ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/6 rup. 30
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Yigisha Nikodemu mw’ijoro
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Yigisha Nikodemu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Abakirisu bose b’abizigirwa boba baja mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/6 rup. 30

Ibibazo vy’abasomyi

Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira Nikodemu ati: “Nta wadūze mw ijuru atar’uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu”?​—Yohana 3:13.

Ico gihe Yezu yari kw’isi kandi ntiyari bwaduge ngo asubire mw’ijuru. Ariko rero, ivyo tuzi ku vyerekeye Yezu be n’ibivugwa mu mirongo ikikuje ayo majambo biradufasha kubona ico yashaka kuvuga.

Yezu “[y]amanutse ava mw ijuru” mu buryo bw’uko yari yarabaye mw’ijuru ari kumwe na Se wiwe, yamara igihe cashinzwe kigeze, ubuzima bw’uwo Mwana w’Imana bwarimuriwe mu nda ya Mariya, bica bituma Yezu avuka ari umuntu (Luka 1:30-35; Ab’i Galatiya 4:4; Abaheburayo 2:9, 14, 17). Yezu amaze gupfa, yozuwe ari ikiremwa c’impwemu maze agasubira kubana na Yehova. Ni co gituma gatoyi imbere y’uko yicwa, yashoboye gusenga ati: “Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa”.​—Yohana 17:5; Abaroma 6:4, 9; Abaheburayo 9:24; 1 Petero 3:18.

Igihe Yezu yavugana na Nikodemu, uwari Umufarizayo akaba n’umwigisha muri Isirayeli, ntiyari bwasubire mw’ijuru. Vy’ukuri, nta wundi muntu yari yarapfuye hanyuma arazukira kuba mw’ijuru. Yezu ubwiwe yarivugiye yuko Yohani Umubatizi yari umuhanuzi w’Imana aruta abandi, ariko ko ‘umutoya mu bwami bwo mw’ijuru aruta’ Yohani (Matayo 11:11). N’ikindi kandi, intumwa Petero yarasiguye yuko na wa Mwami w’intahemuka Dawidi yari amaze gupfa kandi ko yari akiri mu mva; Dawidi ntiyaduze mw’ijuru (Ivyakozwe n’intumwa 2:29, 34). Hariho rero impamvu yatumye abapfuye imbere ya Yezu nka Dawidi, Yohani Umubatizi be n’abandi bantu b’intahemuka bataja mw’ijuru. Bapfuye imbere y’uko Yezu yugururira abantu inzira yo kuja kuba mw’ijuru, ni ukuvuga imbere y’uko atuma bashobora kuja kubayo. Intumwa Paulo yanditse ko Yezu yabaye nk’integuza ‘atobora inzira nshasha kandi nzima’ (UB) ishikana mw’ijuru.​—Abaheburayo 6:19, 20; 9:24; 10:19, 20.

None ko Yezu atari bwapfe kandi akaba atari bwazuke, yashaka kuvuga iki mu kubwira Nikodemu ngo: “Nta wadūze mw ijuru, atar’uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu” (Yohana 3:13)? Rimbura ivyo Yezu yariko araganira na Nikodemu.

Igihe uwo Muyuda, uwari asanzwe ari umukuru, yaza aho Yezu ari yikinze ijoro, Yezu yamubwiye ati: “N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana” (Yohana 3:3). Mu kwishura, Nikodemu yabajije ati: ‘Ivyo bishoboka bite? Umuntu ashobora ate gusubira kuvuka?’. Ntiyatahura iyo nyigisho iva ku Mana ijanye n’ukuba mu Bwami bw’Imana. Hoba hari ubundi buryo yari gushobora kubimenya? Mu vy’ukuri, ntiyobimenye yisunze ukuntu abantu babona ibintu. Nta muntu n’umwe yari gushobora kubimwigisha kuko ata n’umwe yari yarabaye mw’ijuru, gutyo ngo ashobore kugira ico amusigurira ku bijanye n’ivy’ukwinjira muri ubwo Bwami. Yezu ni we wenyene gusa yari abishoboye. Kubera ko yari yamanutse ava mw’ijuru, yari ashoboye kwigisha Nikodemu be n’abandi ibijanye n’ico kintu.

Ico kibazo kijanye n’ico canditswe kiratwereka akamaro ko kwiyigisha Ijambo ry’Imana. Ntivyoba biranga ubukerebutsi umuntu atsitajwe n’icanditswe kinaka kubera ko gusa gisa n’ikigoye gutahura. Ico Bibiliya ivuga mu canditswe kinaka, umuntu ategerezwa kugitahura abifashijwemwo n’ibindi vyanditswe, kandi gitegerezwa kuba gihuye na vyo. N’ikindi kandi, akenshi turavye amakikuro y’icanditswe kinaka kitugoye gutahura, ni ukuvuga ukuntu ibintu vyari vyifashe be n’ivyariko biganirwako, birashobora kudufasha gutahura mu buryo bwumvikana insobanuro yaco.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika