ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/9 rup. 3-7
  • Yehova yarabaye “umurokozi” mu bihe vya Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yarabaye “umurokozi” mu bihe vya Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ni wewe murokozi’
  • Yarakuwe mu vyara vy’abamurwanya
  • Yarashigikiwe ari ku buriri arwaye
  • Yararonkejwe ivya nkenerwa
  • ‘Yehova arazi kurokora abantu’
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Kwizigira Imana duherejeko biratuma twumva dutekaniwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nimuze dushire hejuru izina rya Yehova turi hamwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/9 rup. 3-7

Yehova yarabaye “umurokozi” mu bihe vya Bibiliya

“Mana, n’unyaruke uze iyo ndi: Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje.”​—ZAB. 70:5.

1, 2. (a) Ni ryari abasavyi b’Imana bayitura ngo ibafashe? (b) Ni ikibazo ikihe gica kivyuka, kandi ni hehe dushobora gukura inyishu yaco?

IGIHE abavyeyi b’umukenyezi umwe w’imyaka 23 bari mu karuhuko ahantu hamwe, baramenya ko uwo mukobwa wabo babuze irengero ryiwe. Vyikekwa ko vyoba vyaturutse ku bubisha. Ubwo nyene baca batekera ibintu vyabo maze bagataha, bakagenda basenga basaba Yehova ngo abafashe. Icabona w’imyaka 20 bamutoye indwara izotuma uburuhiro amugara umubiri wose. Ubwo nyene aciye yitura Yehova mw’isengesho. Inabibondo yireranye umwana ariko aragwa avyuka kugira ngo aronke akazi, nta mahera ahagije afise yo kwironsa ibifungurwa we n’umwigeme wiwe w’imyaka 12 bakeneye. Aritura Yehova n’umutima wiwe wose. Vy’ukuri, igihe abasavyi b’Imana bari mu bigeragezo bikomeye canke mu ngorane zikomeye, barakunze guca bayitura ngo ibafashe. Woba urigera utakambira Yehova ngo agufashe igihe uba waburaniwe?

2 Ikibazo gihambaye gica kivyuka ni iki: Twoba vy’ukuri twokwitega ko Yehova azokwishura amasengesho tumutura tumusaba ngo adufashe? Inyishu ikomeza ukwizera tuyisanga muri Zaburi ya 70. Iyo zaburi ikora ku mutima yanditswe na Dawidi, uno akaba yari umusavyi wa Yehova w’intahemuka yashikiwe n’ibigeragezo vyinshi bitoroshe be n’ingorane nyinshi mu buzima bwiwe. Uwo mwanditsi wa zaburi yahumekewe n’Imana yaravyuriwe umutima wo kuvuga ku vyerekeye Yehova ati: “Mana, . . . ni wewe mutabazi n’umurokozi wanje.” (Zab. 70:5) Umwihwezo wa Zaburi ya 70 urashobora kudufasha kubona igituma na twebwe dushobora kwitura Yehova mu bihe tuba turi n’ivyo dukeneye kandi tukizigira duherejeko yuko azotubera “umurokozi.”

‘Ni wewe murokozi’

3. (a) Ni intakambo iyihe yo gufashwa bimwe vyihutirwa dusanga muri Zaburi ya 70? (b) Ni ukwizigira ukuhe Dawidi yaseruye muri Zaburi ya 70?

3 Zaburi ya 70 itangurwa ikongera igasozerwa n’intakambo yo gufashwa n’Imana bimwe vyihutirwa. (Soma Zaburi 70:1-5.) Dawidi aratakambira Yehova ngo ‘atebuke’ yongere ‘anyaruke’ kumurokora. Kuva ku murongo wa 2 gushika ku wa 4, Dawidi arasaba ibintu bitanu, kimwekimwe cose kikaba giserura icipfuzo afise. Bitatu vya mbere vyerekeye abashaka kumwica. Dawidi aratakambira Yehova ngo atsinde abo bansi biwe yongere abatetereze kubera ubukozi bw’ikibi bwabo. Ibintu bibiri bikurikira asaba, ivyo dusanga mu murongo wa 4, vyerekeye abasavyi b’Imana. Dawidi asenga asaba yuko abantu barondera Yehova bohimbarwa kandi bakamushemeza. Mu gusozera iyo zaburi yiwe, Dawidi abwira Yehova ati: “Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje.” Urabona ko Dawidi atavuga ngo, “Ese woba,” nk’aho umenga ariko arasaba ikindi kintu. Ahubwo avuga ati: “Ni wewe,” gutyo akaba aseruye ukwizigira afise. Dawidi aremera ko Imana izomufasha.

4, 5. Ni ibiki twiga ku vyerekeye Dawidi twihweje Zaburi ya 70, kandi ni igiki dushobora kwizigira tudakeka?

4 Ni ibiki Zaburi ya 70 yerekana ku vyerekeye Dawidi? Igihe Dawidi yari ahanganye n’abansi bari biyemeje kumwica, yahisemwo kutifatira ibintu mu minwe. Ahubwo, yarizigira yuko Yehova yogize ico akoze ku bijanye n’abo bantu bamurwanya, ivyo akabigira ku gihe ubwiwe yashinze kandi akoresheje uburyo we abona ko bubereye. (1 Sam. 26:10) Dawidi yabandanije kwizigira adakeka yuko Yehova afasha akongera akarokora abamurondera. (Heb. 11:6) Dawidi yaremera yuko abasavyi b’Imana b’ukuri nk’abo bafise imvo yumvikana yo guhimbarwa no gushemeza Yehova mu kubwira abandi ibijanye n’ukuntu ahambaye.​—Zab. 5:11; 35:27.

5 Nk’uko kwa Dawidi, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova ari Umufasha wacu akongera akaba “umurokozi” wacu. Ku bw’ivyo rero, igihe duhanganye n’ibigeragezo bitoroshe canke tukumva tuburaniwe dukeneye gufashwa, birabereye ko dusaba Yehova ngo adutabare ningoga na ningoga. (Zab. 71:12) None, ni ibiki Yehova yokora mu kwishura amasengesho tumutura tumusaba imfashanyo? Imbere y’uko turimbura ukuntu Yehova ashobora kudufasha, reka tubanze turabe uburyo butatu yarokoyemwo Dawidi, aramufasha mu bihe yari n’ivyo akeneye bimwe vyihutirwa.

Yarakuwe mu vyara vy’abamurwanya

6. Ni igiki cafashije Dawidi kumenya ko Yehova arokora abagororotsi?

6 Dawidi afatiye ku nkuru zahumetswe zo muri Bibiliya zariho mu gihe ciwe, yari azi yuko abagororotsi bashobora kwiheka kuri Yehova ngo abafashe. Igihe Yehova yazana Isegenya kw’isi y’abatamwubaha, yararokoye Nowa n’umuryango wiwe watinya Imana. (Ita. 7:23) Igihe Yehova yatiburira umuriro n’amazuku ku bantu b’inkozi z’ibibi baba i Sodomu n’i Gomora, yarafashije umugororotsi Loti n’abakobwa biwe babiri kurokora ubuzima bwabo. (Ita. 19:12-26) Igihe Yehova yasangangura wa munyabwibone Farawo be n’ingabo ziwe mu Kiyaga Gitukura, yarazigamye abasavyi biwe, gutyo aba abafashije kurokoka agatikizo gakomeye. (Kuv. 14:19-28) Wumva none bitangaje kubona Dawidi mu yindi zaburi yarashemagije Yehova ko ari “Imana y’agakiza”?​—Zab. 68:20.

7-9. (a) Ni imvo iyihe Dawidi yari afise yatuma yizigira ubushobozi Imana ifise bwo kurokora? (b) Ni nde Dawidi yitiriye ukurokorwa kwiwe?

7 Dawidi kandi, we ubwiwe yari afise imvo yo kwizigira agaherezako ubushobozi Yehova afise bwo kurokora. Dawidi yari yariboneye yuko “amaboko y’ibihe vyose” ya Yehova ashobora kurokora abamukorera. (Gus. 33:27) Mu bihe bitari bike, Yehova yari yararokoye Dawidi amukura mu vyara vy’“ababisha.” (Zab. 18:17-19, 48) Rimbura aka karorero.

8 Igihe abagore bo muri Isirayeli bashemagiza Dawidi kubera ubuhinga bwiwe mu vya gisirikare, Umwami Sauli yaramugiriye ishari ryinshi ku buryo yamuteye icumu incuro zibiri zose. (1 Sam. 18:6-9) Kuri izo ncuro zompi Dawidi yarazibukiriye iryo cumu. Ivyo Dawidi yoba yabishobojwe n’ubuhinga bwiwe be n’ububangukirwe yari afise kubera ko yari umurwanyi yakanongoreye? Oyaye. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga yuko “Uhoraho yari kumwe na we.” (Soma 1 Samweli 18:11-14.) Mu nyuma, igihe umugambi Sauli yari afise wo gutuma Dawidi yicwa n’Abafilisitiya wamubana amazi, “Sauli [yaciye] amenya yuk’Uhoraho ari kumwe na Dawidi.”​—1 Sam. 18:17-28.

9 Ni nde Dawidi yitiriye ukwo kurokorwa kwiwe? Amajambo y’intangamarara ya Zaburi ya 18 avuga yuko Dawidi “yabariye Uhoraho amajambo yo mur’iyi ndirimbo, umusi Uhoraho yamurokoye, akamukūra mu maboko . . . ya Sauli.” Dawidi yaraseruye inyiyumvo ziwe mu ruririmbo, avuga ati: “Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje, n’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako.” (Zab. 18:2) Wumva bidakomeza ukwizera kumenya yuko Yehova ashoboye kurokora abasavyi biwe?​—Zab. 35:10.

Yarashigikiwe ari ku buriri arwaye

10, 11. Ni ibiki bidufasha kumenya igihe Dawidi yari arwaye, nk’uko bivugwa muri Zaburi ya 41?

10 Umwami Dawidi yarigeze kurwara cane, nk’uko bivugwa muri Zaburi ya 41. Dawidi yaramaze igihe arwaye cane ku buryo bamwebamwe mu bansi biwe babona ko atosubiye ‘kuvyuka ukundi.’ (Umurongo wa 7 n’uwa 8) Ni ryari Dawidi yafashwe n’iyo ndwara ikomeye? Ibintu bivugwa muri iyo zaburi vyoshobora kuba bifitaniye isano n’ikiringo kitoroshe Dawidi yaciyemwo mu buzima igihe umuhungu wiwe Abusalomu yariko aragerageza kumukura ku ngoma.​—2 Sam. 15:6, 13, 14.

11 Nk’akarorero, Dawidi aravuga ivy’umugenzi w’umwizigirwa, uwo basangirira hamwe, yamuhemukiye. (Umurongo wa 9) Ivyo vyoshobora kutwibutsa ikintu kimwe cabaye mu buzima bwa Dawidi. Igihe Abusalomu yagarariza, umujanama Dawidi yizigira cane ari we Ahitofeli, yaramuhemukiye yifatanya na Abusalomu mu kugarariza umwami. (2 Sam. 15:31; 16:15) Iyumvire ntuze, umwami atagira udutege ari ku buriri arwaye, ata nguvu afise zo kuvyuka, muri ico gihe nyene akaba azi yuko akikujwe n’abantu bafise umugambi wo kumurwanya bamwipfuriza gupfa kugira ngo umugambi wabo w’ububisha bawushikeko!​—Umurongo wa 5.

12, 13. (a) Ni ukwizigira ukuhe Dawidi yaseruye? (b) Imana ishobora kuba yarakomeje Dawidi gute?

12 Dawidi ntiyigeze areka kwizigira “umurokozi.” Ku bijanye n’umusavyi wa Yehova agororotse yoba arwaye, Dawidi yavuze ati: “Uhoraho azomurokora ku musi w’ivyago. Uhoraho azomwiyegeka ari ku buriri ahondobereye; ni wewe umworohereza ibisaswa iy’arwaye.” (Zab. 41:1, 3) N’aha nyene, urabona ukwizigira Dawidi afise igihe avuga ngo “Uhoraho azomwiyegeka.” Dawidi yari azi adakeka ko Yehova yomurokoye. Gute?

13 Dawidi ntiyari yiteze ko Yehova akora igitangaro maze akamukiza iyo ndwara. Ahubwo, yarizigira bimwe biherejeko yuko Yehova ‘yomwiyegetse,’ ni ukuvuga ko yomushigikiye akongera akamukomeza igihe yari ari ku buriri arwaye. Dawidi yari akeneye cane iyo mfashanyo. Uretse iyo ndwara yamuca intege, yari akikujwe n’abansi bamuvugako ibintu bibi. (Umurongo wa 5 n’uwa 6) Yehova ashobora kuba yarakomeje Dawidi mu kumufasha kwibuka ivyiyumviro bihumuriza. Ni co gituma Dawidi yavuze ati: “Kubera ukutadohoka kwanje waranshigikiye.” (Umurongo wa 12, NW) Dawidi ashobora kandi kuba yarakomejwe no kwibuka yuko naho yari afise intege nke, abansi biwe na bo bakaba bariko baramuvugako ibintu bibi, Yehova we yabona ko ari umuntu w’intadohoka. Amaherezo Dawidi yarakize indwara yiwe. Wumva none bidahumuriza kumenya yuko Yehova ashobora gushigikira abarwaye?​—2 Kor. 1:3.

Yararonkejwe ivya nkenerwa

14, 15. Ni ryari Dawidi n’abantu biwe bari bakeneye ibibabungabunga, kandi ni imfashanyo iyihe baronse?

14 Igihe Dawidi yari umwami wa Isirayeli, yararonka ibifungurwa be n’ibinyobwa vyiza kuruta ibindi, mbere akanatumira abandi bantu batari bake kugira basangire. (2 Sam. 9:10) Yamara rero, Dawidi yari azi kandi ico kubura imfungurwa bisobanura. Igihe umuhungu wiwe Abusalomu yagarariza maze akagerageza kumukura ku ngoma, Dawidi be n’abandi bantu b’intahemuka bari bamushigikiye barahunze bava i Yeruzalemu. Bahungiye mu gihugu c’i Gileyadi, mu Buseruko bw’Uruzi Yorodani. (2 Sam. 17:22, 24) Kubera ko babwirizwa kubaho baza barimukanga, Dawidi n’abantu biwe ntibatevye gukenera cane ibifungurwa, amazi be n’aho gukika umusaya. None bobikuye hehe muri ako gahinga ka nyaganande?

15 Dawidi n’abantu biwe bahavuye bashika mu gisagara c’i Mahanayimu. Bahahuriye n’abagabo batatu b’umutima rugabo ari bo Shobi, Makiri na Baruzilayi. Bari biteguriye guheba ubuzima bwabo kugira ngo bafashe umwami yagenywe n’Imana, narirya Abusalomu aramutse yigaruriye ubutegetsi, ata gukeka ko atobuze guhana bimwe vy’akarorero uwo wese yashigikiye Dawidi. Kubera ko babona amagorwa Dawidi n’abantu biwe barimwo, abo bayoboke batatu b’intahemuka barabazaniye ibintu vyinshi bari bakeneye harimwo n’amariri, ingano, sayiri, impeke zikaranze, ibiharage, inkore, ubuki, urubu be n’intama. (Soma 2 Samweli 17:27-29.) Ukudahemuka kudasanzwe be n’ubwakiranyi budasanzwe abo bagabo batatu bagaragaje, bitegerezwa kuba vyarakoze Dawidi ku mutima. Wumva Dawidi yokwigeze yibagira ivyo bamukoreye?

16. Ni nde canecane yatuma Dawidi n’abantu biwe baronka ivyo bakeneye?

16 None ni nde canecane yatuma Dawidi n’abantu biwe baronka ivyo bakeneye? Dawidi yaremera adakeka ko Yehova yitwararika abasavyi biwe. Nta mazinda ko Yehova ashobora kuvyurira umutima abandi basavyi biwe kugira ngo bafashe uwo basangiye ukwizera ari n’ivyo akeneye. Nta gukeka ko Dawidi azirikanye ku vyabaye mu gihugu c’i Gileyadi, yaca abona ko ubuntu ba bagabo batatu bamugaragarije cari ikimenyamenya c’ubwitwararitsi bwa Yehova buranga urukundo. Amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, Dawidi yanditse ati: “Uhereye nkiri muto, none ndashāje, ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebge, cank’uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyo kurya.” (Zab. 37:25) Ntibihumuriza none kumenya ko ukuboko kwa Yehova kutigera kuba kugufi?​—Imig. 10:3.

‘Yehova arazi kurokora abantu’

17. Ni igiki Yehova yagaragaje akatari gake?

17 Dawidi ni umwe gusa mu basavyi benshi Yehova yarokoye mu bihe vya Bibiliya. Kuva mu gihe ca Dawidi, Imana yaragaragaje akatari gake ko amajambo intumwa Petero yanditse ari ay’ukuri, ayo na yo akaba agira ati: “Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.” (2 Pet. 2:9) Raba ubundi burorero bubiri.

18. Yehova yarokoye gute abasavyi biwe mu gihe ca Hezekiya?

18 Igihe ingabo zikomeye z’Abashuri zatera Ubuyuda zikugariza Yeruzalemu mu kinjana c’umunani B.G.C., Umwami Hezekiya yasenze avuga ati: “Uhoraho Mana yacu, udukize . . . kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Uhoraho wenyene.” (Yes. 37:20) Hezekiya yari arajwe ishinga canecane n’izina ry’Imana be n’uko itosigwa iceyi. Yehova yarishuye iryo sengesho rivuye ku mutima. Mw’ijoro rimwe gusa, umumarayika umwe rudende yarishe Abashuri 185.000, gutyo aba arokoye abasavyi ba Yehova b’abizigirwa.​—Yes. 37:32, 36.

19. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barokotse icago bivuye ku kwumvira iyihe mburi?

19 Hagisigaye imisi mikeyi ngo Yezu apfe, yaratanze imburi yo mu buryo bw’ubuhanuzi ku bw’ineza y’abigishwa biwe baba mu Buyuda. (Soma Luka 21:20-22.) Haraciye imyaka mirongo ata na kimwe kiraba, ariko mu 66 G.C., umugumuko w’Abayuda watumye ingabo z’Abaroma zugariza Yeruzalemu. Ingabo zari zirongowe na Cestius Gallus zarashoboye gusambura igice c’uruhome rw’urusengero maze zica zisubirira inyuma. Abakirisu b’intahemuka, baratahuye yuko ako kari ko karyo ko kurokoka isangangurwa Yezu yari yaravuze, baca bahungira mu misozi. Ingabo z’Abaroma zaragarutse mu 70 G.C. Ico gihe hoho ntizasubiye inyuma, kandi Yeruzalemu zarayisanganguye ziyisiga ari ivu. Abakirisu bari bumviye imburi ya Yezu, bararokotse ico cago gikomeye.​—Luka 19:41-44.

20. Ni kubera iki dukwiye kwizigira Yehova nka we “murokozi” wacu?

20 Kuzirikana ku bijanye n’ukuntu Yehova yafashije abasavyi biwe muri kahise, birakomeza ukwizera kwacu. Ivyo yakoze muri kahise biratuma tumwizigira. Naho ubu twoba turiko turashikirwa n’ingorane imeze gute canke ikazodushikira muri kazoza, na twebwe turashobora kwizigira Yehova tugaherezako yuko ari “umurokozi” wacu. None Yehova ashobora gute kuturokora? Bite ho ku bijanye na ba bantu twavuga mu ntango? Vyahavuye bibagendera gute? Reka tubirabe mu kiganiro gikurikira.

Woba uvyibuka?

• Ni igiki Zaburi ya 70 ituma twizigira tudakeka?

• Dawidi yafashijwe gute igihe yari arwaye?

• Ni uburorero ubuhe bwerekana ko Yehova ashobora gukura abasavyi biwe mu vyara vy’ababarwanya?

[Ifoto ku rup. 6]

Yehova yarishuye isengesho rya Hezekiya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika