ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/3 rup. 19-23
  • Yehova ni we hantu hacu ho kuba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ni we hantu hacu ho kuba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • YEHOVA YARABEREYE ABASAVYI BIWE BA KERA “AHANTU NYAKURI HO KUBA”
  • YEHOVA ARATUBERA “AHANTU NYAKURI HO KUBA” MURI IKI GIHE
  • ‘AHANTU NYAKURI HACU HO KUBA’ UKO IHEREZO RYEGEREZA
  • Yakobo yaraha agaciro ivy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yehova, “ya Mana itanga amahoro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Ni Imana . . . y’abazima”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/3 rup. 19-23

Yehova ni we hantu hacu ho kuba

“Ewe Yehova, wewe ubwawe watubereye ahantu nyakuri ho kuba iyaruka ku rindi.”—ZAB. 90:1.

WOKWISHURA GUTE?

  • Yehova yabereye gute abantu b’abizigirwa ba kera “ahantu nyakuri ho kuba”?

  • Twokwigira iki ku kuba Aburahamu yagumye ari umwizigirwa?

  • Twokwerekana gute ko Yehova ari “ahantu nyakuri [hacu] ho kuba”?

1, 2. Abasavyi b’Imana bibona gute muri ino si, kandi ni mu buryo ki bafise ahantu ho kuba?

WOBA wumva utekaniwe muri ino si? Nimba wumva udatekaniwe, si wewe wenyene! Kuva kera na rindi, abakunda Yehova vy’ukuri bamye babona ko ari ba kavantara, ni ukuvuga ba kavamahanga muri iyi si. Nk’akarorero, igihe abasavyi b’Imana b’abizigirwa baza barakambika mu gihugu ca Kanani, “baratura icese yuko bari ba kavantara n’ingenzi.”—Heb. 11:13.

2 Muri ubwo buryo nyene, abayoboke ba Kristu barobanuwe, abo “ubwenegihugu bwa[bo] buri mw’ijuru,” babona ko ari “ba kavantara n’ingenzi” muri ino si. (Flp. 3:20; 1 Pet. 2:11) Abagize “izindi ntama” za Kristu na bo nyene “si ab’isi, nk’uko [Yezu a]tari uw’isi.” (Yoh. 10:16; 17:16) Ariko rero, abasavyi b’Imana ntibabuze ahantu ho kuba. Nkako, turakingirwa turi ahantu ho kuba hatekanye kandi harangwa n’urukundo kuruta ahandi hose umuntu yokwiyumvira, aho na ho hakaba habonwa n’amaso y’ukwizera. Musa yanditse ati: “Ewe Yehova, wewe ubwawe watubereye ahantu nyakuri ho kuba iyaruka ku rindi.” (Zab. 90:1) Ni gute Yehova yabereye abasavyi biwe b’intahemuka bo mu bihe vya kera “ahantu nyakuri ho kuba”? Ni gute abera abantu bitirirwa izina ryiwe muri iki gihe “ahantu nyakuri ho kuba”? Kandi ni gute azoba ahantu honyene ho kuba hatekanye muri kazoza?

YEHOVA YARABEREYE ABASAVYI BIWE BA KERA “AHANTU NYAKURI HO KUBA”

3. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe, ingereranyo iyihe be n’isano irihe biri muri Zaburi 90:1?

3 Cokimwe n’izindi mvugo z’ikigereranyo nyinshi ziri muri Bibiliya, Zaburi 90:1 irafise iciyumviro nyamukuru, ingereranyo be n’isano. Iciyumviro nyamukuru ni Yehova. Ingereranyo ni ahantu ho kuba. Yehova arafise ibintu vyinshi ahuriyeko n’aho hantu. Nk’akarorero, Yehova arakingira abasavyi biwe. Ivyo birahuye n’uko ari we karorero ruheta k’urukundo. (1 Yoh. 4:8) Vyongeye, ni Imana y’amahoro, ituma abasavyi bayo b’intahemuka “[ba]baho mu mutekano.” (Zab. 4:8) Rimbura nk’akarorero ivyo yakoreye ba sekuruza b’imiryango b’abizigirwa, uhereye kuri Aburahamu.

4, 5. Ni gute Imana yabereye Aburahamu “ahantu nyakuri ho kuba”?

4 Turashobora gusa kwiha ishusho y’ukuntu Aburahamu, uwitwa ico gihe Aburamu, yumvise amerewe igihe Yehova yamubwira ati: “Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe . . . uje mu gihugu nzokwereka.” Nimba Aburahamu yaragize amaganya, nta gukeka ko yaheze igihe Yehova yaca amubwira ati: “Nzogukuramwo ihanga rikomeye, kandi nzoguhezagira, kandi izina ryawe nzorigira irihambaye . . . Nzohezagira abaguhezagira, uwuguhamagarirako akabi nzomuvuma.”—Ita. 12:1-3.

5 Yehova akoresheje ayo majambo, yariyemeje kubera Aburahamu n’abomukomotseko ahantu ho kuba hatekanye. (Ita. 26:1-6) Yehova yarashikije ivyo yasezeranye. Nk’akarorero, yarabujije Farawo wo mu Misiri be n’Umwami Abimeleki wa Gerari kwonona Sara no kwica Aburahamu. Yarakingiye Izahaki na Rebeka mu buryo nk’ubwo. (Ita. 12:14-20; 20:1-14; 26:6-11) Dusoma duti: “[Yehova] ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abagunga, mugabo kubera bo, yarakangiriye abami, ati: ‘Ntimukore ku bo narobanuje amavuta, kandi ntihagire ikintu kibi na kimwe mugirira abahanuzi banje.’ ”—Zab. 105:14, 15.

‘Sinzoguta’

6. Izahaki yabwiye Yakobo gukora iki, kandi Yakobo ashobora kuba yumvise amerewe gute?

6 Muri abo bahanuzi harimwo na Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu. Igihe hagera ko Yakobo azana umugore, se wiwe Izahaki yamubwiye ati: “Ntuze wabire umugore mu bakobwa b’i Kanani. Haguruka, ugende i Padani-aramu ku nzu ya Betuweli se wa nyoko wawe, urondere umugore mu bakobwa ba Labani.” (Ita. 28:1, 2) Yakobo yaragamburukiye Izahaki adatebaganye. Yakobo yarahevye ugutekanirwa yari yifitiye mu muryango wabo ushika waba i Kanani, kugira ngo agire urugendo rw’ibilometero amajana aja mu karere ka Harani, bikaba bigaragara ko yari wenyene. (Ita. 28:10) Ashobora kuba yaribajije ati: ‘Nzomara igihe kingana iki ntari i muhira? Marume yoba azonyakirana igishika akongera akampa umugore atinya Imana?’ Nimba Yakobo yaragize amaganya nk’ayo, nta gukeka ko yaheze igihe yashika i Luzi, nko ku bilometero 100 uvuye i Beyeri-sheba. None ni igiki cashitse i Luzi?

7. Imana yasubirije umutima mu nda gute Yakobo biciye ku ndoto?

7 I Luzi, Yehova yarabonekeye Yakobo mu ndoto, amubwira ati: “Ehe ndi kumwe nawe; nzokuzigama mu nzira yose uriko ujana nongere ndakugarukane kuri ubu butaka, kuko ntazoguta, gushika nkoze koko ivyo nakubwiye.” (Ita. 28:15) Ese ukuntu ayo majambo aranga ubuntu ategerezwa kuba yarasubirije umutima mu nda Yakobo akongera akamuhumuriza! Woba ushobora kwiha ishusho inyuma y’aho ariko aratambuka atera intambwe nininini, ashashaye kwibonera ukuntu Imana yoshikije ico kintu? Nimba waravuye i muhira, kumbure kugira ngo ukorere mu kandi karere, ushobora kuba utahura inyiyumvo zitandukanye Yakobo yagize. Ariko rero, nta gukeka ko wiboneye ikimenyamenya c’uko Yehova akwitwararika.

8, 9. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yabereye Yakobo “ahantu nyakuri ho kuba,” kandi ivyo bitwigisha iki?

8 Igihe Yakobo yashika i Harani, inarume Labani yaramwakiranye igishika cinshi maze mu nyuma amuha Leya na Rebeka ngo bamubere abagore. Ariko rero, mu nyuma Labani yaragerageje kurya imitsi Yakobo, mu guhindura impembo yiwe incuro cumi! (Ita. 31:41, 42) Yamara, Yakobo yarihanganiye ako karenganyo, yizigiye ko Yehova yobandanije kumwitwararika kandi yarabigize. Nkako, igihe Imana yabwira Yakobo gusubira i Kanani, uwo sekuruza w’imiryango yari atunze “imikuku myinshi n’abasukukazi n’abasuku n’ingamiya n’indogobwa.” (Ita. 30:43) Yakobo yuzuye ugukenguruka, yasenze ati: “Sinkwiriye ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyose n’ubwizigirwa bwose wagiriye umusavyi wawe, kuko najabutse uru ruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, ubu nkaba nacitse amakambi abiri.”—Ita. 32:10.

9 Emwe, rya sengesho rirangwa n’ukuzirikana Musa yatuye ryari iry’ukuri! Yagize ati: “Ewe Yehova, wewe ubwawe watubereye ahantu nyakuri ho kuba iyaruka ku rindi.” (Zab. 90:1) No muri iki gihe nyene ni ko biri, kuko Yehova, kuri we hakaba hataba “uguhinduka kw’izunguruka ry’igitutu,” abandanya kubera abasavyi biwe b’intahemuka aho kuba harangwa igishika n’umutekano. (Yak. 1:17) Nimuze twihweze ukuntu abigenza.

YEHOVA ARATUBERA “AHANTU NYAKURI HO KUBA” MURI IKI GIHE

10. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko Yehova abandanya kubera abasavyi biwe ahantu ho kuba hatekanye?

10 Iyumvire iki kintu: Uriko uragiriza muri sentare ishirahamwe ry’abicanyi rikwiye kw’isi yose. Indongozi yaryo ni umubeshi akaba n’umwicanyi aciye ubwenge cane, w’umunyenkomezi kandi atagira akagongwe. Wokwumva umerewe gute usohotse muri iyo sentare umusi urangiye? Woba wokwumva utekaniwe? Uwokubesha! Mu vy’ukuri, woba ufise imvo yumvikana yo gusaba gukingirwa. Ico kintu kirerekana ukuntu ivy’abasavyi ba Yehova vyifashe, bano bakaba bashingira intahe Yehova babigiranye ubutinyutsi bakongera bagashira ahabona wa mwansi wiwe mukuru w’umubisha ari we Shetani, badatinya. (Soma Ivyahishuwe 12:17.) Ariko none, Shetani yoba yarashoboye kunumya abasavyi b’Imana? Habe namba! Nkako, turabandanya gusagamba mu buryo bw’impwemu, ico kikaba ari ikintu gishoboka gusa kubera yuko Yehova akiri ubuhungiro bwacu, akaba atubera “ahantu nyakuri ho kuba,” na canecane muri iyi misi ya nyuma. (Soma Yesaya 54:14, 17.) Ariko ntiwumve, Yehova ntashobora kutubera ahantu ho kuba hatekanye mu gihe turetse Shetani akadukura muri ico kibanza tubamwo.

Abamarayika b’Imana barashigikira bakongera bagakingira abasavyi bayo

11. Ni icigwa ikihe twokwigira kuri ba sekuruza b’imiryango?

11 Nimuze twongere tugire ico twigiye kuri ba sekuruza b’imiryango. Naho baba mu gihugu ca Kanani, bagumye bitandukanije n’abantu bo muri ico gihugu, bakaba baranka urunuka inzira zabo z’ububisha n’ubuhumbu. (Ita. 27:46) Bari abantu bisunga ingingo ngenderwako batayoborwa n’urutonde rurerure rw’amategeko y’ivyo bemerewe gukora n’ivyo batemerewe gukora. Ivyo bari bazi ku vyerekeye Yehova be n’ukuntu ameze vyari bihagije kuri bo. Kubera ko yari ahantu habo ho kuba, ntibipfuza kwiyegereza isi uko bashoboye kwose. Ahubwo nyabuna, baguma bitandukanije na yo uko bishoboka kwose. Mbega akarorero keza badusigiye! Woba wihatira kwigana abo ba sekuruza b’imiryango b’abizigirwa ku bijanye n’ukuntu uhitamwo abo mwifatanya be n’uburyo bwo kwisamaza? Ikibabaje ni uko hari abo mw’ishengero rya gikirisu berekana ko, n’imiburiburi ku rugero runaka, bumva batekaniwe muri iyi si ya Shetani. Nimba wiyumva gutyo naho hoba ari ku rugero rutoyi, nusenge ku bijanye n’ico kintu. Uribuka ko iyi si ari iya Shetani. Igaragaza agatima kiwe kataranga igishika kandi k’ubwikunzi.—2 Kor. 4:4; Ef. 2:1, 2.

12. (a) Yehova aronsa gute abo mu nzu yiwe yo mu buryo bw’impwemu ivyo bakeneye? (b) Wiyumva gute ku bijanye n’izo ntunganyo?

12 Kugira ngo tunanire amayeri ya Shetani, turakeneye kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo zo mu buryo bw’impwemu Yehova ashiriraho abo mu nzu yiwe y’abizera. Muri izo ntunganyo harimwo amakoraniro ya gikirisu, ugusenga kwo mu muryango be n’“ingabirano z’abagabo,” abo bakaba ari abungere bagenywe n’Imana kugira ngo baduhoze bongere badufate mu mugongo uko tunyinyana n’ingorane zo mu buzima. (Ef. 4:8-12) Umuvukanyi George Gangas, akaba yaramaze imyaka itari mike ari mu bagize Inama Nyobozi, yanditse ati: “Igihe ndi mu [basavyi b’Imana] numva ntekaniwe nk’aho noba ndi kumwe n’umuryango wanje, mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu.” Woba nawe wiyumva gutyo?

13. Ni icigwa gihambaye ikihe twokura ku bivugwa mu Baheburayo 11:13?

13 Iyindi kamere ya ba sekuruza b’imiryango ibereye ko twigana ni ukuba bari bafise umutima ukunze wo kuba abantu batandukanye n’abari babakikuje. Nk’uko twabibonye mu ngingo ya 1, “baratura icese yuko bari ba kavantara n’ingenzi muri ico gihugu.” (Heb. 11:13) Woba wiyemeje kuguma uri umuntu atandukanye n’abandi? Ni ivy’ukuri ko ivyo bitama vyoroshe. Mugabo ubifashijwemwo n’Imana be n’abakirisu bagenzawe, wobishobora. Uribuka ko utari wenyene. Abagomba gukorera Yehova bose barafise intambara babwirizwa kurwana! (Ef. 6:12) Ariko rero, ni intambara dushobora gutsinda mu gihe twizigiye Yehova kandi tukamugira ahantu hacu ho kuba hatekanye.

14. Abasavyi ba Yehova bari barorereye “igisagara” ikihe?

14 Ikindi kintu gihambaye ni iki: Niwigane Aburahamu mu kugumiza amaso yawe ku gashimwe. (2 Kor. 4:18) Intumwa Paulo yanditse yuko Aburahamu “yari arorereye ca gisagara gifise imishinge nyayo, umwubatsi n’umuhinguzi w’ico gisagara akaba ari Imana.” (Heb. 11:10) Vyaragaragaye ko ico “gisagara” ari Ubwami bwa Mesiya. Ariko ntiwumve, Aburahamu yabwirijwe kurorera ico “gisagara.” Twovuga yuko twebwe tutarorereye ico gisagara. Ubu ubwo Bwami buraganza mw’ijuru. N’ikindi kandi, hari ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko bugiye kwifatira isi mu minwe. Ubwo Bwami bwoba atari umugani kuri wewe? Bwoba bugira ico bukoze ku kuntu ubona ubuzima, ku kuntu ubona iyi si no ku vyo ushira imbere y’ibindi?—Soma 2 Petero 3:11, 12.

‘AHANTU NYAKURI HACU HO KUBA’ UKO IHEREZO RYEGEREZA

15. Ni kazoza akahe karindiriye abantu bizigira isi ya none?

15 Uko iherezo ry’isi ya Shetani ryegereza, “ububabare nk’ubw’ibise” bwayo buzokwunyuka. (Mat. 24:7, 8) Nta gukeka ko ibintu bizokwunyuka mu gihe ca ya makuba akomeye. Ibintu bifasha mw’iterambere ry’igihugu bizosenyagurika, abantu na bo batinyire ubuzima bwabo. (Hab. 3:16, 17) Kubera ko bazoba bihebuye cane, ni nk’aho bazoronderera ubuhungiro “mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi.” (Ivyah. 6:15-17) Mugabo vyaba ibitandara nya bitandara canke amashirahamwe y’ivya politike n’ivy’urudandaza agereranywa n’imisozi, nta na kimwe kizobakingira.

16. Dukwiye kubona gute ishengero rya gikirisu, kandi kubera iki?

16 Abasavyi ba Yehova bobo, bazobandanya kuronkera umutekano kuri Yehova Imana, we “hantu nyakuri [habo] ho kuba.” Nka kumwe kw’umuhanuzi Habakuki, “[ba]zokwigina Yehova; [ba]zonezererwa Imana y’ubukiriro bwa[bo].” (Hab. 3:18) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova azoba “ahantu nyakuri ho kuba” muri ico gihe kidurumbanye? Tuzobwirizwa kurindira kugira tubirabe. Mugabo turashobora kwemera tudakeka iki kintu: Cokimwe n’Abisirayeli igihe bariko barava mu Misiri, “isinzi rinini” rizoguma ryungunganijwe, ryiteguriye gukurikiza ubuyobozi Imana itanga. (Ivyah. 7:9; Soma Kuvayo 13:18.) Ubwo buyobozi buzotangwa mu buryo bwa gitewokarasi, kumbure biciye kw’ishengero. Nkako, biboneka ko amashengero ibihumbi n’ibihumbi ari hirya no hino kw’isi afitaniye isano na vya “vyumba” vyo gukingira abantu bivugwa muri Yesaya 26:20. (Soma.) Woba uha agaciro amakoraniro y’ishengero? Woba wihutira gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga biciye kw’ishengero?—Heb. 13:17.

17. Ni mu buryo ubuhe Yehova abera mbere n’abasavyi biwe b’intahemuka bapfuye “ahantu nyakuri ho kuba”?

17 Mbere n’aboshobora gupfa ari abizigirwa imbere y’uko ya makuba akomeye atangura, baguma ata nkomanzi bari kumwe na Yehova, we “hantu nyakuri [habo] ho kuba.” Uti gute? Haciye igihe kirekire ba sekuruza b’imiryango b’abizigirwa bapfuye, Yehova yabwiye Musa ati: “Ndi Imana ya . . . Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo.” (Kuv. 3:6) Yezu amaze gusubiramwo ayo majambo, yongeyeko ati: “Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo.” (Luka 20:38) Egome, kuri Yehova, abasavyi biwe b’intahemuka bapfuye ari abizigirwa kuri we ni nk’aho ari bazima; izuka ryabo ni ntakekeranywa.—Umus. 7:1.

18. Mw’isi nshasha, Yehova azobera gute abasavyi biwe “ahantu nyakuri ho kuba” mu buryo budasanzwe?

18 Mw’isi nshasha igiye kuza, Yehova azobera abasavyi biwe “ahantu nyakuri ho kuba” mu bundi buryo. Mu Vyahishuwe 21:3 hagira hati: “Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo.” Mu ntango, Yehova azobana n’abatwarwa biwe bo kw’si mu buryo bw’ikigereranyo biciye kuri Kristu Yezu. Ya myaka igihumbi irangiye, Yezu azoshikiriza Se wiwe Ubwami, akazoba yaranguye bimwe bishitse umugambi Imana ifitiye isi. (1 Kor. 15:28) Mu nyuma, abantu bazoba babaye abatagira agasembwa ntibazoba bagikeneye ko Yezu abaserukira; Yehova azoba ari kumwe na bo. Mbega ikintu ciza igitangaza twiteze! Mu kurindira, nimuze twihatire kwigana ya mayaruka y’abantu b’abizigirwa ba kera mu kugira Yehova “ahantu nyakuri [hacu] ho kuba.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika