ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/7 rup. 28
  • Imana yoba yaragize intango?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba yaragize intango?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde yaremye Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Tugendane n’Imana—Duhanze Amaso Ibihe Bidashira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Twoba vy’ukuri dushobora kumenya Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yehova Aratwigisha Ukuntu Twoharura Imisi Yacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/7 rup. 28

Abasomyi bacu barabaza . . .

Imana yoba yaragize intango?

▪ Bibiliya yishura yuko Imana itagize intango. Imana yamyeho. Naho uguhoraho kw’Imana ari ikintu kigoye gutahura, ntitwoca tugihakana ngo ni uko gusa tudashobora kugitegera neza.

Ubwo vyoba vyumvikana koko kwitega ko twotahura inzira zose z’Imana? Intumwa Paulo yavuze ati: “Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!” (Abaroma 11:33) Ubwenge bwacu ntibushobora gutahura neza ubwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana be n’ubumenyi bwayo, nka kurya nyene akana gatoyi kadashobora gutahura ibintu vyose vyerekeye umuvyeyi. Ayo majambo Paulo yavuze ahumekewe, naho avuga ahanini ibijanye n’ukuntu ubukerebutsi bw’Imana n’imbabazi zayo ari ntangere, arerekana yuko hari ibintu bimwebimwe vyerekeye Yehova Imana be n’ingene akora usanga vyimbitse cane ku buryo ubwenge bwacu butoruha bubitahura. Muri ivyo bintu bigoye gutahura, biboneka ko harimwo n’ivy’uko Imana itagira intango. Naho ari ukwo, turashobora kwizigira tudakeka ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Imana. Yezu Kristu yavuze ku bijanye n’ivyanditswe vyeranda ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.”​—Yohani 17:17.

Musa yabwiye Yehova mw’isengesho ati: “Wamyeho, kandi uzokwamaho.” (Zaburi 90:2, The Holy Bible, New Century Version) Muri ico canditswe, Musa arerekana yuko ikiringo c’ukubaho kw’Imana kibandanya mu buryo bubiri. Ubwa mbere, ni mu bijanye na kazoza. Yehova yitwa “Umwe abaho ibihe bitazoshira.” (Ivyahishuwe 4:10) Gutyo rero, ikiringo c’ukubaho kw’Imana kirabandanya muri kazoza k’ibihe bidahera. Ubwa kabiri, ni mu bijanye na kahise. Mu yandi majambo, Imana ntiyaremwe canke ngo itangure kubaho. Ahubwo riho, usubije amaso inyuma muri kahise, ikiringo c’ukubaho kw’Imana gitera kibandanya, kikabandanya, kikongera kikabandanya ubutagira iherezo.

Ivyiyumviro bijanye n’ibintu bidafadika, usanga benshi muri twebwe bitugora gutegera. Yamara rero, hari igihe twemera ivyiyumviro bigoye itahura, nk’akarorero ibiharuro biri hejuru y’ubusa be n’ibiri munsi y’ubusa. Umuntu arashobora guharura aduga canke amanuka, akaguma aharura ntiyigere aheza. None ako karorero ntitwokisunga mu bijanye n’igitigiri c’imyaka y’ukubaho kw’Umuremyi?

Birabereye rero kuba Imana ari yo yonyene yitwa “Umwami w’ibihe bidahera,” rikaba ari izina yisangije. (1 Timoteyo 1:17) Iyumvire nawe: Yezu Kristu, ba bamarayika amasinzi n’amasinzi bari mw’ijuru be n’abantu baba kw’isi, bose baragize intango kuko baremwe. (Abakolosayi 1:15, 16) Ariko Imana yoyo si ukwo. Gushimika ku vy’uko ngo Imana itegerezwa kuba yararemwe bituma haduka ivyiyumviro ata co bimaze kandi ata co bishikako vy’uwoba rero yararemye Umuremyi wacu. Emwe, Yehova ni we wenyene abaho “uhereye ibihe bidashira, ugashitsa ibihe bidashira.” (Zaburi 90:2) Mu yandi majambo, Yehova yabayeho “imbere y’ibihe vyose.”​—Yuda 25, Bible de référence, akajambo k’epfo.

Ariko ugumize ku muzirikanyi yuko uguhoraho kw’Imana atari ikintu c’ukuri kiri aho gusa ata co kitwungura. Wihweje neza rya sengesho Musa yatura, usanga ryerekana yuko uguhoraho kw’Imana ari ikimenyamenya cemeza umuhango uranga urukundo Imana iduha w’ubuzima budahera. Naho ubuzima bwacu bwo muri iki gihe bumara umwanya urume rumara, Imana yoyo idondorwa yuko ari “uburuhukiro bgacu, . . . ibihe vyose.” Yehova, we Data wa twese yuzuye urukundo, yamyeho, ariho kandi azokwamaho ku bw’ineza y’abantu biwe. Ese woremeshwa n’ukwo kuri kwiza igitangaza!​—Zaburi 90:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika