ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/11 rup. 3-7
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • DAWIDI YARUBAHA CANE IZINA RYA YEHOVA
  • DAWIDI YARARINDIRA YEHOVA
  • DAWIDI YARATAHURA INGINGO NGENDERWAKO ZARI MW’ITEGEKO
  • NUGUME UBONA IBINTU NK’UKO IMANA IBIBONA
  • ‘Urugamba ni urwa Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Nimuze dushire hejuru izina rya Yehova turi hamwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Yehova yarabaye “umurokozi” mu bihe vya Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/11 rup. 3-7

“Nyigisha gukora ukugomba kwawe”

“Nyigisha gukora ukugomba kwawe, kuko uri Imana yanje.”​—ZAB. 143:10.

IVYIYUMVIRO NYAMUKURU UKWIYE KWIBUKA

  • Ni ibiki vyashitse mu buzima bwa Dawidi vyerekana yuko yarazwa ishinga n’ukuntu Yehova abona ibintu?

  • Ni igiki cafashije Dawidi gutahura ukugomba kw’Imana?

  • Ni igiki kizodufasha kuguma dutoneshwa na Yehova?

1, 2. Kwitwararika ukugomba kw’Imana vyotugirira akamaro gute, kandi ni igiki twokwitega kwigira ku Mwami Dawidi muri ivyo?

URIKO uragendagenda mu karere k’imisozi. Ushitse mu mayirabiri. Wofata inzira iyihe? Woshobora kwurira ku gasozi kari hafi maze ukaraba aho inzira imwimwe yose ija. Kubigenza nk’ukwo vyodufasha igihe dufata ingingo zihambaye. Kubona ibintu turi nk’ahantu hakirurutse nk’uko Umuremyi wacu abona kure, bizodufasha ‘kugendera mu nzira’ Yehova ashima.​—Yes. 30:21.

2 Mu buzima bwiwe nka bwose, Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaratanze akarorero kadasanzwe mu bijanye no kwitwararika ukugomba kw’Imana. Nimuze twihweze ibintu bimwebimwe vyashitse mu buzima bwa Dawidi dufise intumbero yo kugira ico twigiye ku nyifato y’uwo mugabo yari afise umutima ukwiye ku vyerekeye Yehova Imana.​—1 Abm. 11:4.

DAWIDI YARUBAHA CANE IZINA RYA YEHOVA

3, 4. (a) Ni igiki catumye Dawidi ahangana na Goliyati? (b) Dawidi yabona gute izina ry’Imana?

3 Rimbura ca gihe Dawidi yahangana na wa muhizi w’Umufilisitiya Goliyati. Ni igiki catumwe uwo musore Dawidi yihanga ico kigatanya cari cambaye ibirwanisho kuva ku mutwe gushika kw’ino careha n’imetero nka zitatu? (1 Sam. 17:4) Woba wari umutima rugabo wa Dawidi? Kwoba kwari ukwizera Imana kwiwe? Izo kamere zompi zaragize uruhara ruhambaye muri ico kintu kiranga ubutwari yakoze. Ariko rero, kuba Dawidi yarubaha Yehova n’izina ryiwe rihambaye ni vyo canecane vyatumye arwanya ico kigatanya amahero. Dawidi yabajije n’ishavu n’akantu ati: “Uyo Mufilisitiya atagenyerewe ni nde aho acokora abatonze urugamba b’Imana nzima?”​—1 Sam. 17:26.

4 Igihe uwo musore Dawidi yari ahanganye na Goliyati, yavuze ati: “Uje kuri jewe witwaje inkota n’icumu n’ikobero, mugabo jewe nje kuri wewe nitwaje izina rya Yehova nyen’ingabo, Imana y’abatonze urugamba ba Isirayeli, iyo wacokoye.” (1 Sam. 17:45) Kubera ko Dawidi yihetse ku Mana y’ukuri, yaragaritse uwo muhizi w’Umufilisitiya akoresheje ibuye rimwe gusa ateresheje umugozi. Aho si ho gusa Dawidi yizigiye Yehova yongera arubaha cane izina ry’Imana ariko yabigize mu buzima bwiwe bwose. Nkako, Dawidi yahimirije Abisirayeli bagenziwe ‘kwiratira izina rya Yehova ryeranda.’​—Soma 1 Ngoma 16:8-10.

5. Ni ibintu ibihe vyoshobora kugushikira vyogereranywa n’agacokoro ka Goliyati?

5 Woba wishimira kuba Yehova ari Imana yawe? (Yer. 9:24) Uvyifatamwo gute igihe ababanyi, abo mukorana, abo mwigana canke incuti bavuze nabi Yehova bakongera bagatyekeza Ivyabona vyiwe? Woba ugira ico uvuze igihe izina rya Yehova ririko rirasigwa iceyi, ukizigira yuko agushigikira? Ego ni ko, hariho “igihe co kunuma,” mugabo ntidukwiye guterwa isoni no kuba turi Ivyabona vya Yehova tukaba n’abayoboke ba Yezu. (Umus. 3:1, 7; Mrk. 8:38) Naho dukwiye kugira ubugenge no kugaragaza urupfasoni mu kuntu dufata abantu batavyakira neza, nimuze ntitumere nka ba Bisirayeli ‘bagize ubwoba bagatinya rwose’ igihe bumva amajambo y’agacokoro ya Goliyati. (1 Sam. 17:11) Ahubwo nyabuna, nimuze dukorane umwiyemezo kugira ngo tweze izina rya Yehova Imana. Twipfuza gufasha abantu kumenya Yehova Imana nk’uko ari koko. Kugira ngo tubishikeko, turakoresha Ijambo ryiwe ryanditse mu kugerageza gufasha abandi gutahura igituma bihambaye kwiyegereza Imana.​—Yak. 4:8.

6. Dawidi yipfuza gushika kuki igihe yahangana na Goliyati, kandi ni ikintu nyamukuru ikihe gikwiye kuturaza ishinga?

6 Iyo nkuru ya Dawidi na Goliyati iratwigisha ikindi cigwa gihambaye. Igihe Dawidi yagenda ariruka agana aho batonze urugamba, yabajije ati: “Umugabo azokwica urya Mufilisitiya, agakura koko iceyi kuri Isirayeli azogirirwa iki?” Mu kumwishura, abantu basubiyemwo ivyo bari bavuze, bati: “Umugabo azo[k]wica [Goliyati], umwami azomutungisha ubutunzi bwinshi, kandi azomuha umukobwa wiwe bwite.” (1 Sam. 17:25-27) Mugabo kwironkera impera y’ibintu vy’umubiri si co kintu nyamukuru cari kiraje ishinga Dawidi. Yari afise intumbero ihambaye kuruta. Yashaka kuninahaza Imana y’ukuri. (Soma 1 Samweli 17:46, 47.) Tweho bite? Twoba turazwa ishinga no kwihesha izina mu kwirundaniriza amatungo no mu kuba rurangiranwa mw’isi? Nta gukeka ko twipfuza kumera nka Dawidi, uwaririmvye ati: “Yoo! nimuninahaze Yehova hamwe nanje, dushirane hejuru izina ryiwe!” (Zab. 34:3) Ese rero twokwizigira Imana, tugashira izina ryayo imbere y’iryacu!​—Mat. 6:9.

7. Dushobora gute gutsimbataza ukwizera gukomeye kwodufasha igihe duhuye n’abantu boshobora kutavyakira neza?

7 Kugira Dawidi ahangane na Goliyati abigiranye umutima rugabo vyasavye ko yizigira Yehova aherejeko. Uwo musore Dawidi yari afise ukwizera gukomeye. Kimwe mu vyamufashije gukomeza ukwizera kwiwe ni ukuba yariheka ku Mana igihe yari umwungere. (1 Sam. 17:34-37) Na twebwe nyene turakeneye ukwizera gukomeye kugira ngo tubandanye kurangura ubusuku, na canecane igihe duhura n’abantu batavyakira neza. Turashobora gutsimbataza ukwo kwizera mu kwiheka ku Mana mu bikorwa vyacu vya misi yose. Nk’akarorero, turashobora gutanguza ibiyago bijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya mu kuganiriza abantu twicaranye igihe twipakije. Vyongeye, twobuzwa n’iki kuyaga n’abantu duhura mu nzira igihe turi mu busuku bw’inzu ku nzu?​—Ivyak. 20:20, 21.

DAWIDI YARARINDIRA YEHOVA

8, 9. Dawidi yerekanye gute yuko yagumiza mu bwenge ukugomba kwa Yehova mu kuntu yafashe Umwami Sauli?

8 Akandi karorero kerekana ko Dawidi yizigira Yehova abikuye ku mutima ni akajanye na Sauli, umwami wa mbere wa Isirayeli. Uwo munyeshari Sauli yaragerageje incuro zitatu gutobekeranya Dawidi n’uruhome akoresheje icumu, mugabo buri gihe Dawidi yaramuzibukira, akanka kwihora. Amaherezo yaramuhunze. (1 Sam. 18:7-11; 19:10) Sauli yaciye atora abagabo 3.000 b’abahizi muri Isirayeli yose maze aja kurondera Dawidi mu gahinga. (1 Sam. 24:2) Sauli atanabizi yahavuye aja mw’isenga nyene Dawidi n’abantu biwe barimwo. Dawidi yari gushobora gukoresha ako karyo mu gukuraho uwo mwami yari abangamiye ubuzima bwiwe. Nakare, Imana yagomba ko Dawidi asubirira Sauli mu kuba umwami wa Isirayeli. (1 Sam. 16:1, 13) Mu vy’ukuri, iyo Dawidi yumvira impanuro y’abantu biwe, uwo mwami aba yarishwe. Mugabo Dawidi yavuze ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu, ko nogira ico kintu ku mukama wanje, uwo Yehova yarobanuje amavuta.” (Soma 1 Samweli 24:4-7.) Sauli yari akiri umwami yarobanuwe n’Imana. Dawidi ntiyipfuza kumunyaga ubwami, kubera ko Yehova atari bwamubogoze. Mu gucacura gusa igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wa Sauli, Dawidi yarerekanye yuko ata cipfuzo yari afise co kumugirira nabi.​—1 Sam. 24:11.

9 Dawidi yarongeye kwerekana ko yubaha uwarobanuwe n’Imana igihe yabona uwo mwami irya nyuma. Ico gihe, Dawidi na Abishayi barashitse aho Sauli yari akambitse basanga ari muri rinini. Naho Abishayi yashitse ku ciyumviro c’uko Imana yari yatanze uwo mwansi mu kuboko kwa Dawidi maze akamusaba ngo amureke atobekeranye Sauli n’isi akoresheje icumu, Dawidi yaravyanse. (1 Sam. 26:8-11) Kubera ko Dawidi yaguma arondera ubuyobozi buva ku Mana, yarumiye ku mwiyemezo wiwe wo gukora ahuza n’ukugomba kwa Yehova naho Abishayi yaguma amugobera.

10. Ni ibintu bitoroshe ibihe vyoshobora kudushikira, kandi ni igiki kizodufasha gushikama?

10 Na twebwe nyene twoshobora gushikirwa n’ibintu bitoroshe aho abo turi kumwe bagerageza kutugobera ngo twisunge ukuntu babona ibintu aho kudufata mu mugongo mu gukora ivyo Yehova agomba. Cokimwe na Abishayi, bamwebamwe boshobora mbere kuturemesha gukora ikintu kanaka tutabanje kurimbura ivyo Imana igomba. Kugira ngo dushikame, turakeneye gutahura neza ukuntu Yehova abona ico kintu maze tukiyemeza kwumira ku nzira ziwe.

11. Wigiye iki kuri Dawidi ku bijanye no kuguma ubona ko ukugomba kw’Imana ari co kintu gihambaye kuruta ibindi?

11 Dawidi yasenze Yehova Imana ati: “Nyigisha gukora ukugomba kwawe.” (Soma Zaburi 143:5, 8, 10.) Aho kwiheka ku vyiyumviro vyiwe canke kwemera ivyo uwundi muntu amuhimirije gukora, Dawidi yari ashashaye kwigishwa n’Imana. ‘Yarazirikana igikorwa ca Yehova cose kandi akaguma yitwararika igikorwa c’amaboko y’Imana abikunze.’ Na twebwe turashobora gutahura ukugomba kw’Imana mu kwimba mu Vyanditswe no mu kuzirikana inkuru nyinshi zo muri Bibiliya zivuga ivyo Yehova yagiraniye n’abantu.

DAWIDI YARATAHURA INGINGO NGENDERWAKO ZARI MW’ITEGEKO

12, 13. Ni kubera iki Dawidi yasheshe amazi azaniwe na batatu mu bantu biwe?

12 Kuba Dawidi yaratahura ingingo ngenderwako zari mw’Itegeko no kuba yaripfuza kubaho azisunga na vyo nyene birabereye ko tuvyigana. Rimbura ivyabaye igihe Dawidi yaserura icipfuzo gikomeye yari afise co “[ku]nywa ku mazi yo mw’itangi ry’i Betelehemu.” Batatu mu bantu biwe barinjiye ku nguvu muri ico gisagara, ico gihe kikaba cari cigaruriwe n’Abafilisitiya, maze barazana ayo mazi. Ariko rero, “Dawidi ntiyeme[ye] kuyanywa, mugabo ayasuka imbere ya Yehova.” Kubera iki? Yasiguye ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, ku bijanye n’Imana yanje, gukora ico kintu! Mbega nonywa amaraso y’aba bagabo bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga? Kuko bayazanye barinze gushira ubuzima bwabo mu kaga.”​—1 Ngo. 11:15-19.

13 Dawidi yari azi biciye kw’Itegeko yuko amaraso akwiye gusukwa imbere ya Yehova aho kuribwa. Yaratahura kandi igituma ivyo vyari bikwiye kumera gutyo. Dawidi yari azi ko “ubuzima bw’umubiri buri mu maraso.” Ariko rero, ayo yari amazi ntiyari amaraso. Kubera iki none Dawidi yanse kuyanywa? Yaratahura ingingo ngenderwako yari muri ico kintu casabwa n’amategeko. Yabona ko ayo mazi yanganya agaciro n’amaraso y’abo bagabo batatu. Ku bw’ivyo, vyari ibitokwiyumvirwa kuri we kunywa ayo mazi. Aho kuyanywa, yabonye ko akwiye kuyasesa ku butaka.​—Lew. 17:11; Gus. 12:23, 24.

14. Ni igiki cafashije Dawidi kubona ibintu nk’uko Yehova abibona?

14 Dawidi yaragerageza gucokera cane mw’Itegeko ry’Imana. Yaririmvye ati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.” (Zab. 40:8) Dawidi yariga itegeko ry’Imana akongera akarizirikana bimwe bigera kure. Yarizigira ubukerebutsi buri mu mabwirizwa ya Yehova. Ivyo vyatumye yipfuza cane gukurikiza Itegeko rya Musa, atari urudome ku rundi gusa, mugabo n’ico ryashaka kuvuga. Igihe twiga Bibiliya, vyoba vyiza tuzirikanye ivyo dusoma maze tukabibika mu mutima wacu kugira ngo dushobore kumenya ibihimbara Yehova mu kintu kinaka.

15. Ni mu buryo ubuhe Salomo atubashe Itegeko ry’Imana?

15 Salomo mwene Dawidi yaratoneshwa cane na Yehova Imana. Ariko rero, Salomo yahavuye areka kwubaha Itegeko ry’Imana. Ntiyakurikije ibwirizwa rya Yehova ryavuga ko umwami w’Umwisirayeli adakwiye “kwigwiriza abagore.” (Gus. 17:17) Nkako, Salomo yabiriye abagore benshi b’abanyamahangakazi. Mu gihe c’ubusaza bwiwe, “abagore biwe bari barahengekeye umutima wiwe ku gukurikira izindi mana.” Uko yoba yariyumviriye kwose, “Salomo [yaratanguye] gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, ntiyakurikira Yehova bimwe bishitse, nka Dawidi se wiwe.” (1 Abm. 11:1-6) Ese ukuntu bihambaye ko twisunga amategeko n’ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana! Nk’akarorero, ivyo birahambaye cane igihe twiyumvira kwubaka urwacu.

16. Gutahura ico ibwirizwa ryo kwubaka “mu Mukama gusa” risobanura bizogira ico bikoze gute ku bantu bategekanya kwubaka izabo?

16 Mu gihe abatemera batugiriye utuntu barondera kutwikundishako, twoba tuvyifatamwo mu buryo bwerekana ko tubona ibintu nka Dawidi canke nka Salomo? Abasavyi b’Imana b’ukuri babwirwa kwubaka “mu Mukama gusa.” (1 Kor. 7:39) Mu gihe umukirisu ahisemwo kwubaka urwiwe, akwiye kwubakana n’uwo basangiye ukwemera. Kandi nimba dutahura ico ico kintu gisabwa n’Ivyanditswe gisobanura, ntituzokwirinda gusa kwubakana n’uwutemera mugabo tuzokwirinda no kwakiriza yompi utuntu utwo ari two twose uwo muntu atugirira arondera kutwikundishako.

17. Ni igiki codufasha kwirinda kugwa mu mutego wo kuraba amashusho y’ubushegabo?

17 Rimbura kandi ukuntu akarorero ka Dawidi ko kuronderana ubwira ubuyobozi buva ku Mana gashobora kudufasha kunanira inyosha mbi yo kuraba amashusho y’ubushegabo. Soma ivyanditswe bikurikira, uzirikane ingingo ngenderwako zirimwo, maze wihatire gutahura ukugomba kwa Yehova muri ivyo. (Soma Zaburi 119:37; Matayo 5:28, 29; Abakolosayi 3:5.) Kuzirikana ingingo mfatirwako ziwe ziri hejuru biratuma tuguma twirinze umutego wo kuraba amashusho y’ubushegabo.

NUGUME UBONA IBINTU NK’UKO IMANA IBIBONA

18, 19. (a) Naho Dawidi yari umunyagasembwa, ni igiki camufashije kuguma atoneshwa n’Imana? (b) Wiyemeje iki?

18 Naho Dawidi yari intangakarorero mu buryo bwinshi, yarakoze ibicumuro bikomeye nka bingahe. (2 Sam. 11:2-4, 14, 15, 22-27; 1 Ngo. 21:1, 7) Ariko rero, mu buzima bwiwe bwose Dawidi yarigaya igihe yaba acumuye. Yagendera imbere y’Imana afise “ugutungana kw’umutima.” (1 Abm. 9:4) Ni kubera iki twovuga gutyo? Kubera ko Dawidi yagerageza gukora ahuza n’ukugomba kwa Yehova.

19 Naho turi abanyagasembwa, turashobora kuguma dutoneshwa na Yehova. Dufise iyo ntumbero mu muzirikanyi, nimuze twige Ijambo ry’Imana tubigiranye umwete, tuzirikane bimwe bigera kure ivyo twiga muri ryo, maze twiyemeze gukora duhuza n’ivyo twabitse mu mutima wacu. Ni nk’aho rero tuzoba turiko turasenga Yehova nk’uwo mwanditsi w’amazaburi yasavye yicishije bugufi ati: “Nyigisha gukora ukugomba kwawe.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika