Yehova Aratwigisha Ukuntu Twoharura Imisi Yacu
“Utwigishe guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.”—ZABURI 90:12.
1. Ni kuki bikwiriye ko dusaba Yehova ngo atwigishe ukuntu “[two]harūra imisi yacu”?
YEHOVA IMANA ni we Muremyi wacu akaba ari na we yaduhaye ubuzima. (Zaburi 36:9; Ivyahishuriwe 4:11) Nta wundi muntu n’umwe rero akwiriye kutwereka ukuntu twokoresha imyaka yacu y’ukubaho mu buryo buranga ubukerebutsi kumurusha. Umwanditsi wa Zaburi rero ntiyihenze mu gutakambira Imana ati: “Utwigishe guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.” (Zaburi 90:12) Zaburi ya 90, aho dusanga ayo majambo yo gutakamba, nta nkeka irakwiye ko tuyirimbura twitonze. Ariko rero, nimuze tubanze duce ku masonga urwo ruririmbo rwahumetswe n’Imana.
2. (a) Ni nde bivugwa ko yatunganije Zaburi ya 90, kandi ishobora kuba yanditswe ryari? (b) Zaburi ya 90 ikwiye kugira ico ikoze gute ku buryo tubona ubuzima?
2 Amajambo y’intangamarara ya Zaburi ya 90, yita iyo Zaburi “ugusenga kwa Mose, umuntu w’Imana.” Kubera yuko iyo Zaburi ishimika ku vy’uko ubuzima bw’umuntu ari ubw’akanya gato, bishoboka ko yatunganijwe inyuma y’aho Abisirayeli babohorewe bakava mu buja bwo mu Misiri, mu gihe ca rwa rugendo rugoye bagira mu bugaragwa mu kiringo c’imyaka 40, aho abantu ibihumbi n’ibihumbi bapfiriye, gurtyo iyaruka ry’abahemu rigaherengetera. (Guharūra 32:9-13) Aho yatunganirijwe hose, Zaburi ya 90 irerekana yuko ubuzima bw’abantu b’abanyagasembwa ari bugufi. Biragaragara rero ko imisi y’agaciro dufise dukwiye kuyikoresha mu buryo buranga ubukerebutsi.
3. Ni ibintu nyamukuru ibihe biri muri Zaburi ya 90?
3 Muri Zaburi ya 90, kuva ku murongo wa 1 gushika ku wa 6, herekana ko Yehova ari we buruhukiro bwacu bw’ibihe bidahera. Zb 90 Kuva ku murongo w’7 gushika ku wa 12, haratwereka ivyo dukeneye kugira ngo iyi myaka yacu yo kubaho ihera ningoga tuyikoreshe mu buryo bushimwa na we. Maze, nk’uko biserurwa Zb 90 kuva ku murongo wa 13 gushika ku w’17, turipfuza cane ko Yehova atugaragariza ubuntu mvarukundo akongera akaduhezagira. Birumvikana ko iyo Zaburi itabura ibizodushikira umwe wese ukwiwe uko turi abasavyi ba Yehova. Yamara rero, ubwacu dukwiye gushira ku mutima inyiyumvo ziserurwa muri iryo sengesho. Nimuze rero dutereze akajisho kuri iyo Zaburi ya 90, biciye kuri abo biyeguriye Imana.
Yehova Ni “Uburuhukiro” Bwacu
4-6. Yehova ni “uburuhukiro” kuri twebwe gute?
4 Umwanditsi wa Zaburi atanguza aya majambo agira ati: “Mwami, wamye ur’uburuhukiro bgacu, uhereye ibihe vyose. Imisozi itaravuka, utararamukwa isi n’ibihugu, uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira, ni wewe Mana.”—Zaburi 90:1, 2.
5 Kuri twebwe, ya “Mana ihoraho,” Yehova, ni “uburuhukiro,” ni ukuvuga ko ari ubuhungiro bwo mu buryo bw’impwemu. (Abaroma 16:26) Twumva dutekaniwe kubera yuko yama nantaryo ahari kugira ngo adufashe, kubera ari ‘uwumva ivyo asabwa.’ (Zaburi 65:2) Kubera yuko dukorera imyitwarariko yacu Dawe wa twese wo mw’ijuru biciye ku Mwana wiwe mukundwa, ‘amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yacu n’ivyiyumviro vyacu.’—Ab’i Filipi 4:6, 7; Matayo 6:9; Yohana 14:6, 14.
6 Turinovora umutekano wo mu vy’impwemu kubera yuko, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova ari “uburuhukiro” kuri twebwe. Aratanga kandi “ivyumba vy’imbere” (NW)—bigasa n’uko bifitaniye isano cane n’amashengero y’abasavyi biwe—bikaba ari ubwugamo bwo mu buryo bw’impwemu, aho abungere banyarukundo baterera cane mu gutuma twumva dutekaniwe. (Yesaya 26:20; 32:1, 2; Ivyakozwe 20:28, 29) Vyongeye, bamwebamwe muri twebwe bakomoka mu miryango imaze igihe kirekire isukurira Imana kandi ubwabo basanze Imana ari ‘uburuhukiro bwabo uhereye ibihe vyose.’
7. Ni mu buryo ki imisozi ‘yavutse’ n’isi ‘ikaramukwa’?
7 Yehova yabayeho imbere yuko imisozi “ivuka” canke isi “[i]ramukwa.” Dukurikije uko abantu babona ibintu, vyasavye akigoro gakomeye guhingura iyi si n’ibiyigize vyose, kubera yuko ibiremwa biremwe mu buryo butandukanye n’uko bikora mu buryo bugoye itahura. Kandi mu kuvuga yuko imisozi ‘yavutse’ be n’uko isi ‘yaramutswe,’ umwanditsi wa Zaburi ariko agaragaza icubahiro gikomeye afise ku bw’igikorwa kinini cakozwe igihe Yehova yarema ivyo bintu. Natwe none ntidukwiye kugaragaza icubahiro n’ugukenguruka muri ubwo buryo nyene ku bw’igikorwa Umuremyi yakoze n’amaboko yiwe?
Yehova Yama Nantaryo Agabirije Kudufasha
8. Imvugo ngo Yehova ni Imana “uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira,” isobanura iki?
8 Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira, ni wewe Mana.” Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo “ibihe bidashira” rishobora kwerekeza ku bintu bifise iherezo mugabo igihe bimara kikaba kitatomowe. (Kuvayo 31:16, 17; Abaheburayo 9:15) Ariko rero, muri Zaburi ya 90:2 be n’ahandi mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, bashaka kuvuga ibihe bidahera, nk’uko uburyo iryo jambo rihindurwa buvyerekana. (Umusiguzi 1:4) Imizirikanyi yacu ntishobora gutahura ukuntu bishoboka ko Imana yoba nantaryo yaramyeho. Yamara, Yehova ntiyagize intango kandi ntazogira iherezo. (Habakuki 1:12) Azokwama nantaryo ariho kandi agabirije kudufasha.
9. Umwanditsi wa Zaburi yerekana ko imyaka igihumbi y’ukubaho kw’abantu ingana n’iki?
9 Umwanditsi wa Zaburi yarahumekewe kugira ngo yerekane yuko ku Muremyi ahoraho, imyaka igihumbi y’ukubaho kw’abantu ingana n’umwanya muto cane. Mu kubwira Imana, yanditse ati: “Uhindura abantu umukungugu, uvuze, uti Bana b’abantu, musubireyo. Kukw imyaka igihumbi mu nyonga zawe imeze nk’umusi w’ejo wahise, canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.”—Zaburi 90:3, 4.
10. Imana ituma gute umuntu ‘asubira mu mukungugu’?
10 Umuntu arapfa, maze Imana ikamuhindura “umukungugu.” Ni ukuvuga ko umuntu asubira “mu mukungugu” ari ubutaka bwajanjaguwe, bwasiribanzwe. Kukaba nkako, Yehova avuga ati: ‘Subira mu mukungugu wo hasi wabumbwemwo.’ (Itanguriro 2:7; 3:19) Ivyo vyerekeye bose, baba abakomeye canke abagoyagoya, baba abatunzi canke abakene, kubera yuko ata muntu w’umunyagasembwa n’umwe ‘ashobora gucungura mugenzi we na gatoya, canke guha Imana incungu yiwe, kugira ngo abeho ibihe vyose.’ (Zaburi 49:6-9) Mugabo, ese ingene dukura ubwatsi kubona ‘Imana yaratanze umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ahabwe ubuzima budahera’!—Yohana 3:16; Abaroma 6:23.
11. Ni kuki dushobora kuvuga yuko ikiringo twebwe tubona ko ari kirekire, ari umwanya muto cane ku Mana?
11 Dufatiye ku buryo Yehova abona ibintu, mbere na wa wundi Metusela yamaze imyaka 969 ntiyashikanye umusi. (Itanguriro 5:27) Ku Mana, imyaka igihumbi ni nk’ejo haheze, ni ukuvuga ikiringo c’amasaha 24 gusa. Umwanditsi wa Zaburi yaravuze kandi yuko ku Mana, imyaka igihumbi ari nka ya masaha ane umuteramyi umwe yamara araririye aho abantu baganditse mw’ijoro. (Abacamanza 7:19) Biragaragara rero yuko ikiringo twebwe tubona ko ari kirekire, aba ari umwanya muto cane kuri ya Mana ihoraho, Yehova.
12. Imana ‘ikukumura’ abantu gute?
12 Ukubaho kwa none kw’abantu ukugereranije n’ukubaho ibihe bidahera kw’Imana, mu vy’ukuri usanga ari kugufi. Umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Uba[kukumura] nk’ukw isūri itwara, bahwanye n’itiro; mu gitondo bamera nk’ivyatsi bikura. Mu gitondo birakura bigashurika; ku mugoroba bigatemwa, bikūma.” (Zaburi 90:5, 6) Musa yarabonye Abisirayeli ibihumbi n’ibihumbi bapfira mu bugaragwa, Imana ‘ibakukumura’ nk’abahitanywe n’isegenya. Iki gihimba ca Zaburi cahinduwe ngo: “Ukukumurira abantu mw’itiro ry’urupfu.” (New International Version) Ku rundi ruhande, ikiringo c’ubuzima bw’abantu b’abanyagasembwa ni “itiro” ry’akanya gato, rigereranywa n’uguhunyiza kwo mw’ijoro.
13. Ni mu buryo ki tumeze ‘nk’ivyatsi,’ kandi ivyo bikwiye gute kugira ico bikoze ku kwiyumvira kwacu?
13 Tumeze gusa ‘nk’ivyatsi bikura, mu gitondo bigashurika’ mugabo ku mugoroba bikaba vyakabiranye kubera ubushuhe bukaze bw’izuba. Egome, ubuzima bwacu ni ubw’akanya gato nka kurya kw’ivyatsi bikabirana ku musi umwe musa. Nimuze rero ntidupfishe ubusa ico kintu c’agaciro kanini. Ahubwo, dukwiye kurondera ubuyobozi bw’Imana ku vyerekeye ukuntu dukwiye gukoresha imyaka dusigaje muri uru runkwekwe rw’ibintu.
Yehova Aradufasha “Guharūra Imisi Yacu”
14, 15. Muri Zaburi 90:7-9 harangukiye gute ku Bisirayeli?
14 Ku Mana na yo, umwanditsi wa Zaburi yongerako ati: “Tumazwe n’uburake bgawe, uburake bgawe bgaduhagaritse imitima. Washize ivyo twagabitanije imbere yawe, n’ivyaha vyacu vyo mu mpisho wabishize mu muco uva mu nyonga hawe. Kukw imisi yacu yose ishize tukiri mu burake bgawe, imyaka yacu tuyirangiza nk’ah’ar’akanya ko gusuhuza umutima.”—Zaburi 90:7-9.
15 Abisirayeli b’abahemu ‘bamazwe n’uburake bw’Imana.’ ‘Uburake bwayo ‘bwarabadugaritse imitima,’ ni ukuvuga ko ‘baciwe ivutu n’ishavu ryayo.’ (New International Version) Bamwebamwe “bahonerejwe mu bugaragwa” bivuye ku manza Imana yabaciriye. (1 Ab’i Korinto 10:5) Yehova ‘yashize ivyo bagabitanije imbere yiwe.’ Yashinze ko hagira ico babazwa ku bw’ibibi bakorera ku mugaragaro, mugabo n’“ivyaha vyabo vyo mu mpisho,” ari vyo vyaha binyegejwe, vyari ‘mu muco wo mu nyonga ziwe.’ (Imigani 15:3) Kubera yuko barakiwe n’Imana, Abisirayeli batigaye ‘imyaka yabo bayirangije nk’aho ari akanya ko gusuhuza umutima.’ Ku bijanye n’ivyo, igihe ubuzima bwacu bugufi bumara kimeze nk’impemu zica ku minwa yacu nk’akanya ko gusuhuza umutima.
16. Mu gihe hari aboba bariko baramogorera gukora icaha mu mpisho, bakwiye gukora iki?
16 Mu gihe uwo ari we wese muri twebwe yomogorera gukora icaha mu mpisho, yoshobora kukinyegeza abandi bantu nka we mu gihe kinaka. Mugabo, ikibi dukora twihishije coba kiri ‘mu muco uva mu nyonga ha Yehova,’ kandi ibikorwa dukora vyotitura ubucuti dufitaniye na we. Kugira ngo dusubire kwuzura na Yehova, twokenera kumusenga tumusaba kuduharira, tugaheba ibigabitanyo vyacu, maze tukemera imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu duhabwa n’abakurambere b’Abakirisu tubigiranye ugukenguruka. (Imigani 28:13; Yakobo 5:14, 15) Ese ukuntu ivyo vyoba ari vyiza kuruta gushobora ‘kurangiza imyaka yacu nk’aho ari akanya ko gusuhuza umutima,’ icizigiro cacu c’ubuzima budahera na co kikaba kiri mu kaga!
17. Abantu muri rusangi bamara igihe kingana iki, kandi imyaka yacu yuzuye ibiki?
17 Ku biraba igihe ubuzima bw’abantu b’abanyagasembwa bumara, umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, canke naho, kubg’intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, yamar’ivyiratwa vyayo n’ubutame n’umubabaro, kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.” (Zaburi 90:10) Abantu muri rusangi babaho imyaka 70, gutyo igihe Kalebu yari afise imyaka 85, yavuze yuko afise ingoga zidasanzwe. Hariho abantu baramvye mu buryo budasanzwe, nka Aroni (123), Musa (120), be na Yosuwa (120). (Guharūra 33:39; Gusubira mu Vyagezwe 34:7; Yosuwa 14:6, 10, 11; 24:29) Mugabo, mu bo mw’iyaruka ry’abahemu ryari ryavuye mu Misiri, abagiriwe rusansuma bafise imyaka 20 kuduga, bapfuye haheze imyaka 40. (Guharūra 14:29-34) Muri iki gihe, mu bihugu vyinshi abantu muri rusangi bamara imyaka itarenga iyo umwanditsi wa Zaburi yavuze. Imyaka yacu yuzuye “ubutame n’umubabaro.” Igenda yihuta, “natwe tukaba tugurutse.”—Yobu 14:1, 2.
18, 19. (a) “Guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge” bisobanura iki? (b) Tugaragaje ubukerebutsi bizodusunikira ku gukora iki?
18 Umwanditsi wa Zaburi ubukurikira aririmba ati: “Ni nde azi inkomezi z’uburake bgawe? Akamenya n’ubushangashirwe bgawe, ingene wewe ukwiye kwubahwa? Utwigishe guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.” (Zaburi 90:11, 12) Nta n’umwe muri twebwe azi bimwe bishitse inkomezi z’uburake bw’Imana canke aho ubushangashirwe bwayo bugera, kandi ivyo bikwiye gutuma turushiriza gutinya Yehova mu buryo buranga ukumwubaha. Nkako, bikwiye kutuvyurira umutima wo kumusaba “[kutwigisha ukuntu dushobora] guharūra imisi yacu, uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.”
19 Ayo majambo y’umwanditsi wa Zaburi ni isengesho ry’ugusaba Yehova ngo yigishe abasavyi biwe ukuntu bogaragaza ubukerebutsi mu guha agaciro ubuzima basigaje be no mu kubukoresha mu buryo Imana ishima. Imyaka 70 abantu bitega kumara, ni icizigiro co kumara nk’imisi 25.500. Ariko rero, uko imyaka dufise yoba ingana kwose, ‘ntituzi ibizoba ejo . . . kuko turi umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.’ (Yakobo 4:13-15) Kubera yuko ‘ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kutuzako twese,’ ntidushobora kuvuga igihe tuzobaho uko kingana. Nimuze rero dusenge dusaba ubukerebutsi kugira ngo ibigeragezo tuvyifatemwo neza, dufate abandi mu buryo bubereye twongere dukore uko dushoboye kwose mu murimo wa Yehova ubu bwa none—uyu musi! (Umusiguzi 9:11; Yakobo 1:5-8) Yehova araturongora biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. (Matayo 24:45-47; 1 Ab’i Korinto 2:10; 2 Timoteyo 3:16, 17) Ukugaragaza ubukerebutsi biradusunikira ku ‘kubanza kurondera Ubwami bw’Imana’ no ku gukoresha imisi yacu mu buryo butera iteka Yehova kandi bugatuma umutima wiwe unezerwa. (Matayo 6:25-33; Imigani 27:11) Birumvikana, kumusenga n’umutima wacu wose ntibizotumara ingorane zose dufise, mugabo, nta nkeka bivamwo umunezero mwinshi.
Umuhezagiro wa Yehova Uratuzanira Umunezero
20. (a) Ni mu buryo ki Imana ‘yirimbura’? (b) Yehova azodufata gute nitwaramuka dukoze ikosa rikomeye mugabo tukagaragaza ukwigaya nyakuri?
20 Ese ukuntu vyoba ari agahore tugize umunezero mu gihe dusigaje kubaho cose! Ku biraba ivyo, Musa atakamba ati: “Ewe Uhoraho garuka; uzogeza ryari? Ni wīrīmbūre ku vy’ugirira abasavyi bawe. Mu gitondo uz’uduhāze imbabazi zawe [canke, “urukundo rudahemuka,” “NW” (akajambo k’epfo)]; kugira ngo tuze tunezerwe, duhimbarwe imisi yacu yose.” (Zaburi 90:13, 14) Imana ntigira amakosa. Naho ari ukwo, ‘iririmbura’ ikongera ‘ikagaruka’ ikava mu burake kandi ikareka gutanga igihano. Ivyo rero ikabigira mu gihe imburizi yatanze yuko igiye guhana itumye abanyakibi bafise ukwigaya bahindura agatima n’inyifato. (Gusubira mu Vyagezwe 13:17) Rero, naho twokora ikosa rikomeye, mugabo tukagaragaza ukwigaya nyakuri, Yehova ‘yoduhaza imbabazi ziwe’ maze tukagira impamvu yo ‘kunezerwa.’ (Zaburi 32:1-5) Nitwakurikirana ingendo y’ubugororotsi, tuzokwumva urukundo rudahemuka Imana idukunda maze dushobore “[g]uhimbarw[a] imisi yacu yose”—egome, imisi dusigaje kubaho.
21. Mu majambo yanditse muri Zaburi 90:15, 16, Musa ashobora kuba yariko asaba iki?
21 Uwo mwanditsi wa Zaburi asengana ubwira ati: “Utunezereze umunezero ungana n’imisi watubabarijemwo, n’imyaka twabonyemw’ivyago. Igikorwa cawe ni ciserure ku basavyi bawe, bo n’ubgiza bgawe ku bana babo.” (Zaburi 90:15, 16) Musa ashobora kuba yariko asaba Imana guhezagira Isirayeli mu kuyitera umunezero ungana n’imisi bamaze mu marushwa be n’imyaka bamaze mu makuba, ni ukuvuga umara igihe gihwanye na yo. Yasavye yuko “igikorwa” c’Imana co guhezagira Abisirayeli cogaragarira abasavyi bayo, be n’uko ubwiza bwayo bwoseruka ku bana babo, ari bo ruvyaro rwabo. Turashobora gusenga mu buryo bukwiriye ngo imihezagiro izocuncuburwe ku muryango w’abantu ugamburuka muri ya si nshasha Imana yasezeranye.—2 Petero 3:13.
22. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 90:17, bikwiriye ko dusenga dusaba iki?
22 Zaburi ya 90 isozera n’iyi ntakambo igira iti: “Igikundiro c’Uhoraho, Imana yacu, kibe kuri twebge: kand’udushimangirire ibikorwa vy’intoke zacu; mbere, ibikorwa vy’intoke zacu ubishimangire.” (Zaburi 90:17) Ayo majambo yerekana yuko bikwiriye ko dusenga dusaba ngo Imana ihezagire utwigoro tugira mu gikorwa cayo. Twaba turi mu Bakirisu basizwe canke muri bagenzi babo bo mu “zindi ntama,” turanezerezwa n’uko “igikundiro c’Uhoraho” kiri kuri twebwe. (Yohana 10:16) Ese ukuntu duhimbawe kubona Imana ‘yarashimangiye igikorwa c’intoke zacu’ dukora mu kwamamaza Ubwami, be n’ivyo dukora mu bundi buryo!
Nimuze Tubandanye Guharura Imisi Yacu
23, 24. Dushobora gute kwungukira ku kuzirikana kuri Zaburi ya 90?
23 Kuzirikana kuri Zaburi ya 90, bikwiye gutuma turushiriza kwiheka kuri Yehova, we “buruhukiro” bwacu. Mu kuzirikana ku majambo arimwo avuga ko ubuzima ari bugufi, dukwiye kurushiriza kumenya yuko dukeneye kuyoborwa n’Imana mu vyo guharura imisi yacu. Ikindi kandi, turamutse dukomeye ku muheto mu kurondera ubukerebutsi buva ku Mana no mu kubugaragaza, turashira amazinda ko Yehova azotugirira ubuntu mvarukundo akongera akaduhezagira.
24 Yehova azobandanya kutwigisha ingene twoharura imisi yacu. Ikindi, twumviye amabwirizwa yiwe, tuzoshobora kuguma duharura imisi yacu ibihe bidahera. (Yohana 17:3) Ariko rero, niba dushaka kuguma duhanze amaso ubuzima budahera, Yehova ategerezwa kutubera ubuhungiro bwacu. (Yuda 20, 21) Nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira, ico ciyumviro kiratomorwa neza mu majambo yeza umutima yo muri Zaburi ya 91.
Wokwishura Gute?
• Yehova ni “uburuhukiro” bwacu gute?
• Ni kuki dushobora kuvuga yuko Yehova yama nantaryo agabirije kudufasha?
• Yehova adufasha gute “guharūra imisi yacu”?
• Ni igiki gituma dushobora “[g]uhimbarw[a] imisi yacu yose”?
[Ifoto ku rup. 8]
Yehova yari Imana “imisozi itaravuka”
[Ifoto ku rup. 10]
Dufatiye ku buryo Yehova abona ibintu, wa wundi Metusela yamaze imyaka 969 ntiyashikanye umusi
[Amafoto ku rup. 12]
Yehova ‘yarashimangiye igikorwa c’amaboko yacu’