ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/8 rup. 23-27
  • Yehova, “ya Mana itanga amahoro”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova, “ya Mana itanga amahoro”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akarorero ntangere twokwigana
  • Nugire ico wigiye ku karorero ka Aburahamu na Izahaki
  • Nugire ico wigiye ku muhungu Yakobo yakunda cane
  • “Vyanditswe kugira bitwigishe”
  • Amahasa Adasa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Imana ihezagira Aburahamu n’umuryango wiwe
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Itanguriro: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/8 rup. 23-27

Yehova, “ya Mana itanga amahoro”

“Ya Mana itanga amahoro ibane namwe mwese.”​—ROM. 15:33.

1, 2. Ni ikintu kitoroshe ikihe kivugwa mw’⁠Itanguriro ikigabane ca 32 n’ica 33, kandi vyahavuye bigenda gute?

NIWIHE ishusho y’iki kintu: Abavukana babiri bagira bahure. Bagira bahurire i Penuweli, iruhande y’umwonga wa Yaboki uherereye mu buseruko bw’uruzi Yorodani. Abo bavukanyi ni Esawu na Yakobo, kandi baramaze igihe kirekire batabonana. Naho nyene haciye imyaka 20 Esawu agurishije kuri mwene wabo uburenganzira bwiwe bwo kuba imfura, Yakobo aratinya ko mwene wabo yoshobora kuba akimufitiye inzika ku buryo yomwica. Esawu ari kumwe n’abantu 400, araja guhura n’uwo mwene wabo yari yaromotse. Kugira ngo Yakobo amenye nimba Esawu aza kumugirira nabi, aramurungikira ingabirano z’urutavanako zingana n’ibitungwa birenga 550. Igihe cose abasuku ba Yakobo bashikiriye Esawu bari kumwe n’umugwi w’ibitungwa, baramubwira yuko ari ingabirano irungitswe na mwene wabo.

2 Igihe c’uko bahura kigiye cashika! Uko Yakobo agenda n’umutima rugabo agana iyo Esawu ari, aramwunamira, ivyo akaba atabigira incuro imwe gusa mugabo incuro indwi. Yakobo aramaze gukora ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose kugira ngo atururuze umutima wa mwene wabo. Yakobo yasenze asaba Yehova ngo amurokore mu kuboko kwa Esawu. Yehova yoba yishura iryo sengesho? Cane nyene. Bibiliya itubwira iti: “Esawu yiruka kumusanganira, maze atangura kumugumbira, amugwa kw’izosi aramusoma.”​—Ita. 32:11-20; 33:1-4.

3. Inkuru yerekeye Yakobo na Esawu itwigisha iki?

3 Inkuru yerekeye Yakobo na Esawu iratwereka ko dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo dusubize ibintu mu buryo igihe hadutse ingorane zoshobora guhungabanya amahoro twifitiye mw’ishengero rya gikirisu. Nta kintu kibi na kimwe Yakobo yari yarakoze. Ntiyabwirizwa rero gusaba imbabazi Esawu. Esawu ni we atari yahaye agaciro uburenganzira bwiwe bwo kuba imfura maze abugurisha kuri Yakobo, uno akaba yamuhaye isahani y’inkore. Naho vyari ukwo, Yakobo yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo agiranire amahoro na we. (Ita. 25:31-34; Heb. 12:16) Ariko rero, ukuntu Yakobo yavyifashemwo mu vyo yagiraniye na Esawu, biratwereka akigoro dukwiye kugira kugira ngo tuzigame amahoro dufitaniye n’abavukanyi bacu. Biratwereka kandi yuko Imana y’ukuri ihezagira utwigoro tugira tubijanisha n’isengesho kugira ngo dutume haba amahoro. Bibiliya irimwo ubundi burorero butari buke butwigisha kuba indemeshamahoro.

Akarorero ntangere twokwigana

4. Ni intunganyo iyihe Imana yashizeho kugira ngo ikize abantu igicumuro n’urupfu?

4 Akarorero kibonekeje kuruta utundi twose mu bijanye no kuba indemeshamahoro ni Yehova “ya Mana itanga amahoro.” (Rom. 15:33) Iyumvire urugero Yehova yashikanyeko kugira ngo atume dushobora kugiranira na we ubucuti burangwa amahoro. Kubera ko dukomoka kuri Adamu na Eva tukaba rero turi abacumuzi, turabereye kuronka “impembo igicumuro gitanga.” (Rom. 6:23) Naho ari ukwo, Yehova abitumwe n’urukundo rwiwe rwinshi yaratunganije ivy’uko turonka ubukiriro mu kurungika Umwana wiwe mukundwa avuye mw’ijuru, kugira ngo avuke ari umuntu atagira agasembwa. Kandi uwo Mwana yaravyemeye n’umutima ukunze. Yaremeye aricwa n’abansi b’Imana. (Yoh. 10:17, 18) Imana y’ukuri yarazuye uwo Mwana wayo mukundwa, uno akaba mu nyuma yarashikaniye Se wiwe agaciro k’amaraso yiwe yasesetse, ayobaye incungu yo gukiza abacumuzi bigaya ngo ntibashikirwe n’urupfu rw’akagirire.​—Soma Abaheburayo 9:14, 24.

5, 6. Amaraso yasheshwe ya Yezu agira ico akoze gute ku bucuti bwatosekaye buri hagati y’Imana n’abantu b’abacumuzi?

5 Intunganyo y’inkuka y’incungu y’Umwana w’Imana igira ico ikoze gute ku bucuti bwatosekaye buri hagati y’Imana n’abantu b’abacumuzi? Muri Yesaya 53:5 hagira hati: “Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we, kandi kubera ibikomere vyiwe twarashoboye gukira.” Abantu bagamburuka barashobora kugiranira n’Imana ubucuti burangwa amahoro ubu, aho kubonwa nk’abansi b’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Muri [Yezu], turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu tubihawe n’amaraso y’uwo, egome, ukubabarirwa amakosa yacu.”​—Ef. 1:7.

6 Bibiliya ivuga iti: “Imana yabonye ari vyiza ko ukunengesera kwose kuba muri [Kristu].” Ivyo ni ko biri kubera ko Kristu ari we muntu nyamukuru mu bijanye no gushitsa umugambi w’Imana. None umugambi wa Yehova ni uwuhe? Ni uwo “kwisubizako ibindi bintu vyose mu kugarukana amahoro biciye ku maraso [yasheshwe]” ya Yezu Kristu. Ivyo “bindi bintu vyose” Imana ituma bigiranira amahoro na yo ni “ivyo mw’ijuru” hamwe n’“ivyo kw’isi.” None ivyo bintu ni ibiki?​—Soma Abakolosayi 1:19, 20.

7. Ibintu “vyo mw’ijuru” hamwe n’ibintu “vyo kw’isi” bigiranira amahoro n’Imana, ni ibiki?

7 Kubera inkuka ya Yezu, abakirisu barobanuwe ‘baritwa abagororotsi’ bakaba abana b’Imana bakongera ‘bakanezererwa amahoro hamwe n’Imana.’ (Soma Abaroma 5:1.) Bitwa ibintu “vyo mw’ijuru” kubera yuko bafise icizigiro co kuba mw’ijuru kandi “bazoganza isi” bongere babe abaherezi ku Mana. (Ivyah. 5:10) Ibintu “vyo kw’isi” na vyo ni abantu bigaya, bano amaherezo bakaba bazoba kw’isi ibihe bidahera.​—Zab. 37:29.

8. Kuzirikana ibintu vyose Yehova yakoze kugira ngo atume bishoboka ko abantu bagiranira amahoro na we, bigira ico bikoze gute kuri wewe?

8 Mu kwerekana ko akenguruka bivuye ku mutima iyo ntunganyo Yehova yashizeho, Paulo yandikiye abakirisu barobanuwe b’i Efeso ati: “Imana, imwe igwije imbabazi, . . . yaratugize bazima hamwe na Kristu, mu gihe nyene twari twarapfiriye mu makosa​—mukaba mwakirishijwe ubuntu ata wari abukwiriye.” (Ef. 2:4, 5) Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, turakengurukira Imana bimwe bigera kure kubera imbabazi zayo n’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo. Imitima yacu iruzura ugukenguruka igihe tuzirikanye ibintu vyose Yehova yakoze kugira ngo atume bishoboka ko abantu bagiranira amahoro na we. Igihe dushikiwe n’ibintu bishobora guhungabanya ubumwe bw’ishengero, kuzirikana akarorero Imana yatanze tubigiranye ugukenguruka ntibikwiye none kutuvyurira umutima wo kuba indemeshamahoro?

Nugire ico wigiye ku karorero ka Aburahamu na Izahaki

9, 10. Aburahamu yagaragaje gute ko ari indemeshamahoro mu kuntu yafashe Loti igihe haba ukutumvikana hagati y’abungere babo?

9 Bibiliya ivuga ku bijanye n’umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu, iti: “‘Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi,’ araheza yitwa ‘umugenzi wa Yehova.’” (Yak. 2:23) Ukwizera kwa Aburahamu kwagaragariye mu kuntu yari indemeshamahoro. Nk’akarorero, igihe imikuku n’ubusho vya Aburahamu vyongerekana, harabaye ukutumvikana hagati y’abungere biwe n’ab’umuhungwabo Loti. (Ita. 12:5; 13:7) Kugira ngo iyo ngorane itorerwe umuti Aburahamu yategerezwa gutandukana na Loti. None Aburahamu yavyifashemwo gute muri ico kibazo kitoroshe? Aho gukoresha imyaka yari afise be n’ikibanza yari afise imbere y’Imana mu kubwira umuhungwabo ico akwiye gukora, Aburahamu yarerekanye ko ari indemeshamahoro koko.

10 Yabwiye uwo muhungwabo ati: “Ndakwinginze, ntureke ngo hagire ugutongana kubandanya hagati yanje nawe no hagati y’abungere banje n’abungere bawe, kuko turi abavukanyi.” Uwo sekuruza w’imiryango yabandanije ati: “None igihugu cose ntikiri imbere yawe? Ndakwinginze, utandukane nanje. Niwaja ibubamfu, nzoja rero iburyo; nayo niwaja iburyo, nzoheza nje ibubamfu.” Loti yahisemwo ahantu himbuka kuruta ahandi muri ako karere, ariko Aburahamu ntiyamubikiye inzika. (Ita. 13:8-11) Mu nyuma igihe Loti yagirwa imbohe n’ingabo zari zabateye, Aburahamu ntiyatebaganye kurokora uwo muhungwabo.​—Ita. 14:14-16.

11. Aburahamu yarondeye gute kugiranira amahoro n’ababanyi biwe b’Abafilisitiya?

11 Zirikana kandi ukuntu Aburahamu yarondeye kugiranira amahoro n’ababanyi biwe b’Abafilisitiya mu gihugu ca Kanani. Abo Bafilisitiya bari “banyaze ku nguvu” iriba ry’amazi abasuku ba Aburahamu bimvye i Beyeri-Sheba. None umugabo yari yararokoye umuhungwabo mu gutsinda abami bane bari baramufashe mpiri, yari kwakira gute ico kintu? Aho kugira ngo Aburahamu na we abarwanye maze agarure iriba ryiwe, yahisemwo kwihorera. Mu nyuma, umwami w’Abafilisitiya yaraje kuraba Aburahamu kugira ngo bagiranire isezerano ry’amahoro. Aho amariye gutuma Aburahamu amurahira ko azobana neza n’uruvyaro rw’uwo mwami w’Abafilisitiya, ni ho gusa Aburahamu yavuga ivya ca kibazo cerekeye iriba ryiwe ryari ryaranyazwe. Uwo mwami yarababajwe n’ico kintu maze arasubiza Aburahamu iryo riba. Kandi Aburahamu yabandanije kubana n’abandi mu mahoro ari kavamahanga muri ico gihugu.​—Ita. 21:22-31, 34.

12, 13. (a) Izahaki yiganye gute akarorero ka se wiwe? (b) Yehova yahezagiye gute Izahaki kubera ko yari indemeshamahoro?

12 Umuhungu wa Aburahamu ari we Izahaki yarakurikije akarorero ka se wiwe ko kuba indemeshamahoro. Ivyo biragaragarira mu kuntu Izahaki yafashe Abafilisitiya. Kubera ikigoyi cari muri ico gihugu, Izahaki yarakuye urugo rwiwe i Beyeri-lahayi-royi mu ntara igadutse ya Negebu, arwimurira i Gerari mu karere kimbuka kuruta k’Abafilisitiya. Izahaki ari ng’aho, Yehova yaramuhezagiye mu gutuma aronka umwimbu mwinshi n’ibitungwa vyinshi. Abafilisitiya baciye batangura kumugirira agashari. Kubera ko batashaka ko Izahaki atunga agatunganirwa nka se wiwe, barazibiye amariba abasuku ba Aburahamu bari barimvye muri ako karere. Amaherezo, umwami w’Umufilisitiya yabwiye Izahaki ngo ‘ave mu kibano cabo.’ Uwo mugabo w’umunyamahoro Izahaki yaravyemeye.​—Ita. 24:62; 26:1, 12-17.

13 Aho Izahaki amariye kwimurira ikambi yiwe kure cane, abungere biwe barimvye irindi riba. Abungere b’Abafilisitiya bavuze yuko ayo mazi ari rwabo. Cokimwe na se wiwe Aburahamu, Izahaki ntiyarwaniye iryo riba. Ahubwo yasavye abantu biwe kwimba irindi. Abafilisitiya barasubiriye kuvuga yuko na ryo nyene ari rwabo. Kugira ngo Izahaki azigame amahoro, yarimuriye ikambi yiwe nini ahandi hantu kure. Bashitse ng’aho, abasuku biwe barimvye iriba, Izahaki akaba yaryise Rehoboti. Mu nyuma, yarimukiye mu ntara yimbuka kuruta ya Beyeri-Sheba, aho Yehova yamuhezagiriye akamubwira ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguhezagira nongere ngwize uruvyaro rwawe kubera Aburahamu umusavyi wanje.”​—Ita. 26:17-25.

14. Izahaki yerekanye gute ko ari indemeshamahoro igihe umwami w’Abafilisitiya yarondera kugiranira na we isezerano ry’amahoro?

14 Nta gukeka ko Izahaki yari afise ubushobozi bwo kurwanira uburenganzira bwiwe bwo gukoresha amariba yose abasuku biwe bari barimvye. Ivyo vyerekanwa n’uko mu nyuma umwami w’Abafilisitiya n’abantu biwe bakurubakuru baje kumuraba i Beyeri-sheba barondera kugiranira na we isezerano ry’amahoro, mu kuvuga bati: “Twabonye neza yuko Yehova yabanye nawe.” Ariko rero, kugira ngo Izahaki azigame amahoro, yari yarahisemwo kuza arimukira kure aho kurwana. N’ico gihe nyene Izahaki yarerekanye ko ari indemeshamahoro. Iyo nkuru igira iti: “[Abo bashitsi biwe] abategurira inzimano bararya, baranywa. Umusi ukurikira mu gitondo bavyuka kare maze bahana indahiro. Inyuma y’ivyo Izahaki arabarungika . . . amahoro.”​—Ita. 26:26-31.

Nugire ico wigiye ku muhungu Yakobo yakunda cane

15. Ni kubera iki bakuru ba Yozefu batashobora kumuvugisha neza?

15 Yakobo umuhungu wa Izahaki yari “umugabo atagirako umugayo.” (Ita. 25:27) Nk’uko twabibonye mu ntango, Yakobo yararondeye kugiranira amahoro na mwene wabo Esawu. Nta gukeka ko Yakobo yari yarigiye ku karorero ka se wiwe Izahaki ko kuba indemeshamahoro. Tuvuge iki ku vyerekeye abahungu ba Yakobo? Mu bahungu 12 Yakobo yari afise, Yozefu ni we yakunda cane. Yozefu yari umuhungu agamburuka kandi yubaha yitwararika cane ivyo se yari atunze. (Ita. 37:2, 14) Ariko rero, bakuru ba Yozefu baramugiriye ishari bimwe bikomeye ku buryo batashobora kumuvugisha neza. Babigiranye ubunyamaswa, baragurishije Yozefu mu buja maze bahenda se wabo ko yari yishwe n’igikoko.​—Ita. 37:4, 28, 31-33.

16, 17. Yozefu yerekanye gute ko ari indemeshamahoro kuri bene wabo?

16 Yehova yarahezagiye Yozefu. Mu nyuma, Yozefu yarabaye umushikiranganji wa mbere wa Misiri, akaba yagira kabiri kuri Farawo. Igihe ikigoyi gikomeye catuma benewabo na Yozefu baja mu Misiri, ntibigeze mbere bamumenya igihe yari yambaye nk’Abanyamisiri. (Ita. 42:5-7) Ese ukuntu vyari kworohera Yozefu gusubiriza mu nkoko bene wabo ku kibi kibishe bari baramukoreye bakagikorera na se wiwe! Ariko rero aho kurondera kwihora, Yozefu yaragerageje kugiriranira amahoro na bo. Igihe vyagaragara ko bene wabo bari bigaye, yarabimenyesheje, mu kuvuga ati: “Ntimwiteko ishavu kubera mwangurishije ino; kuko Imana yandungitse imbere yanyu ku bwo kuzigama ubuzima.” Nuko asoma bene wabo bose yongera abaririrako.​—Ita. 45:1, 5, 15.

17 Se wabo Yakobo amaze gupfa, bene wabo na Yozefu biyumviriye ko Yozefu yobihoye. Igihe bariko baramubwira icari kibahagaritse umutima, Yozefu ‘yaraturikishije ararira’ maze abishura ati: “Ntimutinye . . . . Jewe nzoguma ndabaronsa ibifungurwa mwe n’abana banyu batoyi.” Iyo ndemeshamahoro Yozefu “[yarabahojeje], avugana na bo mu buryo buhumuriza.”​—Ita. 50:15-21.

“Vyanditswe kugira bitwigishe”

18, 19. (a) Wungukiye gute ku kurimbura uburorero bw’abantu b’indemeshamahoro twihweje muri iki kiganiro? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

18 Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Rom. 15:4) None twungukiye gute ku kurimbura akarorero ruheta ka Yehova be no ku nkuru zo mu Vyanditswe zerekeye Aburahamu, Izahaki, Yakobo na Yozefu?

19 Kuzirikana tubigiranye ugukenguruka ivyo Yehova yakoze kugira ngo asubire kugiranira ubucuti bwiza n’abantu b’abacumuzi, ntibituvyurira none umutima wo gukora uko dushoboye kwose kugira ngo turondere kugiranira n’abandi amahoro? Uburorero bwa Aburahamu, Izahaki, Yakobo na Yozefu burerekana yuko abavyeyi bashobora kugira akosho keza ku bana babo. N’ikindi kandi, izo nkuru zirerekana yuko Yehova ahezagira utwigoro tugirwa n’abagerageza kugiranira amahoro n’abandi. Ntibitangaje kuba Paulo avuga ko Yehova ari “Imana itanga amahoro”! (Soma Abaroma 15:33; 16:20.) Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza igituma Paulo yashimitse ku vy’uko dukeneye gukurikirana amahoro be n’ingene dushobora kuba indemeshamahoro.

Wize iki?

• Ni mu buryo ubuhe Yakobo yarondeye amahoro igihe yagira ahure na Esawu?

• Ivyo Yehova yakoze kugira ngo atume abantu bashobora kugiranira amahoro na we vyagize ico bikoze gute kuri wewe?

• Wigiye iki ku burorero bw’abantu babaye indemeshamahoro ari bo Aburahamu, Izahaki, Yakobo na Yozefu?

[Amafoto ku rup. 23]

Ni intambwe ihambaye cane iyihe Yakobo yateye kugira ngo agiranire amahoro na Esawu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika