Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
3 Tora icumu ryawe n’ishoka* yawe urwanye abankurikirana+,
maze umbwire uti: «Ni jewe bukiriro bwawe+.»
4 Ese abahiga ubuzima bwanje bomaramara bagateterwa+!
Abarondera kunyica nibasubire inyuma bishwe n’ibimaramare.
6 Inzira yabo nicike umwiza n’ahantu hanyerera,
igihe umumarayika wa Yehova ariko arabakurikirana.
7 Kuko banyegeje urusenga ngo ndarugwemwo bampora ubusa,
bakimba ikinogo ngo ndakigwemwo ata co bampora.
8 Ese ivyago vyobazako giturumbuka,
urusenga banyegeje akaba ari bo rufata!
Ese borugwamwo bagatikira+!
9 Ariko jeho nzonezerwa kubera Yehova,
mpimbarirwe ubukiriro atanga.
10 Nzovuga n’umutima wanje wose nti:
«Ewe Yehova, ni nde ameze nkawe,
13 Igihe bari barwaye, nambara amagunira
nkongera nkibabaza mu kwisonzesha.
Igihe na ho naba nsenze ariko sinishurwe*,
14 nagenda nk’uwugandariye umugenzi canke mwenewacu,
nkunama nishwe n’intuntu nk’uwugandariye nyina wiwe.
15 Ariko igihe natsitara, bararyohewe maze bakoranira hamwe.
Baragiye hamwe barambundira kugira bantere.
Barantabaguye kandi ntibigeze bahora.
17 Ewe Yehova, uzobirabisha amaso gusa gushika ryari+?
19 Ntureke ngo abanyankira ubusa+ banyirateko.
Ntureke ngo bavunanire ingohe barondera kungirira nabi+.
20 Kuko batipfuriza abandi amahoro,
ahubwo baguma bapanga imigambi yo kugirira nabi abantu bitekaniye+.
21 Barataburura akanwa kugira banyagirize,
bakavuga ngo: «Emwe, twavyiboneye!»
22 Ivyo warabibonye, ewe Yehova! Ntugume wihoreye+.
Ewe Yehova, ntugume kure yanje+.
23 Vyuka, uhaguruke umburanire.
Ewe Mana yanje Yehova, numburanire mu rubanza rwanje!
25 Ese batokwigera bavuga ngo: «Aho rero! Turaronse ico twarondera!»
Ese batokwigera bavuga ngo: «Twamurokeje+!»
26 Abo bose banezerwa n’ivyago vyanje
nibamaramare barye ivyatsi.
Abanyiratako nibambare ibimaramare n’agateterwe.
27 Ariko abahimbarwa n’ubugororotsi bwanje nibanezerwe.
Ese bokwama bavuga bati:
«Yehova nashemezwe, we ahimbarwa n’uko umusavyi wiwe agira amahoro+!»