyo rero, urashobora kwizigira aya majambo agira ati: “[Imana yashizeho] amatanguriro y’isi, ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.” “Yemwe zuba n’ukwezi, ni mumushime; yemwe nyenyeri zaka zose, ni mumushime. . . . Kuko yageze bikaremwa, kandi yabihamangiye gushitsa ibihe bitazoshira.”​—Zaburi 104:5; 148:3-6.

Umugambi Imana ifitiye isi

Imana ntiyigeze igomba ko isi yokwononwa ikongera igatosekazwa nk’uko tubibona muri kino gihe. Ahubwo riho, Imana yararemye umugabo n’umugore ba mbere, ari bo Adamu na Eva, maze ibashira mw’itongo ryiza igitangaza. Birumvikana ko aho hantu baba h’iparadizo hatari kuguma ari heza cane iyo batahitwararika. Imana yabashinze igikorwa co ‘kurima iryo tongo no kurizigama.’ (Itanguriro 2:8, 9, 15) Ese ukuntu ico cari igikorwa gihimbaye kandi kimara akanyota Imana yari ihaye abo bavyeyi bacu bari batunganye ico gihe!

Yamara rero, umugambi Imana yari ifitiye isi warimwo n’ibindi vyinshi uretse ukwitwararika iryo tongo ryo mu ntango. Yipfuza ko isi yose uko ingana ihindurwa Iparadizo. Ni co gituma Imana yahaye Adamu na Eva iri tegeko rigira riti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.”​—Itanguriro 1:28.

Ikibabaje ni uko uwo mugambi w’Imana warwanijwe n’umumarayika umwe w’umunyabwibone, uwahavuye amenyekana kw’izina rya Shetani. Yaripfuje cane ko Adamu na Eva bomusenga. Mu kuvuga akoresheje inzoka, Shetani yaratumye bagarariza ubutegetsi bw’Imana. (Itanguriro 3:1-6; Ivyahishuwe 12:9) Ese ingene ukubura ugukenguruka kwabo kurangwa ubwikunzi gutegerezwa kuba kwarababaje Umuremyi wacu! Ariko rero hari ikintu kimwe ukwo kugarariza kutigeze gushikako, ico na co kikaba ari uguhindura umugambi Yehova Imana yari afitiye isi. Avuga ati: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.”​—Yesaya 55:11.

Yehova abitumwe n’imvo nziza, yararetse ubugarariji bwa Shetani burabandanya gushika no muri kino gihe cacu. Muri ico kiringo, abantu barashoboye kugerageza ubwoko butandukanye bwo kwitegeka, kandi ivyavuyemwo vyarerekanye yuko ukutisunga Imana, ivyo bikaba ari vyo Shetani aremesha, ata co vyigera bishikako.a​—Yeremiya 10:23.

Igishimishije, ni uko mu kiringo c’imyaka ibihumbi n’ibihumbi yarenganye, Imana yagiye irahezagira abantu bamwebamwe b’abagororotsi. Yarazigamye kandi muri Bibiliya inkuru zivuga ibijanye n’ingaruka ziva ku kugamburukira Imana canke ku gutera akagere ubutegetsi bwayo. Ikigeretseko, Yehova yarakoze ibintu vyiza igitangaza tuzokwungukirako muri kazoza. Abigiranye urukundo, yararonkeje abantu Umukiza mu kurungika Umwana wiwe mukundwa Yezu Kristu, kugira ngo atwigishe uburyo bwiza gusumba ubundi bwo kubaho yongere atange ubuzima bwiwe ku bwacu. (Yohani 3:16) Kubera yuko Yezu atari abereye gupfa, Imana yarakoresheje urupfu rwiwe bwa mushinge wemewe wo gusubira kugura ico Adamu na Eva bari batakaje, ico na co kikaba ari icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ikwiye kw’isi yose.b Kugira ngo ivyo bishoboke, Yehova Imana yarashinze intwaro yo mw’ijuru kugira ngo izotegeke abantu bose, kandi yaragenye Umwana wiwe, uwo akaba ari Yezu Kristu uwamaze kuzuka, kugira ngo abe Umwami w’ubwo Bwami. Iyo ndinganizo nziza igitangaza izotuma umugambi Imana ifitiye isi uranguka ata kabuza.​—Matayo 6:9, 10.

Ku bw’ivyo rero, urashobora kwizigira ugaherezako iyi mihango myiza igitangaza yanditswe muri Bibiliya, igira iti: “Inkozi z’ibibi zizorandurwa, arikw abarorereye Uhoraho bazoragwa igihugu. Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.” “‘Ehe! Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izoba kumwe na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye.’ Maze Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami avuga ati: ‘Ehe! Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.’”​—Zaburi 37:9, 29; Ivyahishuwe 21:3-5.

Bibiliya ntiyivuguruza

Ariko rero, hariho abokwibaza bati: ‘Dushobora gute guhuza iyo mirongo yo muri Bibiliya yasubiwemwo aho haruguru be n’iyindi mirongo isa n’iyivuga ibijanye n’umuhero w’isi wegereje?’ Reka turimbure uburorero bumwebumwe. Ukwo gusuzuma ibintu kuraza kwerekana ko Bibiliya itivuguruza.

Kera cane imbere y’uko abanyasiyansi bamenya ivyerekeye ya “mpengamiro igana ku kuvurungana” yibonekeza mu bintu vyose biboneka, umwanditsi umwe wa Zaburi yanditse aya majambo dusanga muri Bibiliya, agira ati: “Washizeh’itanguriro ry’isi [ni ukuvuga Imana], kandi amajuru n’igikorwa c’intoke zawe. Ivyo bizoshira, ariko weho uzohoraho, mber’ivyo vyose bizosāza nk’impuzu, uzobikūranya nk’impuzu, bikūranwe n’ibindi; ariko weho ur’uko wamye, imyaka y’ukubaho kwawe ntizogira iherezo.”​—Zaburi 102:25-27.

Mu kwandika ayo majambo, uwo mwanditsi wa Zaburi ntiyariko aravuguruza umugambi w’ibihe bidahera Imana ifitiye isi. Ahubwo riho, yariko ahushanya ukuba Imana yamaho ibihe bidahera be n’ukuba ibintu vyose Imana yaremye bishobora guhera. Iyaba bitari bishigikiwe n’ububasha bw’Imana buguma bwisubiriza imyaka yose, ijuru n’isi, ushizemwo izuba be n’imibumbe irizunguruka bifasha isi kudata inzira ijana mu kuzunguruka bikongera bikayifasha kuronka umuco be n’ubushuhe ikeneye, vyogiye biratituka gushika ku kuvurungana kwuzuye maze amaherezo bigasanganguka. Ku bw’ivyo rero, hamwe Imana yokuramwo akarenge, iyi si yacu yoca ‘isaza,’ ni ukuvuga ko yoca ivaho ubutagisubira kubaho.

Hariho n’iyindi mirongo yo mu Vyanditswe umuntu akiyikubita ijisho yoshobora kuboneka nk’iyivuguruza umugambi Imana yavumereye ku bijanye n’isi. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga yuko ijuru n’isi ‘biriko biragenda.’ (Ivyahishuwe 21:1) Nta gukeka ko ayo majambo atavuguruza umuhango Yezu yatanze ugira uti: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5) None Bibiliya iba ishaka kuvuga iki igihe ivuga ko ijuru n’isi ‘biriko biragenda’?

Bibiliya irakunda gukoresha imvugo “isi” mu buryo bw’ikigereranyo, ishaka kuvuga ikibano c’abantu. Nk’akarorero, rimbura uyu murongo uvuga uti: “Isi yari ifise ururimi rumwe n’amajambo amwe.” (Itanguriro 11:1, NW) Biragaragara yuko imvugo “isi” yakoreshejwe ng’aho, yerekeza ku bantu bariho kw’isi ico gihe. Akandi karorero ni ako muri Zaburi 96:1. Twisunze Bibiliya yitwa King James Version, uwo murongo uvuga uti: “Nuririmbire UMUKAMA wa si yose we.” Biragaragara ko muri uyo murongo be no mu yindi itari mike, iryo jambo “isi” rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekeza ku bantu.​—Zaburi 96:13.

Rimwe na rimwe, abategetsi batwara kw’isi Bibiliya ibagereranya n’ijuru canke ibisyo vyo mu kirere. Nk’akarorero, abategetsi ba Babiloni bahahaza abandi bantu, badondowe nk’inyenyeri kubera yuko bishira hejuru y’amahanga yari abakikuje. (Yesaya 14:12-14) Nk’uko vyari vyarabuwe, “ijuru” ryo mu buryo bw’ikigereranyo ry’Abanyababiloni, ni ukuvuga umugwi w’abategetsi baho, be n’“isi,” ni ukuvuga abantu bari bashigikiye ubwo butegetsi, vyarakuweho mu 539 B.G.C. (Yesaya 51:6) Ivyo vyatumye Abayuda bari bigaye basubira i Yeruzalemu, aho “ijuru risha,” ni ukuvuga umugwi mushasha w’abategetsi, waciye utegeka “isi nsha,” ni ukuvuga ikibano kigororotse c’abantu.​—Yesaya 65:17.

Biboneka yuko amajambo ari muri Bibiliya avuga ibijanye n’ijuru be n’isi ‘biriko biragenda,’ yerekeza kw’iherezo ry’intwaro z’abantu zononekaye zo muri kino gihe be no kw’iherezo ry’abantu batibanga Imana bazishigikira. (2 Petero 3:7) Ivyo bizotuma intwaro nshasha yo mw’ijuru y’Imana ihezagira ikibano gishasha gitunganye c’abantu, kuko “hariho ijuru rishasha n’isi nshasha turindiriye nk’uko umuhango [w’Imana] uri, kandi muri ivyo ni ho ubugororotsi buzoba.”​—2 Petero 3:13.

Ku bw’ivyo rero, urashobora kwizera umuhango Imana yatanze w’uko iyi si tubako izokwamaho ibihe bidahera. Vyongeye, Bibiliya irerekana ico utegerezwa gukora kugira ngo uzobe ari ho uri muri ico gihe ciza igitangaza isi yose izoba yahinduwe Iparadizo. Yezu yavuze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Ubona gute wishingiye umugambi wo gusuzuma ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye na kazoza k’isi be n’ak’abantu? Ivyabona vya Yehova b’aho mu karere iwanyu bazohimbarwa no kubigufashamwo.

[Utujambo tw’epfo]

a Nimba wipfuza kurimbura igituma Imana ireka abantu bagacumukura, raba urupapuro rwa 106-114 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Nimba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’urupfu rwa Yezu rwo kwitangako inkuka, nurabe ku rupapuro rwa 47-56 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

[Iciyumviro ku rup. 12]

Bibiliya itanga umuhango w’uko iyi si tubako izokwamaho ibihe bidahera

[Abo dukesha amafoto ku rup. 10]

Umubumbe w’isi uri inyuma y’utwo tuzingi: NASA/The Visible Earth (http://visibleearth.nasa.gov/); idubu yo mu turere dukanye tw’amasunwa y’isi: © ifoto yafashwe na Bryan be na Cherry Alexander

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika