Nimuze dushire hejuru izina rya Yehova turi hamwe
“Ni muhimbazanye nanje [“Yehova”, “NW”], dushirane hejuru izina ryiwe”.—ZABURI 34:3.
1. Ni akarorero keza akahe Yezu yatanze igihe yarangura ubusuku bwiwe ngaha kw’isi?
MW’IJORO ryo ku wa 14 Nisani 33 G.C., Yezu n’intumwa ziwe bararirimbiye Yehova bari hamwe mu nzu imwe y’i Yeruzalemu mu cumba co hejuru (Matayo 26:30). Bwobaye ari bwo bwa nyuma Yezu akora ikintu nk’ico ari kumwe n’intumwa ziwe. Ariko rero, vyari bibereye yuko ukwo gukoranira hamwe na bo agusozera muri ubwo buryo. Kuva Yezu atanguye ubusuku bwiwe ngaha kw’isi gushika aburangije, yarashemeza Se wiwe kandi akamenyekanisha izina ryiwe ashirutse umwete (Matayo 4:10; 6:9; 22:37, 38; Yohana 12:28; 17:6). Vy’ukuri, yaraseruye amajambo ajanye n’akamo karangwa igishika katewe n’umwanditsi wa Zaburi kagira gati: “Ni muhimbazanye nanje [“Yehova”, NW], dushirane hejuru izina ryiwe” (Zaburi 34:3). Mbega akarorero keza dukwiye gukurikiza!
2, 3. (a) Tumenya gute ko Zaburi ya 34 iri n’ico isobanura mu buryo bw’ubuhanuzi? (b) Ni ibiki tuza kurimbura muri iki kiganiro be no mu gikurikira?
2 Haciye amasaha makeyi izo ntumwa zihejeje kuririmbana na Yezu, intumwa Yohani yariboneye ikintu gitandukanye cane n’ico yari ahejeje kubona. Yarabonye ingene Shebuja be n’inkozi z’ikibi zibiri bicirwa ku biti vyo kubabarizwako. Abasoda b’Abaroma baravunaguye amaguru y’izo nkozi z’ikibi zibiri kugira ngo bazidendure. Ariko Yohani avuga ko batavunaguye amaguru ya Yezu. Igihe abo basoda bashikira Yezu, basanze yamaze gucikana. Mu Njili Yohani yanditse, yarerekanye ko ico kintu cabaye cari iranguka ry’ayandi majambo yo muri Zaburi ya 34, agira ati: ‘Nta gufa na rimwe rizovunika’.—Yohana 19:32-36; Zaburi 34:20, wisunze ya Bibiliya yitwa Septante.
3 Zaburi ya 34 irimwo ibindi vyiyumviro vyinshi bifitiye akamaro abakirisu. Ku bw’ivyo, muri iki kiganiro be no mu gikurikira, turaza kwihweza ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Dawidi yandika iyo zaburi, hanyuma duce turimbura ivyiyumviro biremesha tuyisangamwo.
Dawidi ahunga Sauli
4. (a) Ni kubera iki Dawidi yarobanujwe amavuta kugira ngo azobe umwami wa Isirayeli? (b) Ni kubera iki Sauli ‘yakunze cane’ Dawidi?
4 Igihe Dawidi yari akiri muto, Sauli yari umwami wa Isirayeli. Yamara, Sauli yaragambaraye bituma Yehova ataba akimutonesha. Ni co catumye umuhanuzi Samweli amubwira ati: “Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta” (1 Samweli 15:28). Mu nyuma, Yehova yabwiye Samweli kuja kurobanuza amavuta Dawidi, uno akaba yari umuhererezi mu bahungu ba Isayi, kugira ngo azobe umwami wa Isirayeli. Muri ico gihe, kubera yuko impwemu y’Imana itari ikiri ku Mwami Sauli, vyarashika akaza ariraburanirwa. Dawidi, uwari umucuraranzi w’umuhanga, yarazanywe i Gibeya kugira ngo asukurire uwo mwami, kandi umuziki yacuraranga waratuma Sauli yoroherwa, uno na we akaba yaciye ‘amukunda cane’.—1 Samweli 16:11, 13, 21, 23.
5. Ni kubera iki ukuntu Sauli yabona Dawidi kwahindutse, kandi ni igiki Dawidi yabwirijwe gukora?
5 Uko igihe cagenda kirarengana, Yehova yarerekanye ko ashigikiye Dawidi. Yaramufashije gutsinda wa Mufilisitiya w’ikigatanya Goliyati yongera aramushigikira ku buryo yahawe icubahiro muri Isirayeli kubera ubutwari yari afise mu vya gisirikare. Ariko rero, ukuba Yehova yarahezagira Dawidi vyatumye Sauli agira ishari, maze aca atangura kumwanka. Sauli yarateye icumu ryiwe Dawidi incuro zibiri, igihe yaba ariko aramuvugiriza inanga ari imbere yiwe. Kuri izo ncuro zompi, Dawidi yarashoboye kuzibukira iryo cumu. Igihe Sauli yagerageza ubugira gatatu kwica Dawidi, uwobaye umwami wa Isirayeli, uno yarabonye ko yabwirizwa guhunga kugira ngo arokore igufa. Amaherezo, kubera yuko Sauli yabandanije kugerageza kumufata ngo amwice, Dawidi yaciye afata ingingo yo guhungira mu karere katari ako muri Isirayeli.—1 Samweli 18:11; 19:9, 10.
6. Ni kubera iki Sauli yategetse ko abantu b’i Nobu bicwa?
6 Igihe Dawidi yariko ahunga yerekeza ku rubibe rwa Isirayeli, yaraciye mu gisagara c’i Nobu, ahari rya hema rya Yehova. Biboneka ko Dawidi yahunganye n’umugwi w’imisore yamukingira, kandi yararondeye ico we n’iyo misore bogaruza amate. Sauli yaramenye ko umuherezi mukuru yari yahaye Dawidi n’abantu biwe udufungurwa na rya cumu Dawidi yari yaratse Goliyati igihe yamwica. N’ishavu n’akantu, Sauli yaciye yicisha abantu bose baba muri ico gisagara harimwo n’abaherezi 85.—1 Samweli 21:1, 2; 22:12, 13, 18, 19; Matayo 12:3, 4.
Yongera kurusimba
7. Ni kubera iki ukuba Dawidi yahungiye i Gati kwari nk’uguhungira imvura mu muvo?
7 Dawidi avuye i Nobu, yaciye agenda nk’ibilometero 40 agana mu Burengero bw’akarere k’Abafilisitiya, maze ahungira ku Mwami Akishi mu gisagara c’i Gati, aho Goliyati yavukiye. Kumbure Dawidi yiyumvira ko i Gati ari ho hantu Sauli atoshoboye kuja kumuronderera. Ariko budakeye na kabiri, abasuku b’umwami w’i Gati baramenye Dawidi. Aho Dawidi yumviye ko yari yamenyekanye, yaciye “ahagarika umutima, agirira Akishi umwami w’i Gati ubgoba bginshi”.—1 Samweli 21:10-12.
8. (a) Zaburi ya 56 itubwira iki ku bijanye n’ivyashikiye Dawidi i Gati? (b) Dawidi yashoboye gute kurusimba?
8 Mu nyuma Abafilisitiya barafashe Dawidi. Bishoboka ko ico gihe ari ho Dawidi yatunganya zaburi ikora ku mutima, muri yo akaba yatakambiye Yehova ati: “Ushire amosozi yanje mw icupa ryawe” (Zaburi 56:8 be n’amajambo y’intangamarara). Yaciye rero aserura ko yizigira yuko Yehova atokwibagiye amarushwa yiwe, ahubwo ko yomwitwararikanye urukundo akongera akamukingira. Vyongeye, Dawidi yariyumviriye ukuntu yohenda uwo mwami w’Abafilisitiya. Yaciye yigira umusazi. Umwami Akishi abibonye, yarahambariye abasuku biwe ababwira ngo bamuzaniye ‘umusazi’. Nta nkeka ko Yehova yahezagiye ubwo buryo Dawidi yakoresheje. Dawidi yarirukanywe muri ico gisagara, aba yongeye kurusimba.—1 Samweli 21:13-15.
9, 10. Ni igiki catumye Dawidi yandika Zaburi ya 34, kandi ni bande ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi igihe yayandika?
9 Bibiliya ntivuga ko abari bashigikiye Dawidi boba barahunganye na we i Gati canke ko boba bagumye bamurerekeye bari mu bisagara vyo muri Isirayeli biri mu micungararo yaho. Baba barajanye canke batajanye, uko biri kwose bategerezwa kuba barahimbawe no gusubira guhurira hamwe igihe Dawidi yababwira ingene Yehova yari yongeye kumurokora. Ico kintu cabaye ni co catumye Zaburi ya 34 yandikwa, nk’uko amajambo yayo y’intangamarara avyerekana. Imirongo indwi ya mbere y’iyo zaburi, irimwo amajambo yerekana ukuntu Dawidi ashemeza Imana kubera ko yamurokoye, maze agaca atera akamo abamushigikiye kwifatanya na we mu gushira hejuru Yehova kuko ari we Murokozi Ahambaye w’abasavyi biwe.—Zaburi 34:3, 4, 7.
10 Dawidi n’abantu biwe baciye bahungira mw’isenga ry’i Adulamu mu karere ka Isirayeli kagizwe n’imisozi, kari nko ku bilometero 15 mu Buseruko bw’i Gati. Aho ni ho Abisirayeli bari barambiwe n’ukuntu ibintu vyifashe ku butegetsi bw’Umwami Sauli batangura kuza kwa Dawidi bakifatanya na we (1 Samweli 22:1, 2). Dawidi ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi abo bantu igihe yatunganya amajambo yo muri Zaburi 34:8-22. Ivyibutswa biri muri iyo mirongo na twebwe biradufitiye akamaro muri iki gihe, kandi nta gukeka ko nitwarimbura twitonze iyo zaburi nziza cane, tuza kuyungukirako.
Ivyo Dawidi yashira imbere y’ibindi vyoba ari vyo nawe ushira imbere?
11, 12. Ni imvo izihe zituma tuguma dushemeza Yehova?
11 “Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose, ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca” (Zaburi 34:1). Kubera ko Dawidi yari abayeho nk’igicibwa, ategerezwa kuba yari afise imyitwarariko myinshi y’ivy’umubiri, ariko nk’uko ayo majambo avyerekana, ivyo yakenera buri musi ntivyatumye adohoka ku mwiyemezo yari afise wo gushemeza Yehova. Ese ukuntu ako ari akarorero keza twokurikiza igihe turi mu bihe bigoye! Twaba turi kw’ishure, ku kazi, canke turi kumwe n’abakirisu bagenzi bacu, kibure turi mu busuku bwo mu ndimiro, gushemeza Yehova gikwiye kuba co kintu dushira imbere y’ibindi vyose. Hariho imvo nyinshi cane zituma dushemeza Yehova. Nk’akarorero, ntituzokwigera duheza kwiga ibijanye n’ibikorwa bitangaje vya Yehova vy’irema be no kubinezererwa. N’ikindi kandi, zirikana ku vyo amaze kurangura biciye ku gice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Yehova yarakoresheje abantu b’intahemuka mu buryo butangaje muri ibi bihe vya none, naho ari abanyagasembwa. Ivyo bintu Imana yakoze bihuriye hehe n’ivyo abantu bafatwa nk’imana muri iyi si bakora? None ntubona ibintu nka kumwe kwa Dawidi, uwanditse kandi ati: “Nta gihwanye nawe mu bigirwamana, Mwami; kandi nta bikorwa biriho bihwanye n’ivyawe”?—Zaburi 86:8.
12 Cokimwe na Dawidi, na twebwe turumva tuvyuriwe umutima wo kwama dushemeza Yehova kubera ibikorwa vyiwe ata co vyogereranywa. Vyongeye, turaryoherwa cane no kumenya ko Ubwami bw’Imana ubu butwarwa n’uwari Samuragwa wa Dawidi yamaho, ari we Yezu Kristu (Ivyahishuriwe 11:15). Ivyo bisigura yuko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu wegereje. Kazoza k’ibihe bidahera karahakwa guca mu myanya y’intoke abantu barenga imiliyaridi zitandatu. Ntivyari bwigere bikenerwa cane, nk’uko biri muri iki gihe, ko tubwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana be n’ivyo bugiye gukorera umuryango w’abantu, tukongera tukabafasha kugira ngo bashemeze Yehova bari kumwe natwe. Mu vy’ukuri, gukoresha akaryo kose kabonetse tukaremesha abandi kwakira neza ubu “butumwa bgiza” amazi atararenga inkombe, ni co kintu dukwiye gushira imbere mu buzima bwacu.—Matayo 24:14.
13. (a) Dawidi yirase nde, kandi ni abantu bameze gute bavyakiriye neza? (b) Abantu baciye bugufi biyegereza gute ishengero rya gikirisu muri iki gihe?
13 “Uhoraho ni we umutima wanje uzokwirata, abaciye bugufi bazovyumva, banezerwe” (Zaburi 34:2). Ico canditswe cerekana yuko Dawidi atirase kubera ibintu yashoboye kurangura. Nk’akarorero, ntiyirase ku bijanye n’uburyo yakoresheje mu guhenda wa mwami w’i Gati. Yaratahuye ko Yehova ari we yamukingiye igihe yari i Gati, be n’uko ari we yamufashije kurusimba (Imigani 21:1). Ku bw’ivyo, Dawidi ntiyirase ku giti ciwe, ahubwo yirase Yehova. Ivyo vyatumye abaciye bugufi biyegereza Yehova. Yezu na we nyene yarashimagiza izina rya Yehova, ivyo bikaba vyaratumye abantu bicisha bugufi kandi boroshe kwigisha biyegereza Yehova. Muri iki gihe, abantu baciye bugufi bo mu mahanga yose bariyegereza ishengero rikwiye kw’isi yose ry’abakirisu basizwe, Umutwe waryo akaba ari Yezu (Ab’i Kolosayi 1:18). Abo bantu baciye bugufi barakorwa ku mutima igihe bumvise abasavyi b’Imana bicisha bugufi bahimbaza izina ryayo be n’igihe bumvise ubutumwa bwo muri Bibiliya, buno bakaba babutahura bafashijwe n’impwemu y’Imana.—Yohana 6:44; Ivyakozwe n’intumwa 16:14.
Amakoraniro arakomeza ukwizera kwacu
14. (a) Dawidi yoba yarahimbarwa no gushemeza Yehova ari wenyene gusa? (b) Yezu yatanze akarorero akahe mu bijanye no gukoranira hamwe ku bwo gusenga?
14 “Ni muhimbazanye nanje [“Yehova”, “NW”], dushirane hejuru izina ryiwe” (Zaburi 34:3). Dawidi ntiyahimbarwa no gushemeza Yehova ari wenyene gusa. Yarateye akamo bagenziwe abigiranye igishika ngo bifatanye na we mu gushira hejuru izina ry’Imana. Yezu Kristu, we Dawidi Mukuru, na we nyene yarahimbarwa no gushemeza Yehova ari kumwe n’abandi, haba mw’isinagogi ry’aho yaba, haba mu gihe c’imisi mikuru yabera ku rusengero rw’Imana i Yeruzalemu canke igihe yaba ari kumwe n’abayoboke biwe (Luka 2:49; 4:16-19; 10:21; Yohana 18:20). Ese ukuntu ari agateka gateye umunezero kwigana ako karorero Yezu yatanze mu bijanye no gushemeza Yehova igihe cose bishoboka, turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera, canecane muri iki gihe uko ‘tubona wa musi wegereza’!—Abaheburayo 10:24, 25.
15. (a) Ivyashikiye Dawidi vyagize ico bikoze gute ku bantu biwe? (b) Twungukira gute ku kwitaba amakoraniro tugira?
15 “Narondeye Uhoraho, aranyitaba, ankiza ubgoba nari mfise bgose” (Zaburi 34:4). Ico kintu cashikiye Dawidi, yarabona ko gihambaye. Kubera ico, yaciye yongerako ati: “Uyu mugorwa yaratakamvye, Uhoraho aramwumva, amukiza amarushwa yiwe yose” (Zaburi 34:6). Igihe twifatanije n’abo dusangiye ukwizera, turaronka uturyo twinshi two kwigana ibintu vyubaka vyadushikiye bijanye n’ukuntu Yehova yadufashije kwihanganira ibihe bigoye. Ivyo birakomeza ukwizera kw’abo dusangiye ukwizera, nka kurya nyene ivyashikiye Dawidi vyakomeje ukwizera kw’abari bamushigikiye. Ku bijanye na Dawidi, bagenziwe “[baritegereje Yehova], mu maso habo harakemuka, mu maso habo nti[hi]gera hamāramāra” (Zaburi 34:5). Naho bariko bahunga Umwami Sauli, ntivyabamaramaje. Barizigira badakeka yuko Imana yari ifashe mu mugongo Dawidi, akaba ari co gituma mu maso habo hari hakemutse, ni ukuvuga ko bari banezerewe. Abaherutse gushimishwa be n’abakirisu b’ukuri bamaze igihe kirekire na bo nyene baritegereza Yehova, ni ukuvuga ko bamuhanga amaso ngo abashigikire. Kubera ko bibonera ukuntu abashigikira, umunezero bagaragaza uraheza ukerekana umwiyemezo bafise wo kuguma bari intahemuka.
Nukenguruke imfashanyo iva ku bamarayika
16. Yehova yakoresheje gute abamarayika biwe kugira ngo baturokore?
16 “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora” (Zaburi 34:7). Dawidi ntiyabona ko ukurokorwa na Yehova cari ikintu yari kugirirwa wenyene. Ego ni ko Dawidi yari yarasizwe na Yehova ngo azobe umwami wa Isirayeli; yamara yari azi ko Yehova akoresha abamarayika biwe kugira ngo bacungere abasavyi ba Yehova bose b’intahemuka, baba abahambaye canke abaciye bugufi. Muri iki gihe cacu, abasavyi ba Yehova b’ukuri na bo nyene bariboneye ukuntu Yehova abakingira. Nk’akarorero, mu Budagi bwatwarwa n’Abanazi, muri Angola, muri Malawi, muri Mozambike be no mu bindi bihugu vyinshi, abategetsi baratanguje amasekeza yo kuzimanganya Ivyabona vya Yehova. Ivyo bagize vyose vyabaye impfagusa. Aho kubazimanganya, abasavyi ba Yehova bo muri ivyo bihugu barabandanya kwongerekana uko bashira hejuru izina ry’Imana bari hamwe. Uti kubera iki? Kubera yuko Yehova akoresha abamarayika biwe beranda kugira ngo bakingire abasavyi biwe bongere babayobore.—Abaheburayo 1:14.
17. Abamarayika b’Imana badufasha mu buryo butandukanye ubuhe?
17 N’ikindi kandi, abamarayika ba Yehova barashobora kuyobora ibintu kugira ngo uwo wese atsitaza abandi akurwe mu basavyi ba Yehova (Matayo 13:41; 18:6, 10). Naho nyene tutoshoka tubimenya, abamarayika barakuraho intambamyi zoshobora kuburabuza umurimo turangurira Imana, kandi bakadukingira ibintu bishobora kugeramira ubucuti dufitaniye na Yehova. Igihambaye kuruta, baratuyobora mu gikorwa turangura co kubwira abantu bose “ubutumwa bgiza butazoshira”, bakabigira no mu gihe ico gikorwa co kwamamaza twoba tukirangurira ahantu ivyaho bigoye cane (Ivyahishuriwe 14:6). Ibimenyamenya vy’uko abamarayika badufasha biravugwa akatari gake mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bisohorwa n’Ivyabona vya Yehovaa. Ivyo bimenyamenya usanga ari vyinshi cane ku buryo ata woshobora kuvuga yuko biba ku gihamana.
18. (a) Dusabwa iki kugira ngo abamarayika badufashe? (b) Ni ibiki vyihwezwa mu kiganiro gikurikira?
18 Kugira ngo tubandanye kuyoborwa no gukingirwa n’abamarayika, dutegerezwa kuguma dushira hejuru izina rya Yehova naho twoba turiko turarwanywa. Niwibuke yuko umumarayika w’Imana ashagaje gusa ‘impande z’abubaha Yehova’. None ukwo kwubaha Yehova, ari kwo kumutinya, bisaba iki? Ugutinya Imana ni iki, kandi dushobora gute kugutsimbataza? Bishoboka bite ngo Imana y’urukundo idusabe kuyitinya? Ivyo bibazo birihwezwa mu kiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 550; igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 2005, urupapuro rwa 54; Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2000, urupapuro rwa 5-6; uwo ku wa 1 Nzero 1991, urupapuro rwa 27; be n’uwo ku wa 15 Ruhuhuma 1991, urupapuro rwa 26 (yose iri mu gifaransa).
Wokwishura gute?
• Ni ingorane izihe Dawidi yihanganiye akiri umusore?
• Nka kumwe kwa Dawidi, ni ibiki dushira imbere y’ibindi?
• Tubona gute amakoraniro ya gikirisu?
• Yehova akoresha gute abamarayika biwe kugira ngo badufashe?
[Ikarata ku rup. 21]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Rama
Gati
Sikulagi
Gibeya
Nobu
Yeruzalemu
Betelehemu
Adulamu
Keyila
Heburoni
Zifu
Horeshi
Karumeli
Mayoni
Eni-gedi
Ikiyaga c’Umunyu
[Abo dukesha ifoto]
Map: Based on maps copyrighted by Pictorial Archive (Near Eastern History) Est. and Survey of Israel
[Ifoto ku rup. 21]
No mu gihe Dawidi yari abayeho aza aranyegera, yarashize hejuru izina rya Yehova
[Ifoto ku rup. 23]
Ukwizera kwacu kurakomezwa igihe twumviriza ivyabonywe vyubaka vyiganwa igihe abakirisu bakoraniye hamwe