ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/6 rup. 32
  • Televiziyo yoba ari umurezi mwiza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Televiziyo yoba ari umurezi mwiza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/6 rup. 32

Televiziyo yoba ari umurezi mwiza?

RIMWE na rimwe, kureka abana bawe ngo babe barisamaza mu kuraba televiziyo mu gihe uri mu tundi dukorwa vyoshobora gusa nk’aho bikworohereza cane. Ariko none ivyo bishobora gute kugira ico bikoze ku bana bawe?

Ikinyamakuru kimwe (The New York Times) kivuga giti: “Ibintu bituma umuntu agira inyiyumvo zinaka vyerekanwa kuri televiziyo birashobora kugira ico bikoze no ku twana tukiri dutoyi”. Mw’itohoza rimwe riherutse kugirwa, utwana dufise umwaka umwe twareretswe amasanamu yo kuri televiziyo amara umwanya muto yerekana ingene umuntu umwe yagenda aravyifatamwo mu buryo butandukanye abonye agakinisho kanaka. Ico kinyamakuru kivuga giti: “Igihe uwo muntu yagira ubwoba abonye agakinisho, utwo twana twaca twirinda kugakinisha kandi bikoroha cane ko usanga twahagaritse umutima, twiraburaniwe canke turiko turarira. Igihe na ho uwo muntu yaryoherwa akabonye, utwo twana twaca twumva twogakinisha”.

Biribonekeza rero ko televiziyo ishobora kugira ico ikoze ku bana bakiri bato. Tuvuge iki ku ngaruka z’igihe kirekire televiziyo igira ku bana? Umuganga yitwa Naoki Kataoka, akaba ari umwigisha w’ivy’amagara y’abana kuri Kaminuza y’ivy’ubuganga yitwa Kawasaki iri i Kurashiki mu Buyapani, yarihweje abana benshi usanga badakoma akatsi kandi usanga ukuntu biyumva bidashoka vyigaragaza mu maso habo. Abo bana bose bari bamaze igihe kirekire baraba televiziyo canke amavidewo. Hari akana k’agahungu k’imyaka ibiri katashobora kuyaga n’umuntu, kandi amajambo kari kazi yari ku rushi. Kuva kagifise umwaka umwe, karaba amavidewo imisi yose guhera mu gitondo gushika ku mugoroba. Kuva aho nyina wako ahagarikiye kuza arakareka ngo karabe amavidewo abihanuwe n’umuganga umwe, maze agatangura kuza aragakorakora mu kugakinisha, kaciye gatangura kuza karamenya buhorobuhoro ayandi majambo. Vy’ukuri, abavyeyi bategerezwa kuyaga n’abana babo bakongera bakagira ivyo bakoze bari kumwe.

Yehova Imana, we yatanguje umuryango, yarashimitse ku kamaro k’ukuyaga guhambaye kuruta ukundi kwose. Haraciye igihe kirekire cane abwiye abasavyi biwe ati: “Mugire umwete wo [kwigisha amajambo y’Imana] abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse” (Gusubira mu vyagezwe 6:7). Abavyeyi ni bo bashobora kwigisha abana mu buryo bwiza kuruta ubundi “indero [b]akwiye kwamana” mu kubayagisha no mu kubabera akarorero, si televiziyo.​—Imigani 22:6.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika