ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/6 rup. 31
  • Icigwa ku vyerekeye ubwibone n’ukwicisha bugufi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icigwa ku vyerekeye ubwibone n’ukwicisha bugufi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Igituma Dawidi Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/6 rup. 31

Icigwa ku vyerekeye ubwibone n’ukwicisha bugufi

IKINTU kimwe cabaye mu buzima bw’Umwami Dawidi kirashira ahabona itandukaniro riri hagati y’ukwicisha bugufi nyakuri be n’ubwibone. Ico kintu cabaye inyuma y’aho Dawidi yigaruriye Yeruzalemu maze akahagira umurwa mukuru w’ubwami bwiwe. Dawidi yabona ko Yehova ari we vy’ukuri Mwami wa Isirayeli. Ku bw’ivyo, yaratunganije ivy’uko Isandugu ryagereranya ukuhaba kw’Imana rizanwa muri ico gisagara. Ukwo kuzana iryo Sandugu kwari guhambaye cane kuri Dawidi ku buryo yerekanye ku mugaragaro umunezero yari afise igihe yariko arakurikira abaherezi barireruye. Ababa i Yeruzalemu barabonye uwo mwami wabo “yiyereka” yongera “yiginagura”.​—1 Ngoma 15:15, 16, 29; 2 Samweli 6:11-16.

Yamara Mikali muka Dawidi ntiyifatanije n’abariko basesereza impundu baherekeje iryo Sandugu. Yararungurukiye mw’idirisha, maze aho gushima uburyo Dawidi yariko ashemagiza Yehova, atangura “[ku]mugayira mu mutima” (2 Samweli 6:16). Ni kubera iki Mikali yagize ako gatima? Biboneka ko yaha agaciro kanini ukuba yari umukobwa w’uwahoze ari umwami wa mbere wa Isirayeli ari we Sauli, ico gihe na ho akaba yari umugore w’umwami agira kabiri wa Isirayeli. Ashobora kuba yiyumviriye yuko umunega wiwe, ari na we yari umwami, atari akwiye kwisuzuguza mu kwifata nk’abantu nciyaho akiginagura nk’uko babigira. Ubwibone bwiwe bwagaragariye mu kuntu yaramukije Dawidi igihe yari atashe i muhira. N’akagaye n’akantu yavuze ati: “Ereg’uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!”.​—2 Samweli 6:20.

None Dawidi yavyakiriye gute aho Mikali amunebaguriye gutyo? Dawidi yarakariye Mikali mu kumubwira yuko Yehova yari yarakuye amaboko kuri se wiwe Sauli, maze Dawidi aba ari we atonesha. Dawidi yongeyeko ati: “Mbere nzorushiriza kwigira inkēngērwa, mbe ūgayitse mu maso yawe; arikw abo bakobga abo uvuze, bo bazonyubaha”.​—2 Samweli 6:21, 22.

Egome, Dawidi yari afise umwiyemezo wo kuguma asukurira Yehova yicishije bugufi. Ako gatima karadufasha kubona igituma Yehova yavuze yuko Dawidi ari “umuntu ameze nk’uk’umutima w[iw]e ugomba” (Ivyakozwe n’intumwa 13:22; 1 Samweli 13:14). Nkako, Dawidi yariko akurikiza akarorero keza cane kuruta ubundi ko kwicisha bugufi, ni ukuvuga akarorero ka Yehova Imana ubwiwe. Biri n’ico bivuze kubona imvugo Dawidi yakoresheje mu kubwira Mikali ngo “mbe ūgayitse” iva mu rivuga ry’igiheburayo ayandi akomokako rikoreshwa mu kudondora ukuntu Imana ubwayo ibona abantu. Naho Yehova ari we ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi, muri Zaburi 113:6, 7 hadondora ko ‘yicisha bugufi [ni ukuvuga, ko yimanura akirengagiza ikibanza canke ubukuru afise mu vyo agiranira n’abantu bo hasi] akaraba ivyo mw’ijuru n’ivyo mw’isi, agakura umugorwa mu mukungugu, agashira hejuru umukene, amukuye mu mwavu’.

Kubera ko Yehova yicisha bugufi, ntibitangaje kuba yanka “amaso y’ubgibone” y’abantu bishima (Imigani 6:16, 17). Kubera ko Mikali yagaragaje iyo kamere mbi kandi ntiyubahe uwo Imana yatoye ngo abe umwami, yaritesheje agateka ko kuvyarira Dawidi umwana w’umuhungu. Yapfuye atabonye n’iyikorotse. Mbega icigwa gihambaye tuhakura! Abashaka bose gutoneshwa n’Imana bategerezwa gukurikiza aya majambo agira ati: “Mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu”.​—1 Petero 5:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika